UMUTUMIRO WAMASENGESHO KUBANTU BOSE BIFATANIJE NIHANGA RYERA RYIMANA NIBICANIRO VYAMASENGESHO VYOSE.

Hanga Ryera ry’Imana, namwe mwese muri mu rugendo rugana Kanani yo mw’Ijuru kwa Data, bakunzi b’umusaraba mwese namwe mwese murindiriye Isezerano Uhoraho Imana yasezeranye.
Turacabandanya gusemerera nkuko Imana yadutegetse ngo tubwire abaremwe bose ngo bihane, biyeze kandi bahindure ingeso zabo kuko harico Imana y’ Ubushobozi igire yikorere.
URUFATIRO
-Mwame mwibuka gukunda Imana n’abantu, kuvuga ubutumwa bwiza no kuramura abigishwa hamwe no guteramira amasezerano. (Matayo 28: 18-20)
- Musindagize abacumbagira n’abafise amagara make muri uru rugendo rwo kugera ikirenge muca Yesu Kristo, ntihagire uwo dusiga inyuma kubera kudatahura canke gutahura guke ubuntu bw’Umwami n’Umukiza wacu Yesu Kristo.
INYIGISHO
- Yesu ntatoranya abeza n’intwari gusa, akoresha abantu bose babigomba kandi biteguye ( Matayo 4:18-22 na Ivyakozwe n’intumwa 22:3)
- Yesu niwe yadutoranije kuko yatadukunze ubwambere sitwe twamutoranije ( Yohana 15:16)
- Umuhamagaro wacu wa mbere ni ukubana n’Imana no kuyikorera. Umuhamagaro ukurikira ni ugukorera aho dutuye: umubiri wacu, umuryango n’igihugu (2 Ingoma 7:14)
- Kugira ngo dukurikire Yesu Kristo dutegerezwa guheba vyose amagara, imiryango n’ivyo dutunze. Kandi guteba kwitaba umuhamagaro ni ukugarariza ( Matayo 4: 18-22)
- Dusabwa kwama ivyamwa kandi ntiyaduhamagaye kuko twifise mugabo yaduhamagaye ngo aduhe ibikenewe ( Yohana 15:8 na Luka 19:10)
IMITWARO YO GUSENGERA
– Gusengera abagwayi, abagendana ubumuga, abageze muza bukuru, impunzi, abapfunzwe, abari mu mutekano muke, abana bo mwibarabara n’imitwaro itandukanye itwegereye.
Umwami wacu Yesu abahezagire mwese!