Ihanga Ryera ry’Imana rirangwa n’ibikogwa, umuco n’ukuri.

IHANGA RYERA RYIMANA RIRANGWA N’IBIKOGWA, UMUCO N’UKURITurabaramukije amahoro ya Yesu Kristo, Shalom! Umwami wacu Yesu ahimbazwe! Turi n’umunezero ntangere wo kwongera gutangura iyindi ndwi y’ibikogwa. Ihanga Ryera ry’Imana si iryo ku mbuga ngurukana bumenyi nka Facebook na Whatsapp. Ihanga Ryera ry’Imana si amajambo yandikwa canke ngo avugwe muri audio akarungikwa nkuko mu vyumva mu bantu canke imigwi itandukanye. Ihanga Ryera ry’Imana ni ibikogwa! [Ezekiyeli 17:23]Ihanga Ryera ry’Imana, ni Ishengero rya Kristo Yesu riri mu gihugu cacu no mu mahanga, ni ibicaniro mirongo aho abahungu n’abakobwa, abagabo n’abagore bama bahura ijoro n’umurango bagakorana, bakaririmba, bakiga ijambo ry’Imana, bagasenga maze Imana ikururuka iravugana nabo. [1Abitesaloniki 5:17]Ihanga Ryera ry’Imana si akarimi gusa nkuko abaryigana babikora, Ihanga Ryera ry’Imana rirangwa n’ibikogwa vyo kuduga imisozi, kujabuka inzuzi, kuja mu mashengero atandukanye no kuja mu mihana, kudodora ku myango y’ingo maze tukavuga ubutumwa bwiza tubwira abaremwe bakatwibonera amaso mu yandi, bakatwiyumvira bakanatwibariza ibibazo. [Matayo 28:16-20]Ihanga Ryera ry’Imana si amajambo, ni ibikogwa vy’ukwihanisha abanyavyaha, kubatiza mu mazi menshi abihanye, gufasha abagowe, gufasha impfuvyi, abapfakazi n’abandi bari mu bibazo bitandukanye. [Imigani 19:17]Ihanga Ryera ry’Imana si ugusigura inzozi, inyereko n’ubuvugishwa gusa, naho nivyo ari vyiza kugira ngo abantu bagendere mu muco wivyo ijururu ribabarira. Ihanga Ryera ry’Imana, ni ibikogwa biboneka, gusenga tukishugwa, indwara zigakira harimwo za sida na za kanceri n’zindi, imitwaro ikishugwa, ingumba zikavyara n’amasezerano agashitswa. Dusenga Imana ikora ibitangaza [Ivyakozwe n’Intumwa 3:16, Kuvayo 15:26, Yeremiya 32:27, Luka 18:27, Yohana 2:11]Ihanga Ryera ry’Imana si umugwi waba nciyaha ugenda uriyamamura, wiyamamaza, wiyimika usubira canke ngo ugende urakwiragiza utujambo twimburakimazi uhatira abantukwikorera amabuye udashobora. Ihanga Ryera ry’Imana ryigisha abantu kwihana, kwezwa no gutunganya ingeso zabo. Twigisha abantu kwizera Umwami wacu Yesu Kristo no kumenya yuko ariwe wenyene nzira n’ukuri n’ubugingo. [Yohna 14:6]Ihanga Ryera ry’Imana, twigisha abantu kumenya yuko Mpwemu w’Imana yamaze gusukwa kubari n’ubugingo bose, yuko abantu bavugishwa, berekwa kandi yuko barota inzozi zivuye k’Uhoraho Imana. Naho satani yokwigana Imana yuko ivyiwe vyamenyekanye, yarahonyowe ku gakanu na Yesu Kristo. Twigisha abantu yuko Yesu Kristo agiye kugaruka gutora Ishengero, yuko umuntu wese akwiriye kwitegura n’umuryango wiwe. [Yoweri 2:28, Ivyakozwe n’Intumwa 2:17]Ihanga Ryera ry’Imana ntiriduga imisozi yamasengesho kugira ngo rironke imigisha n’imihezagiro yo mw’iyi si. Imigisha itubera inyogera! [Matayo 6:33]Ihanga Ryera ry’Imana rifata iminsi myinsi yo gusenga ryisonzesheje kugira ngo ryegere Uklhoraho Imana ryejejwe, ritagira agasembwa n’amarabaga, kugira ngo risabe imigisha yo mw’ijuru ibindi ni inyongera.Ihanga Ryera ry’Imana rifata iminsi yo kuba Imbere y’Imana mu ndwi kugira ngo risengere imitwaro itandukanye, risiguze Uhoraho Imana kandi risengere igihugu c’Uburundi no mu guteramira amasezerano.Ihanga Ryera ry’Imana nti ryisuka muvya politike, ntawe ricira urubanza canke ngo rikurikize amajambo mabi. Turi abacunguwe, abakijijwe n’inyegu z’Imana yo mw’ijuru.Ihanga Ryera ry’Imana si ikivange. Ribwira ubutumwa kandi risengera umuntu umwumwe ku giti ciwe, ntirikora mu kivunga kandi rikorera mu kuri no mu muco.. Hari ico ubaza ni wegere umwe mu bakozi b’Imana b’ukuri bakwegereye. Yesu abahezagire mwese!