UMUTUMIRO W’AMASENGESHO Y’IY’INDWI 1/9-6/9-2019.

Hanga Ryera ry’Imana namwe bakunzi b’umusaraba mwese aho muri mu gihugu c’Uburundi no mu mahanga, nkuko twama tubugenza, twaritavye akamo Uhoraho Imana yaduteye ko kwama dufise iminsi yo gusenga mu ndwi. Abahawe kwisonzesha bariyizi abandi nabo ku minsi itandukanye baguma basenga umwanya wose ku bicaniro, ku kazi, mu rugendo no mu mihira iwabo.
URUFATIRO
“ Mwishamba ubona harimwo igiti. Muri iryo gugu ry’abantu harimwo umuntu. Gira umuntu usengera vy’umwihariko kandi gira uwo ubwiye ubutumwa” Yohana 1:35-42
INYIGISHO
- Gira urukundo kuri bose nkurwo Imana yadukunze, ubwire abantu yuko Yesu ariwe buye ry’ubugingo: 1Petero 2:4-12
- Rondera Umukiza kandi uzane benshi ku kugororoka. Ntahandi hari amahoro, ubutunzi no gukira atari muri Yesu Kristo: Yesaya 9:6.
- Semerera kandi ushikane benshi kukugororoka kuko Uhoraho Imana aragomba gukiza, gutabara no gushira hejuru abamwubaha bose: Abaheburayo 13:20-21.
IVYO UMUNTU WESE YOKORA - Kwitanga kuba icabona c’ubutumwa bgiza bga Yesu Kristo.
-Kugenda kubgira abandi ubutumwa bgiza mu rukundo, ubugwaneza no guca bugufi. - Kumenya no kwihana ivyitwazo bitubuza imirimo y’iteka nko kwidibamira, ngo inzira zose zigana isiyoni, ngo ufise ufise akazi kenshi, ubgoba bgo kutemegwa, ngo ivy’Imana biri uku na kuriya, n’ibindi.
Vuge ubutumwa kuri telefone, ku mbuga ngurukanabumenyi n’aho ugeze hose kuko urazi yuko impera y’icaha ari urupfu babazwa n’abahona.
IMITWARO YO GUSENGERA
- Ingo z’abarundi bari mu gihugu n’abari mu mahanga. Gusengera imiryango cane kuko satani ariko arayisambura kugira ngo aburabuze abana, abagore n’abagabo kandi iyicifashe neza muyisabire uburinzi.
- Abagwaye, abapfunzwe, impunzi, impfuvyi abapfakazi, abageze mu zabukuru n’abagendana ubumuga.
- Musengere abakozi b’Imana bose baba abakorera mu mashengero, abakorera ku mbuga ngurukana bumenyi canke abakorera irya n’ino. Harivanzemwo ababeshi, abasuma, abanyavyaha n’ibikoresho vya satani kugira ngo bayovye benshi.
- Gusengera Ihanga Ryera Ry’Imana kugira ngo ubgoko bw’Imana ntihabemwo ikivange.
Umwami wacu Yesu Kristo abahe gutahura ibanga riri mu gusenga mu kuri no mu Mpwemu kandi abahezagire mwese.