IHANGA RYERA RY’IMANA rifise amashimwe k’Uhoraho Imana yacu kubwo amasengesho yishuwe beneData bakaronka abo bubakana kandi bagakora ubugeni.
Imana yacu ni Imana yumvwa, Imana ivuga kandi yishura. Turemeza neza yuko umukobwa, n’umuhungu wese afise uwo Imana yamuteguriye. Iyo hageze ni ugusenga ukamenya uwariwe. Bituma utishingira bikakuviramwo umuruho, amaganya no kwicuza nkuko tubibona kenshi.
Umwami wacu Yesu Kristo ahezagire abubatse izabo kandi acire inzira abatarubaka.
