Umutumiro w’amasengesho y’Ihanga Ryera ry’Imana

UMUTUMIRO W’AMASENGESHO Y’IYI’NDWI 9-15/ 09/2019

Hanga Ryera ry’Imana namwe mwese bakunzi b’umusaraba wa Yesu Kristo, nkuko Uhoraho Imana yabidutegetse, dufise imigwi itandukanye y’amasengesho isenga kira munsi wo mu ndwi. Bamwe bafise iminsi yo gusenga biyirije kuwa kabiri no kuwa kane abandi bakisonzesha iyo babirongowemwo kuwa gatatu no kuwa gatandatu. Guhera ubu harageze yuko umuntu wese wo mw’Ihanga Ryera ry’Imana, umukunzi w’Imana n’uwuzi yuko ari umuKristo wese yimenyereza kuba imbere y’Imana no gusenga n’iburiburi gatatu ku munsi. Agafata umwanya mu gitondo sa sita no ku mugoroba. Igihe cose twame twibuka kwiyeza no gutunganya ingeso imbere yuko dukora icarico cose.

URUFATIRO

“Bwire abantu bose yuko umuriro udahera atari igikangisho n’iterabwoba ry’abaKristo mugabo yuko ari ukuri kwamye kandi umuntu wese kwashobora kwihitiramwo akiraho ijuru canke kija umuriro.” [Luka 16:19-31].

INYOGISHO

1. Umuriro udahera ni ikibanza kizamaho ibihe vyose [Umusiguzi 3:11; Luka 16:22; 1Yohana 5:13] Umuntu wese izina ryiwe ritanditse mu gitabo c’umugingo azoja muri iyo nyenga y’umuriro.

2. Umuriro udahera ni ikibanza c’amahano no kubabarizwamwo. [Mariko 9:43; Matayo 25:41; Ivyahishuriwe 20:10 na 20:15]

3. Umuriro udahera ni ikibanza giteye ubwo aho umuntu azobabarizwa, aturigwa, atazima kandi adatongongoka ibihe bidashira.

4. Umuriro udahera ni ikibanza c’amaganya, ukwihebura n’agahinda. Nta butumwa bgiza, nta ndirimbo, nta kwihana, nta nisengesho ribayo.

5. Mu muriro udahera ni ikibanza atawe uyagira, atanumwe akunegwa. Ni ikibanza umuntu azobamwo wenyene nkitabga.

6. Umuriro udahera ni ikibanza co gutandukana n’Imana n’abantu [Abifilipi 2:11]

7. Umuriro udahera ni ikibanza umuntu azojamwo kubera yuko yabigonvye kandi yacihitiyemwo mu kugarariza ijambo ry’Imana, mu kutumvira Mpwemu Yera no guhitamwo inzira za satani. [Yohani 3:18 na 14:1-6]

Tumenyeshe abantu yuko ivyagezwe vya Mose canke izindi zira zose abantu bigenera zidajana mw’ijuru, mugabo yuko Yesu Kristo wenyene ariwe nzira n’ukuri n’ubugingo [Yohana 14:6]

IVYO MPWEMU YERA AHISHURA

-Hariho abapfuye bagendagenda kuko batamenye Yesu Kristo. Umuntu aba muzima vy’ukuri iyo yamenye Yesu Kristo akamubera umwami n’umukiza gusa.

– Hariho impumyi zihenda ngo zirabona kandi zigendera mu muzimagiza zikanazimiza abanda, muzirinde.

– Hariho n’abagenda amenya, bambaye ubusa n’ubwambure bwabo bukibonekeza ariko bobo bakihenda ngo barikwije.

Abo bose ivyaha vyabo barabigendana, bakabivugana ubutumwa, bakabiririmbana, bakabivugishwana, bakabisengana ntibahinduke. Muzobamenyera ku vyamwa vyabo. Mwirinde kuba nkabo.

IMITWARO YO GUSENGERA

– Tuzosengera abo Mpwemu w’Imana yahishuye: abapfuye bagenda, impumyi n’abagenda gusa mu buryo bw’impwemu.

– Tuzosengera abagwaye, abapfunzwe, impunzi, abatagira aho baba, abageze muzabukuru, abagendana ubumuga, impfuvyi n’abapfakazi.

– Tuzosengera kandi ibikogwa vy’Ihanga ry’Imana, n’imitwaro yose yo mw’ibanga n’iyiharagara.

Woba ufise ico ubaza, umutwaro wo gusengegwa, ushaka kwakira Yesu Kristo nk’Umwami n’Umukiza wawe, ushaka kubatizwa, ushaka gusigurigwa inzozi canke gufadikanya n’abandi imirimo y’Imana? Niwegere umukozi w’Imana ari hafi canke uje kugicaniro kiri hafi ubishikirize abakozi b’Imana, canke utwandikire tukurangire uko ubigenza.

Umwami wacu Yesu Kristo abahezagire mwese aho muri mu gihugu cacu no mumahanga!