
INTAHE N’AMASHIMWE K’UHORAHO IMANA Y’IHANGA
Hanga Ryera ry’Imana, namwe mwese bakunzi b’umusaraba wa Yesu Kristo, dusenga Imana yumva, Imana ivuga kandi Imana yishura. Impumyi zirahumuka, ingwara zirakira, ibitangaza bitandukanye birakoreka n’abavyeyi bagasama, bakibaruka abana bagakura kubwo ubushobozi bwa Yesu Kristo.
Hanga Ryera ry’Imana, kugira ngo mumenye yuko mwahamagawe n’Uhoraho Imana ya Aburahamu, Imana ya Isaka, Imana ya Yakobo, Imana ya Dawidi, Ndiho, uwamyeho, ariho kandi azokwamaho, Yesu Kristo; mutegerezwa kubona ibitangaza biva mw’ijuru.Vyinshi biramaze gukorekera mu maso yanyu kandi n’ibindi biri munzira. Imana yavuze yuko izokwiyerekana hagati muri mwebwe mu nzira zose. Musabwa mwese kwihana, kwiyeza no gutunganya ingeso zanyu kugira ngo mwibonere ico Uhoraho Imana ya ba sogokuru mu kwizera agire yikorere hagati muri mwebwe kuko igira ibashire hejuru. Mudufashe gukengurukira Uhoraho Imana Yehova kubitangaza akomeza gukora n’ibindi vyinshi agomba akorere Ihanga Ryera yitoranirije mw’izina ry’ubushobozi rya Yesu Kristo, Amen!