Umutumiro w’Amasengesho y’iy’indwi

UMUTUMIRO W’AMASENGESHO Y’IY’INDWI

Hanga Ryera ry’Imana namwe mwese bakunzi b’umusaraba wa Yesu Kristo, nkuko Uhoraho Imana yabidutegetse twama dufise iminsi yo gusenga twisonzesheje, turi imbere y’Imana tuyitazira, tuyisenga tukanayitakambira kubwo imitwaro y’abantu n’imitwaro y’igihugu cacu c’Uburundi. Ubu twatanguye gusenga iminsi yose yo mu ndwi aho hari abaja ku munara w’amasengesho mu gitondo, ku mutaga no ku mugoroba. Iciyongeyeko umwe wese ni arondere uwo asengera kandi amubwire ubutumwa yihane.

  1. URUFATIRO

“Twihane, twiyeze kandi twitunganye kugira tubwire abaremwe bose UBUTUMWA BWIZA BWA YESU KRISTO.” [1Abikoronto 15:1-5]

Ukwihana, ukwiyeza no kwitunganya bituma ducika abakizwa kuko iyo wemeye yuko uri umunyavyaha kandi yuko udashobora kugororoka kubwo ibikogwa vyawe haba kugerageza kwikiza mu kwubaha ivyagezwe kuko bizana umuvumo [Abigalatiya 3:10-14] n’urupfu [2Abikorinto 3:6] mugabo mu kwizera yuko amaraso ya Yesu Kristo yonyene ariyo ashobora kudukiza.[1Petero1:18:19]

  1. INYIGISHO
  2. Kuba Yesu Kristo yadupfiriye kubera ivyaha vyacu ni ishimikiro n’urufatiro gwo kwigisha ubutumwa bwiza b’Ubwami. [Abaroma 6:23]
  3. Yesu Kristo, inyigishi ziwe n’ibikogwa vyiwe ni ishimikiro n’urufatiro rwo kwigisha no kuzana benshi ku gakiza. [Yohana 1:14; 1Peter2:22]
  4. Ukuzuka kwa Yesu Kristo ni icemezo yuko amasezerano yose twasezeraniwe mu butumwa bwiza ari ukuri kuboneka. [1Abikorinto15:54-55]
  5. Yesu Kristo yaduhaye agakiza k ubuntu rimwe rizima. Nta muntu n’umwe yoronka ikiguzi canke igisubirizi. [Abayefeso 2:8-9]
  6. Kuba umukizwa, ni ukuba umukristo iminsi yose mu vyiyumviro, mu mvugo no mubikogwa. Muri wewe nyene, mu muryango wawe no mu bantu bose.
  7. Kuba umuKristo si izina ahubwo ni imero y’ukubaho no kudakekeranya yuko upfuye woja mw’ijuru kubana n’Imana, utoja mu muriro udahera.
  8. Kuba umuKristo w’ukuri ni ukumenya neza yuko ata kindi kintu na kimwe wokora cokujana mw’ijuru atari ukwizera no gukurikira Yesu Kristo, we Nzira n’Ukuri n’Ubugingo. [Yohana14:6].
  9. Ukuba umuKristo ni ukwizera ijambo ry’Imana ryanditse muri Bibiliya Yera, ukwizera ijambo ry’Imana riciye mu buvugishwa bw’ukuri no gukunda Imana n’umutima wawe wose, n’ubwenge bwawe bwose, n’ivyiyumviro vyawe vyose no gukunda abaremwe bose. [Matayo 22:34-40]
  10. Ukuba umukristo ni wewe ubwawe ku giti cawe ugiranira imigenderanire y’urukundo n’ubugenzi n’Umwami akaba n’Umukiza Yesu Kristo maze ukarongongwa na Mpwemu Yera [Abaroma 8:14]
  11. Ukuba umuKristo ni ukubwira abandi ubutumwa bwiza bwa Yesu Kristo, mu gushinga intahe, mu gusenga, mu gutazira, mu kubwiriza no mu kwitangira abandi. [Mariko 16:15]
  1. GUHINDURA IKIYAGO GISANZWE IVUGABUTUMWA

“Imana iragomba yuko umuKristo wese amenya guhindura ikiyago gisanzwe ivugabutumwa. “I muhira, ku nzira ku kazi canke ahandi, kugira uvuge ivya Yesu Kristo.

  1. Kuba umugwaneza no kugira urukundo  kubantu utazi niyo nzira ihambaye yo kuvuga ubutaumwa utarinze gukoresha amajambo menshi. Ibikogwa bivuga cane gusumba amajambo [Yohana 13:35]
  2. Kwama usenga kandi usengera abandi aho ugeze hose. Kubaza umuntu yuko hari umutwaro afise agomba yuko wosengera, mbere no kuja gusengera abari mu bibazo bitandukanye. [1 Abitesalonike 5:17]
  3. Mu rukundo n’ubugwaneza, twenga kandi utenzwe abandi hanyuma ubaze akabazo gashira muvyo impwemu. Kubaza iyo umuntu yoja apfuye. Kubaza yuko umuntu afise uwumuhoza umubabaro, n’ibindi…kugira ushingire intahe Umwami Mana [2Abikorinto 5:20]
  4. Gushingira intahe Yesu Kristo si ugutera ubwoba abantu, kubacira urubanza canke kuvyura impari mugabo ni ukwerekana urukundo rw’Imana. [Abaheburayo 12:15]
  1. IMITWARO
  2. Tuzosengera abatarakizwa kugira ngo bamenye Yesu Kristo kandi n’abamumenye hanyuma bakivanga n’isi ngo bahinduke bihane bezwe kandi bavugutigwe.
  3. Tuzosengera abagwaye, abafise ibibazo bitandukanye, abapfunzwe, abahunze, abageze mu zabukuru, abafise ubumuga, abatagira aho baba, abashonje, abari mu bukene…
  4. Tuzosengera igihugu cacu ngo Imana igishitsemwo amasezerano meza kandi menshi yagisezeraniye.

Umwami wacu Yesu Kristo abahezagire mwese, Amen!