
INTAHE N’AMASHIMWEY’IHANGA RYERA RY’IMANA
Hanga Ryera ry’Imana, ntituzosinzira tutadugije amashimwe k’Uhoraho Imana yacu. Tuzokwama duhaguruka kuririmbira no gutambira Umwami wacu Yesu Kristo kubwo ibitangaza aguma akora hagati muri twebwe. Dusenga Imana yumva, Imana yishura kandi Imana ikora ibitangaza, igatabara abayitakambira ijoro n’umurango bose.
Uyu muvyeyi mubona kuri iyi sanamu, yaramaze imyaka n’iyindi yivuza ku baganga batandukanye hirya no hino mu bihigu bitandukanye vya Afrika mugabo vyaranse. Niho abo bahinga banonosoye ubuvuzi bamubwira yuko ingwara yiwe badashobora kuyivura bibananiye, banamumenyesha yuko ategerezwa kw’urira idege akaja kugeragereza mu baganga bo muri Amerika.
Umushingantahe wiwe biramuzazanira, biramuyobera ingene ari muvyifatmwo; atangura kwiyumvira ingene azobigenza. Niho yamenya yuko mw’Ihanga Ryera ry’Imana dufise ibicaniro bisenga Imana Nyen’ingabo n’inganji vyama bitakamba bisengera imitwaro itandukanye harimwo abagwaye ingwara zose harimwo n’iziteye ubwoba nka za SIDA, CANCERI n’izindi nyinshi z’akayobera bahinga.
Yahavuye amuzana yegera igicaniro kimwe kiri mu gihugu cacu I Bujumbura mu Burundi baramusengera. Uhoraho Imana dusenga yavuze rimwe gusa aca arakira. Asubiye mu gihugu ca Zambiya iyo asanzwe atuye ba baganga bamwandikira kuja muri za amerika barumiwe, baratangaye nabo batangura gushinga intahe yuko IHANGA RYERA risenga Imana Yehova Rapha, yuko yamukijije ingwara y’umugongo ubudasubigwamwo. Ubu nawe arataba, aratambuka kandi arashima Imana.
Namwe mwese mudufashe kuduza amashimwe no gutazira kubwo uyu mupfasoni n’umuryango wiwe muti: AMEN!