Umutumiro w’amasengesho y’iyi ndwi

UMUTUMIRO W’AMASENGESHO Y’IYI NDWI 23-30/09/2019
Hanga Ryera, namwe mwese ncuti z’umusaraba aho muherereye hose, nkuko Uhoraho Imana yabidutegetse, dufise amasengesho y’umwihariko mu migwi n’ibicaniro bitandukanye mu gihugu cacu no hirya no hino kw’isi. Umunsi wose ufise ababa bariko barasengera igihugu cacu c’Uburundi n’imitwaro itandukanye y’Abarundi.
I. URUFATIRO
Dusengere igihugu cacu kugira ngo Uhoraho Imana agishitseko isezerano ry’Amahoro n’iterambere, umuvyuro n’ikanguro yagisezeraniye. Kandi tubwire ubutumwa bwiza bw’Ubwami bw’Imana abaremwe bose. Umwe wese agire n’iburiburi umuntu abwira ubutumwa [2 Ingoma 7:14]
II. INYIGISHO
Ubuzima ni bwiza iyo uri mu maboko ya Yesu Kwisto. Naho ibigeragezo biza bisanga ushinzwe ku rutare ntibikunyiganyize kandi nti bikubuza kurondera izindi ntama zatakaye [Yohana 1:40-42]

  1. Imana iraha agaciro umuntu ku giti ciwe.
  • Yesu Kristo yavuze yuko kw’ihishurigwa rya Petero azokwubaka ishengero. Yahavuye amushingira intahe ashize amanga.
  • Umwami Yesu yirondereye Sawuli amufata mpiri kugira amuzimurure ageze I Damasiko. Yahavuye yandika ibitabo 13 biri muri Bibiliya Year.
  1. Imana iraha agaciro kanini impano, ingabirano , utuntu dukeya ikatugwiza mu buryo bw’ibitangaza [Yahana 6:8-9, Luka 21:1-4]
  • Ivyitwa yuko bitagira akamaro mu maso y’abantu, Imana irabiha agaciro kanini maze bigafasha amasinzi y’abantu.
  • Naho woba ufise duke cane dushikanire Yesu. Naho woba wikengera yuko udahambaye mukorere uko ungana wewe arashima.
  1. Imana iraha agaciro kanini impahazwa, inkengegwa n’abaciye bugufi ikihoza abanyabwenge n’abahambaye [Abayefeso 6:6, 1 Abikorinto 27:29]
  • Uwariwe wese yizeye Umwami wacu Yesu Kristo nk’Umwami n’Umukiza wiwe ashobora gukorera Imana mu gushinga intahe, kuririmba, kuvuga ubutumwa n’ibindi bikogwa bitandukanye.
  1. Genda urondere umuntu usengera kandi umubwire ubutumwa bwiza bw’Ubwami bw’Imana. Umubwire yuko Yesu Kristo ari muzima kandi yuko n’ubu agikora ibitangaza vyo kubohora ababoshwe n’ingoyi za satani, gukiza abagwaye n’ibindi yuko abishoboye [Yohana 3:16, Abikolosayi 2:14, 1 Abikorinto 15:3-4]
    UMUTUMIRO W’AMASENGESHO WWW.ABISEZERANO.COM
  • Bwire abantu bihane kandi bizere [Mariko 1:15, Abayefeso 2:8-9, Abaroma 10:9]
    III. IMITWARO
  • Gusengera igihugu cacu c’Uburundi Uhoraho Imana agitabare, agishitseko isezerano ry’amahoro n’ubutunzi, n’umuvyuro n’ikanguro.
  • Hariho abipfuza kumenya Imana ngo bagendane nayo , bayikorere kandi bakizwe neza mugabo abanyamadini n’abanyamashengero bakababera ibitsitaza. Ni ukubasengera.
  • Hariho ababuze akazi bigatuma babaho nabi, imitimana ikama mu kirere uko bafungura, uko baryama canke uko bokwikenura. Ni ukubasengera.
  • Hariho ababuze amahera yo kuriha inzu basanzwe bakotesheje, bakama baturatura, birukanwa, bakabura amahoro kubera n’amadeni babuze ingene bayariha. Ni ukubasengera.
  • Hariho abashaka kwubaka ngo bagire imiryango mugabo babuze abo bubakana n’uburyo. NiUkubasengera.
  • Hariho abubatse mugabo bakomerekejwe n’abo bubakanye kubera akagaye, ubusuma, ububeshi, ubusambayi n’izindi ngeso mbi. Ni ukubasengera.
  • Hariho abafise abapfunzwe maze abana babo n’imiryango yabo ikabaho mu maganya n’anagogwa. Bamwe bakakwa ibiturire bakabura ayo kuriha, imiryango igatuntura, igasonza n’ibindi bibi. Ni ukubasengera.
  • Hariho abana bahura vyangomba vy’ishure, abandi bipfuza kwiga kandi babishoboye bakabura uburyo bw’amafaranga. Ni Ukubasengera.
  • Hariho abagwaye babuze uko bivuza, n’abivuza bakabura ingene bariha. N’abandi bagwaye bakabura aho bivuriza kubera imvo nyinshi. Bose ni kubasngera.
  • Hariho abaturatura kubera batagira iwabo, babuze aho baba kubera imvo zitandukanye. Ubukene, intambara, umuryano mu miryango, n’ibindi… Nabo ni ukubasengera.
  • Hariho abahejeje amashure bakabura akazi kubera ibituma tutorinda kudondagura ngaha. Barabuze akazi bigeye Babura naho bisumamwo bakaba atacizera ca kazoza. Ni ukubasengera.
  • Hariho abiganyira batazi ico bazoba ejo kubera baraba imbere n’inyuma bakabura inzira. Bamwe ni abasore abanda bafise imiryango. Ivyo bikabasesereza imitima bakadundumigwa. Ni ukubasengera.
    UMUTUMIRO W’AMASENGESHO WWW.ABISEZERANO.COM
  • Hariho abatagira icepfo aa ruguru bagafungura ku gihamana, bagwaye bakabura ingene bivuza, batagira uduhuzu twiza two kwambara nkabandi kubera ubupfuvyi, ubupfakazi, ubushomeri n’izindi mvo, nabo ni ukubasengera.
    -Hariho abagiye gupagasa barondera ubuzima mu mahanga bagasangayo ingorane ziteye ubwoba mbere n’ubuzima bwabo bukaba bugeramiwe. Ni ukubasengera.
    -Hariho abari mu gihugu cacu bakaba bageramiwe n’ababany babo kubera imvo zitandukanye bakaba atamahoro bafise, umutekano wabo ugahungabana bicura kwicwa kwangazwa n’ibindi. Abo ni ukubasengera.
    -Hariho abageramiwe n’abarozi, babaroga bakagwara bakaburabuzwa, abauze ababo, bakauma nabo bibaza yuko bashobora kwicwa n’amarozi. N’abo ni ukubasengera.
    Ivyo bibi vyose bimwe biva kuri satani ibindi biva ku bantu, ukuboko kw’ubushobozi kwa Yesu Kristo kubigira akaraha. Nico gituma amasengesho ari urupfunguzo, inzira y’amahoro n’ubushobozi butabara.
    Uhoraho Imana yacu ashikije amasezerano yasezeraniye igihugu cacu tuzoba dusezeye ayo mabi n’ayandi menshi.
    Umwami Yesu abahezagire!