Umutumiro w’Amasengesho y’Ihanga Ryera ry’Imana wo gusengera igihugu c’Uburundi n’Imitwaro y’Abarundi

UMUTUMIRO W’AMASENGESHO Y’IHNGA RYERA W’IY’INDWI 7/10-14/10/2019

“Ihanga Ryera ry’Imana rifise ibicaniro vy’amasengesho birenga 50 mu gihugu cacu c’Uburundi no mu bihugu bitandukanye vyo MU makungu -Afrika, Amerika, Kanada, Uburayi na Aziya- vyama bikurakuranwa iminsi yose mu gusengera igihugu cacu n’imitwaro itandukanye y’Abarundi, nkuko Uhoraho Imana yabidutegetse.”

URUFATIRO

-«Uhoraho Imana aha ivyagezwe ubwoko yitoranirije ngo bubigendere kandi buvyigishe n’ayandi mahanga. Yahaye Ihanga Ryera icagezwe co (1) kwihana, gukizwa, kwezwa, no kwitunganya; (2) Yaduhaye icagezwe co gukunda Uhoraho Imana no gukunda abantu bose; (3) Yaduhaye n’icagezwe co gutwara ubutumwa bgiza bwa Yesu Kristo mu baremwe bose kw’isi. »

-“Yesu Kristo niwe wabere n’uwiherezo, kandi ni muzima, yari yarapfuye kandi raba ahora ari muzima ibihe bitazoshira, afise urupfunguzo z’urupfu n’iz’ikuzimu” [Ivyahishuriwe Yohani 1:17-18]

INYIGISHO

Yesu akiza abanyamibembe 10: bose barakize imibembe y’umubiri ariko umwe gusa niwe yakize imibembe y’umubiri n’imibembe y’umutima [Luka 17:11-19]

Iy’isi tubako yaranduye indwara y’umubembe w’impwemu. Umubembe ni indwara itegwa n’umugera witwa umubembe ukabuguta umubiri: izuru, amatwi, umunwa, intoke amano n’ibindi bihimba vyo mu mubiri w’umuntu. Kubera iyo ndwara umunyamibembe ntashobora gutambuka, gukora, kwumva, kuvuga, kumotegwa, kubona canke gukora neza nk’abandi. Umubembe Urandukira cane umuntu aguhumekeyeko, agukozeko canke ukoze ku kintu yakozeko. Nico gituma mw’Ihanga rya Isirayeli, abafashwe n’imibembe baca bacika ibicibwa bakajanwa kuba ukwabonye kure y’abandi.[Guharura 5:2]

 Abahinga b’abaganga baravura iyo ndwara yo mu mubiri ariko umubembe wo mu Mpwemu ntibanatahura uw’ariwo. Ariko Yesu Kristo avuga Ijambo rimwe gusa ati « Genda wiyereke umuherezi » umubembe wo mu mutima co kimwe n’umubembe wo mu mubiri vyose bigakira umuntu agasubirana [Matayo8:4]

Umuntu afise umubembe wo mu mutima ntashobora Gutambuka: kujana ubutumwa bwiza ngo abugeze kubandi, Gukora: gukora ibikogwa vvyiza vy’urukundo n’imbabazi, Kuvuga: Ubutumwa bwo gucungungwa n’amaraso ya Yesu Kristo yonyene; Kwumva: kwumva no gutahura ubutumwa bwiza bw’Ubwami bw’Imana akabutahura ngo abutahure bwose kandi neza; Kubona: kubona neza umusaraba wa Yesu Kristo ngo awutumbere wonyene usanga arondera izindi nzira zomukiza; Kumotegwa: kudashobora gutahura ubunini n’ubwaguke bw’ibitangaza Yesu Kristo akora iminsi yose mu gukiza abantu hirya no hino.

Amadini n’amashengero menshi yuzuye abanyamibembe. Amabarabara, ingo no hirya no hino mu gihugu no mu mahanga huzuye abantu bagwaye imibembe yo mu mitima. Twese dutegerezwa kubashira ubutumwa bgiza bw’Umwami n’Umukiza wacu Yesu Kristo akirisha indwara z’umutima niz’umubiri akoresheje ijambo rimwe gusa.  Kugira ngo umuntu akire mu mutima no mu mubiri biva ku guhitamwo n’ubugombe bw’iwe.

IVYO MPWEMU AHISHURA

Abantu benshi mu biyita abakozi b’Imana hirya no hino ni abanyamibembe yo mu mpwemu, barapfumuza, bakiba, bakabesha, bagasambana, bakagira urwanko, n’ibindi vyaha vy’uruterasoni hanyuma bagahindukira bakigira abakozi b’Imana. Bakorera wa mugwanizi bibwira ngo ni ugukina.  

IMITWARO YO GUSENGERA

– Gusengera igihugu cacu c’Uburundi Uhoraho Imana agitabare, agishitseko isezerano ry’ivugurugwai, umuvyuro n’ikanguro muvyo Impwemu, imibano n’ubutunzi. Mu ncamake kugira ngo ubugembe bw’Imana bube ku gihugu.

– Gusengera abanyamibembe b’impwemu n’umubiri buzuye mu madini no mu mashengero, mu mihana mu gihugu no mu mahanga.

– Hariho abipfuza kumenya Imana ngo bagendane nayo, bayikorere kandi bakizwe neza mugabo abanyamadini n’abanyamashengero bakababera ibitsitaza. Ni ukubasengera.

– Hariho ababuze akazi bigatuma babaho nabi, imitimana ikama mu kirere uko bafungura, uko baryama canke uko bokwikenura. Ni ukubasengera.

– Hariho ababuze amahera yo kuriha inzu basanzwe bakotesheje, bakama baturatura, birukanwa, bakabura amahoro kubera n’amadeni babuze ingene bayariha. Ni ukubasengera.

– Hariho abashaka kwubaka ngo bagire imiryango mugabo babuze abo bubakana n’uburyo. NiUkubasengera.

– Hariho abubatse mugabo bakomerekejwe n’abo bubakanye kubera akagaye, ubusuma, ububeshi, ubusambayi n’izindi ngeso mbi. Ni ukubasengera.

– Hariho abafise abapfunzwe maze abana babo n’imiryango yabo ikabaho mu maganya n’anagogwa. Bamwe bakakwa ibiturire bakabura ayo kuriha, imiryango igatuntura, igasonza n’ibindi bibi. Ni ukubasengera.

– Hariho abana bahura vyangomba vy’ishure, abandi bipfuza kwiga kandi babishoboye bakabura uburyo bw’amafaranga. Ni Ukubasengera.

– Hariho abagwaye babuze uko bivuza, n’abivuza bakabura ingene bariha. N’abandi bagwaye bakabura aho bivuriza kubera imvo nyinshi. Bose ni kubasngera.

– Hariho abaturatura kubera batagira iwabo, babuze aho baba kubera imvo zitandukanye. Ubukene, intambara, umuryano mu miryango, n’ibindi… Nabo ni ukubasengera.

– Hariho abahejeje amashure bakabura akazi kubera ibituma tutorinda kudondagura ngaha. Barabuze akazi bigeye; babura naho bisumamwo bakaba atacizera ca kazoza bafise. Ni ukubasengera.

– Hariho abiganyira batazi ico bazoba ejo kubera baraba imbere n’inyuma bakabura inzira. Bamwe ni abasore abandi bafise imiryango. Ivyo bikabasesereza imitima bakadundumigwa. Ni ukubasengera.

– Hariho abatagira icepfo ca ruguru bagafungura ku gihamana, bagwaye bakabura ingene bivuza, batagira uduhuzu twiza two kwambara nkabandi kubera ubupfuvyi, ubupfakazi, ubushomeri n’izindi mvo, nabo ni ukubasengera.

-Hariho abagiye gupagasa barondera ubuzima mu mahanga bagasangayo ingorane ziteye ubwoba mbere n’ubuzima bwabo bukaba bugeramiwe. Ni ukubasengera.

-Hariho abari mu gihugu cacu bakaba bageramiwe n’ababanyi babo kubera imvo zitandukanye bakaba atamahoro bafise, umutekano wabo ugahungabana bicura kwicwa kwangazwa n’ibindi. Abo ni ukubasengera.

-Hariho abageramiwe n’abarozi, babaroga bakagwara bakaburabuzwa, ababuze ababo, bakaguma bibaza yuko bashobora kwicwa n’amarozi. N’abo ni ukubasengera.

– Satani yavyuye ingunza ngo ateze impanuka ku mabarabara kandi yice abavyeyi bagiye kwibaruka n’abana babo. Tuzobasengera.

Umwami n’Umukiza wacu Yesu Kristo abahezagire mwese!