Ibinyamakuru vyo mu gihugu kibanyi c’Urwanda birakwiragiza ibihuha ku gihugu c’Uburundi

Igihe cose himirije amatora, harabaho urunturuntu, abantu imitwe igashuha kubera yuko baba bagomba kumenya ibizoba ejo, uwuzobatwara n’ingene bazoca baserereka kugira ngo baronke ibiturire, ubutegetsi n’amaronko.

Abandi nabo bagira bati ko imitwe yaboyashushe reke tuyishushe na cane bashaka bamarane tuzorera uwusigaye. Ukwo niko ibinyamakuru bimwe bimwe bikorera mu gihugu c’Urwanda bibihenza mukuvuga inkuru z’uburundi vyiyita yuko biri i Burundi. Ariko naho bigomba gusa ntibisisa ikinyarwanda n’ikirundi.

Ivyo binyamakuru ni vyiza yuko bitanga amakuru mugabo vyobaye vyiza bitanze amakuru y’ukuri kandi yubaka kuko burya ntawobimenya inzu ya mugenzawe ihiye na wewe rwawe yofatwa.

Ivyo binyamakuru bivugira kumurongo wa you tube ni nka ishami TV na Iyakure TV mugabo hariho n’ibindi vyinshi biyivya abantu ubonako Abarundi ubwabo bavuga ibiharuye.

Ico dusaba abakunzi b’Umusaraba bose n’abari mw’Ihanga Ryera ry’Imana n’uko botekana bagatekereza maze bakarindira ico Uhoraho Imana abakorera kuko turiko turagana Uburundi bw’Isezerano, aho abantu bose baziruhutsa.