Ivyiza 10 Imana yasezeraniye Ihanga ry’Abarundi

      IVYIZA ICUMI UHORAHO IMANA YASEZERANIYE IHANGA RYERA

Uhoraho Imana Nyeningabo yitoranirije Ihanga ry’Abarundi ngo bamubere inyegu yiwe nkuko kera yatoranije abisirayeli. Abarundi ni ihanga rya babajwe n’imiruho, urwanko, indyane ni intambara z’ubwicanyi z’urutavanako none Uhoraho Imana yasezeranye kuza kubirangiza. N’Uko rero turi Ihanga ry’Imana, abatoranijwe bahawe isezerano. Twahamagariwe kwihana, kwezwa, gutungana no gukorera Imana kugira ngo dushobore gukwiza ubutumwa bgiza bg’umusaraba wa Yesu Kristo mu gihugu cose no mu mahanga. Turi abami n’abaherezi. Mu gihe tukiri hano kw’isi, Imana yadusezeraniye igihugu gitemba amata n’ubuki kugira ngo gutegure urugendo ruja mw’ijuru:

  1. Igihugu c’Uburundi, Uhoraho Imana ya Aburahamu yaragitoranije ngo Abarundi bayibere Ihanga Ryera riyikorera.
  • I Burundi, Uhoraho Imana y’Ubushobozi yahatoboye iriba ry’Agakiza, Umuvyuro n’Ikanguro kandi n’abanyamahanga bazorinywako.
  • Uwo Uhoraho Imana yarobanuriye kurongora Uburundi bw’ISEZERANO azotunganiriza Ihanga ryose, ahesha icubahiro Imana kandi azotwara nk’umwami yorohewe kubera yuko atamigambwe canke imigwi yitwaje ibigwanisho izomugwanya, Abarundi bazobaho mu mahoro.
  • Imbibe z’igihugu c’Uburundi bw’Isezerano zizaguka kubera agakiza n’ikanguro mu Mpwemu, mu mibano, mu ntwaro, ubutunzi, iterambere n’ubugwaneza bw’ihanga ry’Imana.
  • Ubutaka bw’Uburundi buzovumugwa, isi ndimwa yimbuke, hazoboneka ubutare n’ubundi butunzi buri mu butaka bizotuma abarundi babaho neza kandi mu buryo bwa kijambere.
  • Igihugu c’Uburundi kizotera imbere, ifaranga rigire agaciro, impunzi zitahe, abarundi babeho neza mbere n’abanyamahanga bipfuze kuza kwibera iBurundi. Amabarabara ya kijambere n’amagorofa maremare azubakwa, amagari yo kundarayi, indege mu kirere, ibitaro n’abaganga vya kijambere n’ibindi bozoca bikogwa.
  • Urwanko n’amacakubiri y’amoko, imiryango, intara, imigambwe n’amadini bigiye kuzimangana abarundi babeho mu mahoro, urukundo, kwubahana no gutinya Imana.
  • Uhoraho Imana Isumba Vyose yasutse Mpwemu y’ubwenge n’ibitanganza mw’Ihanga ryayo.
  • Ikirundi ni ururimi rw’Ihanga ry’Imana, ururimi ruzohabwa agaciro, rukomere, rumenyekane kw’isi yose, n’abanyamahanga baziga kuruvuga.
  1. Imbere yuko Isezerano rishika, murazi yuko Uburundi n’Abarundi baciye mu bihe bigoye vy’ubwicanyi kuva igihugu kironse intahe yo kw’ikukira gushika n’uyu munsi. Harabaye ibihe vy’amaraso aseseka ku bginshi, uruhungo, itotezwa, ihamwa, ubukene, inzara, akarenganyo, intwaro z’igikenye n’ayandi mabi gushika naho amakungu ahagurukira Abarundi. Ariko vyose Uhoraho Imana iraje kubishira kw’iherezo Uburundi bucike igihugu c’amata n’ubuki, amahoro n’amahonda, abantu bruhuke.

Mwame muzirikana yuko Uhoraho Imana yitoraniriza Ihanga Ryera ngo abantu bamukorere. Yatoranije Abarundi kugira ngo bihane, bezwe kandi batunganye ingeso zabo kugira ngo bashobore gutwara IKANGURO: Ubutumwa bgiza bga Yesu Kristo mu gihugu c’Uburundi cose, mu bihugu duhana imbibe na kure kw’isi.

                                  Umwami wacu Yesu Kristo Anahezagire, Amen!