UMUTUMIRO W’AMASENGESHO Y’IHANGA RYERA RY’IMANA W’IY’INDWI 28/10 GUSHIKA 02/11/2019

UMUTUMIRO W’AMASENGESHO Y’IHANGA RYERA RY’IMANA W’IY’INDWI 28/10 GUSHIKA 02/11/2019

Ihanga Ryera ry’Imana si idini, umugambwe canke umuhari ni ishengero rya Yesu Kristo rifise ibicaniro birenga 50 biri mu gihugu cacu c’Uburundi no mu mahanga. Abari ku bicaniro basenga ijoro n’umurango basengera igihugu c’Uburundi n’imitwaro y’Abarundi bose. Basengera abakuru n’abato, abafise ivyiyumviro bitandukanye, amoko n’imiryango itandukanye, amadini, intara n’umuntu wese ari mu kibazo canke ubituye wese.

Uhoraho Imana yadutumye kwitanga kugira ngo dusengere igihugu cacu casinzikajwe n’indyane kuva kera cane, abantu bakama bicwa abandi bangazwa, impunzi zikaba zuzuye isi yose hakaba haciye imyaka irenga 50. Imana yasezeraniye abicisha bugufi bakayubaha bakihana, bagaheba n’ingeso zabo mbi, yuko izobatabara igakiza igihugu cabo kikaba impore [2 Ingoma 7:14]

URUFATIRO

  • Abantu benshi bava mu mashengero amwe baja mu yandi, abandi bagaheba amashengero bakaba abasohoke kuko baba barondeza ahoba ukuri, mugabo kandi harimwo kujuragirika kubera batarongogwa na Mpwemu Yera kugira ngo abereke inzira y’ukuri. [Yohana 14:15-17]
  • Ntihakagire ababasamaza ngo hari inyigisho nshasha canke ukubonekerwa babazaniye. Benshi ntibazi iyo bagana babesha abantu ngo bokwikiza mu kwubaha ivyagezwe ibi na biriya, mu gutanga impongano z’ivyaha canke guca muri purugatori, mu gutanga ibigiracumi n’amashikanwa, mu kwubahiriza iminsi n’ibimenyetso, ivyo vyose ni ubuhumvyi. Ugutabagwa kwawe kuri mu maraso Yesu Kristo yaviriye ku musaraba I Golgota kuko niyo aguha kwihana, kwiyeza no gutunganya ingeso zawe ukaba icaremwe gishasha. [2 Abikorinto5:17]

INYIGISHO

-Muri abatoranijwe n’Uhoraho Imana uwatoranije Aburahamu, Mose, Yosuwa, Gidiyoni, Dawidi, Pawulo n’abandi. [Abayefeso 1:3-4]

– Muri abagenywe kuba inyegu z’Imana Nyen’ingabo biciye muri Kristo Yesu, kubwo umugambi n’intumbero Imana ibafiseko; kubwo ubuntu, imbabazi n’urukundo rw’Imana [1Abikorinto 9:19-23]

– Mwahawe gucika abana b’Imana Isumba Vyose, abakobga n’abahungu ba Data wo mw’ijuru. [Abayefeso1:4-5]

Ivyerekana uwatoranijwe n’Imana

  1. Uguca bugufi kurangwa muri we: Umuntu yatoranijwe n’Uhoraho Imana y’Ubushobozi aca bugufi. Ntiyishira hejuru ngo yigire agahambaye, y’iyimike canke ngo atwagwe n’ubukunzi bw’amahera, inda n’ivyubahiro. Abo mwumva ngo biyimitse canke biha amazina y’ivyubahiro ni ivyambo satani akoresha ngo yinyagire ibintazi. [Abikolosayi 3:12, Imigani 11:2, Yakobo 4:10, Abayefeso 4:2, 1 Petero 5:5]
  2. Ugushimira Imana: Umuntu yatoranijwe n’Imana Isumba Vyose ahorana amashimwe uko bukeye n’uko bwije ataravye ivyo atunze n’ivyo adafise kuko ubuntu bw’Imana buba bumuhagije. [1Abitesalonike 5:16-18, Abifilipi 4:6-7, 1Abikorinto 15:57, 1Ingoma16:34, Zaburi 9:1Ivyahishuriwe Yohana 5:13]  
  3. Ukuvuga ubutumwa bgiza bg’umusaraba wa Yesu Kristo: Umuntu yatoranijwe yama afise ishaka ryo gushikana abantu ku gakiza gashitse, ukwihana no gutungana. Amadini canke imigwi y’abantu ikoresha inguvu canke igitsure, abahamagarira abantu kwicungura mu kwubaha ivyagezwe n’ibindi baba bahamagawe n’amaranga mutima yabo. Yesu Kristo we nyene niwe nzira n’ukuri n’ubugingo. [Yohana 14:6]

IMITWARO

-Tuzosengera igihugu cacu c’Uburundi ngo ubugombe bw’Imana bukibeko, Uhoraho Imana ashitse amasezerano meza yagisezeraniye.

-Tuzosengera abataramenya Yesu Kristo, abari mu buzimire n’abasubiye inyuma ngo umuco uturuka k’Uhoraho Imana ubarasire.

-Tuzosengera ya mitwaro yose twama turiko turasengera y’Abarundi bagwaye, abari mu bukene, abashonje, abari mu ntambara mu ngo zabo, mu mashure, mu kazi, abari mu makambi y’impunzi, abari mu minyorororo itandukanye, abadafise akazi, abari mu mutekano muke n’abadafise aho baba n’iyindi mitwaro.

Umwamu wacu Yesu Kristo abane namwe mwese kandi abahezagire, Amen!