Abantu 3 baraye bagandaguwe abandi 4 barakomereka barashwe kuri Muyinga muri Rohero

Mugihe Uburundi n’isi yose buriko buregereza impera z’umwaka, nkuko vyama, Satani aciye mu bantu yama ahitana benshi abicishije ubwicanyi busanzwe, intambara, ishari, ukwiyahura, ubusambanyi, impanuka mu mabarabara, imyuzure n’ibindi.

Abaraye bagandaguwe

Inyuma y’abahitanywe n’intambara muri Bubanza no muri Kongo, hariho abana bahitanywe n’impanuka z’imiduga. Mw’ijoro ryakeye naryo, kw’ibarabara ryitiriwe Muyinga mu bunywero batazira kwa Giriberi baraye bagandaguye abantu 3 mubona kuri ayo mafoto n’abandi bane bakomeretse, aho hari isaha zitatu ku mugoroba.

Mwame mwibuka gusengera Uburundi n’abarundi kandi namwe mwame mwiyubara.