
IVUGURUGWA, UMUVYURO N’IKANGURO: IBIKOGWA 12 VY’IKANGURO
Hariho abumva havugwa umuvyuro n’ikanguro mu Burundi, bakumva havugwa yuko Abarundi bazotwara ikanguro mu mahanga, bakibonera kwurira indege no kuja kuvuga ubutumwa mu bihugu biteye imbere maze bakagaruka bazanye ibigiracumi, amashikanwa n’imfashanyo zitandukanye gusa. Barakwirire gutahura ibikogwa vy’ikanguro ivyo arivyo. Muri Bibiliya Yera turasangamwo uturorero twinshi tw’ibikogwa vyerekana ababaye abahizi mu kuba inkingi z’ikanguro mu bihe vyabo. Reka muri ivyo bikogwa 12 vy’ikanguro tufatire uturorero kuri Eliya no kuri yohana Umubatiza.
Eliya kubera yuko Imana yasezeranye yuko izosubira kurungika ba Eliya kugira ngo bategure ukugaruka kwa Yesu Krsito. “Umve, nzobarungikira Eliya uwavugishwa n’Imana, uwo munsi uteye ubwoba utarashika” [Malaki 4:5] Yohana umubatiza kubera yuko ariwe yari integuza y’umuzo wa mbere wa Kristo Yesu. “Ijwi ry’usemerera, ati ni mutegure inzira y’Uhoraho mu bugaragwa, musenere Imana yacu inzira y’iroro mubgeranyange, umwonga wose uzokwuzuzwa, n’umusozi wose n’akarambi bizoringanizwa, ahari udutumba hazotega, uduhogoro ducike ikiyaya. Maze ubwiza bw’Uhoraho buzohishugwa, kandi abafise umubiei bose bazobubonera rimwe, kuk’akanwak’uhoraho ariko kabivuze.” [Yesaya 40:3-5] Yohana aje yagira ati mwihane, kuko ubwami bw’ijuru buri hafi [Matayao 3:3]
1. Kudatinya no gushira amanga mu kuvuga ubutumwa.
Ukwo gushira ubwoba no gushira amanga mu kuvuga ubutumwa imbere y’abantu bose n’abaganza ni ikimenyetso gihambaye c’ikanguro. Akarorero Eliya yabwiye Ahabu ati, “Eka si jewe nateje amagogwa Abisirayeli, ariko ni wewe mwe n’inzu yaso, mwayateye, kuko mwaretse ivaygezwe vy’Uhoraho, mugakurikira za Bayali.” [1Abami 18:18]. Yohana nawe yabwiye Herodi ati “Ni ikizira k’ufise muka mwene so” [Mariko 6:18]. Abagenewe gutwara ikanguro ntibarya umunwa iyo hageze kuvuga ukuri naho hoba imbere y’abakuru, abami n’abaganza. Ntibatinya urupfu.
Umwami wacu Yesu Kristo yaravuze yuko ibi bizoshika kandi mu minsi y’iherezo. “Bazobashengerana mu manza, muzoshishagurigwa mu masinagogi, kandi muzohagarara imbere y’abaganza n’abami babampora, mube ikimenyetso kibabera icabona.” [Mariko 13:9] Nti dutegerezwa kurondera kwemegwa n’abantu mugabo nyabuna kwemegwa n’Imana. Ukuri gutegerezwa gushikirizwa uko kuri nyene naho rimwe na rimwe kutemerwa canke kuryana. “Kuko igihe kizoza batazemera kwumva ukwigisha kuzima, ariko kuko kuk’amatwi abarya bipfuza kwumva ibibanezereza, bakazokwirundaniriza abigisha bahuje ukwigisha kwabo, kandi bakazokwiziba amatwi, ngo ntibumve ukuri. Bazozimira bakurikire imigani y’ibinyoma.” [2Timoteyo 4:3-4]
2. Gufungura no kunywa bisanzwe n’ubuzima bubayabaye
Abari mu bikogwa vy’ikanguro ntibifata nk’abandi bose. Bagira ubuzima busanzwe kandi butari nk’ubwo abandi. Eliya na Yohana bose bazwi ku ngene bafungura, ivyo bamba n’ingene bibera mu gahinga. Eliya ati: “Urantabara unzanire n’utwo no tamira” [1Abami 17:11] Yohana nawe “Yambara ubwoya bw’ingamiya, akabukenyeza umukanda w’urusato mu rukenyerero, kandi yarya inzige n’ubuki bwo mwishamba” [Mariko 1:6] Guhitamwo kubaho bene uko vyatumye imitima yabo n’ubwenge bgabo bikomera bikama atagatotsi kandi n’imibiri yabo igatuma mpwemu zabo zikomera gusumba kugira ngo barusheho kwitegurira imirimo Uhoraho Imana yabahamagariye. Wumva witeguriye kwiyanka ngo ukorere Uhoraho Imana? Biragomba yuko ugonda umubiri n’ibinezera vy’iy’isi.
No muri iki gihe c’iherezo, abantu n’amashengero bategerezwa gusubiramwo kuraba ukuri bakamenya yuko hariho urufatangane hagati y’umubiri n’impwemu. Ivyo dufungura, kandi tunywa n’ingene tubayeho birafise ingaruka nini ku mushaha no kubwenge bwacu kugira dushobore gutahura no kumenya ukuri. Ubushobozi bgo kwirinda icaha burashobora kubonekera muvyo tunywa nivyo turya no mu kwiberaho ubuzima busanzwe. Mwame muzirikana yuko icaha caje mw’isi kubera bariye indya zitarizo, itunda ribujijwe.
“Nuko iyo murya canke munywa canke mukora ikintu cose, mube mugikora mugushima Imana” [1 Abikorinto 10:31] kandi uzoba uhiriwe, wa gihugu umwami wawe iyar’uwo mu nda y’abami, abaganwa bawe barira mu gihe gikwiriye, kugira ngo baronke inkomezi atari ukugira ngo baboregwe [Umusiguzi 10:17]
3. Imyambaro isanzwe n’ivyambarwa bibayabaye
Abantu b’iki gihe uyobegwa abataramenya Imana, abakijijwe canke abakozi b’Imana bose usanga bambara utubindo, imihenerezo canke ivyagaga. Usanga bambara bisokoza canke bisiga kandi bagakora n’ivyo abapagani n’abataramenya bakora. Tubayeho mu bihe inyambaro yo mw’isi kubera imideri itandukanye iteye ubwoba. Ibiri mw’isi uca wongera ukabisanga mw’ishengero. Abantu bakagira ivyo bonyegeje akaba arivyo bagenda barerekana. Eliya yari umuntu yakatse ivyoya, kandi yarakenyeje umukanda w’urusato [2Abami 1:8] na Yohana kwari uko nyene [Mariko 1:6]
Ihangiro nyamukuru w’imideli y’impuzu z’iki gihe ishimikiye ku kwerekana ku buryo bunyegeje gahoro ibijanye n’igitsina canke kwabara ubusa. Kandi ikibabaje n’uko n’ivyerekeye gutobagura ingingo z’umubiri no kuwandikako usanga vyeze no mubanyamashengero kandi ukamengo ntaco bitwaye. Isi yaratwinjiranye. Muri iki gihe c’iherezo kugira ngo abizera bashobore gutwara ikanguro, bategerezwa kutajana n’imico n’imigenzo y’iy’isi mu nyambabaro no ku mubiri mugabo bakiga guca bugufi no kutadoboza mu kintu na kimwe mu kwambara n’ingene baboneka. “Kandi abagore ndagomba yuko Bambara imyambaro biberanye, bakagendana isoni badahugumba, kandi badashazisha gitsima imishatsi, canke inzahabu, canke imaragarita, canke impuzu z’igiciro kinini, ariko basazishe ibikogwa vy’ingeso nziza, nkuko bikwirire abagore bavuga yuko bubaha Imana.” [1Timoteyo 2:9-10]
4. Guha indero abanda canke mashure y’ikanguro.
Bibiliya ntitubwira yuko Eliya yareze Elisha gusa mugabo yaragendeye n’amashure y’abiga kuba abavugishwa. Aho yigishiriza abigishwa yaramura abigishijwe ivyo impwemu n’ivyo gushira mu ngiro ivyo bigishijwe. Abahejeje kwigishwa baca baja mu bw’isirayeli kwigisha abandi inzira z’Imana. Na Yohana nawe nyene, yarigisha ukwizera kwiwe abigishwa bamukurikira. Yaba Eliya canke Yohana, ntibafashe umwanya wo kwigisha abaherezi n’abalewi, ahubwo bigisha cane cane abantu basanzwe. “Nuko aragenda avayo abonana na Eliya mwene Shafati ariko ararimisha inka 24, zirongoye imbere yiwe, zisangiye ingogo ari zibiri zibiri, nawe ari kuzimperera. Eliya akeberera iyari amuterera umutamana wiwe” [1Abami 19:19] na yohana yarafise abigishwa. “Yohana abigishwa biwe bamudondera ivyo vyose” [Luka 7:18]
Nico kimwe muri iyi minsi yanyuma ibihe vy’umuvyuro n’ikanguro ntibizobamwo abakuru bamashengero gusa, mugabo abantu bose bujujwe Mpwmu Yera. Ni naco gituma ubu buhinga bwo kwigisha abandi, kubarera no guhamagarira abantu bose bari mu mashengero kwihana, gukizwa no guhinduka ari ubwo agaciro kanini.
5. Kwigisha gupfa ku caha, ukwihana no kubatizwa.
Kimwe mu bintu vyaranze Eliya kwari guhamagarira abantu kwihana no kubatizwa mu ruzi Yorodani. Mwibuke yuko abana ba Isirayeli bategerejwe kujabuka uruzi Yorodani kugira ngo bashikire igihugu c’isezerano, nkuko natwe twese dutegerezwa guca mu mubatizo w’amazi kugira ngo dushike hakura mu buzima bushasha. Yohana wewe kwigisha no kubatiza abantu vyarivyo bikogwa vyiwe vya minsi yose. Icagezwe Yesu Kristo yasigiye ishengero, gifise igihe ciza caco muri iyi minsi twimirije umuvyuro n’ikanguro ry’akataraboneka. [2 Abami 2:6; Matayo 3:5-6, Matayo 28:19]
6. Uguca bugufi biboneka
Imbere yuko Yesu Kristo agaruka, Ihanga ry’Imana rizotegerzwa kuba ryarize kugera ikirenge muca Yesu Kristo mu kugira akamere ko guca bugufi muri ibi bihe vy’ubgibone n’ubgishime. Nkuko Eliya yaduze ku musozi karumeli, akicisha bugufi gushika kw’ivu n’umutwe wiwe ugashikira amavi, niko na Yohana yavuze yuko atanashobora gupfundurura umugozi w’ibirato vya Yesu. “Ntakindi Uhoraho akuronderako atari ugukora ibiroranye, no gukunda kugira imbabazi, no kugendana n’Imana yawe wicishije bugufi.” [1Abami 18:42, Matayo 3:11 na Mika 6:8]
7. Kwihanganira UGUHAMWA uhogwa ubutumwa bgiza.
Nkuko tubisanga mw’isezerano rya kera, umupaganikazi yitwa Yezeberi yarongowe n’umwami w’Abisirayeli yitwa Ahabu. Uwo Yezeberi ari kumwe n’umukobwa wiwe yitwa ataliya, bahavuye banka Ihanga ry’Imana bararihama. Baciye bazunguruka Ahabu kugira ngo bice umuvugishwa Eliya n’abandi bavugishwa. Mw’isezerano rishasha, umupaganikazi yitwa Herodiya umugore w’umwami Herodi, nawe nyene arikumwe n’umukobwa wiwe yitwa Salome, bazungurutse umwami Herodi kugira ngo bice Yohana umubatiza. [1Abami 19:2, Mariko 6:24] Ndababwira ukuri yuko ihamwa ryabaye mu gihe ca Eliya, n’iryabaye mu gihe ca Yohana n’ubu rigiye gushika. Iryo hamwa rigiye gukogwa n’abaganza hamwe n’amadini nkuko yohana yavyeretswe kubwo inzigo n’ishari y’abitondera ivyagezwe kandi bafise ibishingira intahe Yesu Kristo. [Ivyahishuriwe Yohana 12:17 na 17:5-6]
8. Gutegura INZIRA y’ukugaruka kw’Umwami Yesu Kristo
Mu gihe ca kera, umwami agomba kuja ahantu abasuku biwe babanza kwirukanga imbere aho ari buze kunyura bagasena inzira, bakuramwo amabuye, bazibira n’utunogo, bagaca ibiti n’ivyatsi biri mu nzira kandi bakanagorora inzira zigoramwe kugira ngo umwami agendere ahabona. Nico kimwe n’aba Eliya bo mugihe c’iherezo, bategerezwa kuvuga ubutumwa butegurira abantu kwitegurira ukugaruka kwa Yesu Kristo. [1Abami 18:46; Luka 3:4]
Dutegerezwa kuvuga ubutumwa bwerekana inzira y’agakiza iboneka neza, itomoye kandi yoroshe gutahura kubantu bose. “Mbona umumarayika wundi aguruka yatiriye ijuru, afise ubutumwa bgiza butazoshira bgo kubarira ababa kw’isi n’amahanga yose, n’imiryango yose, n’indimi zose, n’amoko yose.” [Ivyahishuriwe Yohana 14:6]
9. Guharanira gushira hejuru ICUBAHIRO c’Imana
Abagizwe kuba integuza y’ukugaruka kwa Yesu Kristo bategerezwa kuba bafise ubutumwa bushira hejuru kandi bugahesha icubahiro Uhoraho Imana gusa. Bategerezwa kuba abitanze kandi bihebeye ibikogwa vy’Imana vyonyene nkuko Eliya na Yohani Umubatiza bari bameze. Bategerezwa kuba ari abantu biteguriye kwitanga kugira ngo amasinzi y’abandi bantu bashobore gukizwa. Muyandi majambo kwitanga no gutangwa kubwo igikogwa c’Imana. [Abaroma 12:1; 1 Abami 18:37, Yohana 3:30] Wumva witeguye kwitangira abandi n guheba ubugingo bgawe kubgo Ijambo ry’Uhoraho Imana kugira ngo amahanga akire! Waratoranijwe.
10. Gusanura IGICANIRO c’Imana
Ubutumwa bw’iherezo ni inzamba ihamagarira kugaruka ku kwizera kwahawe abera [Yuda 1:3]. Muri iki gihe aho abahinga n’abakuru b’amadini n’amashengero bavuga yuko inyigisho za Bibiliya ari indengagihe kandi rero ngo yuko bakwiriye kuzishira ku gihe, barihenda kuko dutegerezwa nyabuna kwama twibutswa yuko Imana ari uhora kandi adahinduka. “Kuko jewe Uhoraho ataho mpinduka.” [Malaki 3:6]
Gusanura Igicaniro c’Imana ni ukugarukana abantu ku kwizera kw’ukuri. Ukwizera kw’ubwambere nambere. Ukwubahiriza ivyagezwe vy’ukuri n’isabato y’Imana y’ukuri atari umunsi, amasaha canke ijoro n’umurango ariko ukugororoka kubonegwa muri Yesu Kristo. “Kandi hari imisaka kera hazosubira kwubakwa; bazokwubaka ku matanguriro yariho mu bindi bihe, kandi uzokwitwa Uwica ibirengero, n’usibura inzira zija mu ngo” [Yesaya 58:12-13, 1Abami 18:30, Matayo 3:1-2]
11. Ubutumwa bwerekana ivugurugwa.
Uravye ibibera mu gihugu cacu no mu bindi bihugu biri kw’isi, urabona yuko ingeso z’abantu zononekaye cane. Hariho ibihe isi itari imeze uko imeze ubu. Naho twofata akarorero k’imico n’imigenzo y’abantu, uwariwe wese arabona yuko abantu bakwiriye kugarukigwa. Abahungu n’abakobwa basigaye bagenda bambaye ubusa, bashurashurira ku nzira, bakora n’ibindi vyinshi vyisoni nke. Icaha gisigaye cemerewe munzu zitirigwa Imana kuburyo uwariwe wese abona yuko abantu bataye ubuntu. No mugihe ca Eliya na Yohana, ingeso z’abantu zari zarandujwe n’imico y’igipagani gutyo bagatera umugongo ukuri kw’Uhoraho [1Abami19:14, Matayo 3:1-2]
Abo bahanuzi uko ari 2 bari abahizi bakama bavuga ubutumwa buhamagarira ivugurugwa, umuvyuro n’ikanguro mu bantu b’Imana. N’uyu munsi, abitwa abakristo bafatanye n’ivyisi. Niba urubanza ruzotangurira munzu y’Imana [Ezekieli 9:6; 1Petero 4:17], ni munzu y’Imana nyene ikanguro ritegerezwa guhera kuko mu mugambi wayo Imana izotegerezwa kurungika ubutumwa bwa Eliya kugira ngo bushikire ishengero. Mw’isezerano rya Kera, Eliya ku musozi Karumeli, yazanye abantu ku kwihana no kugororoka mu kugaruka ku Mana. [1Abami18:19-21] Na Yohana umubatiza nawe nyene mu gihe ciwe, yahamagarira abantu kwihana no kwakira Yesu Kristo nk’Umwami n’Umukiza wabo. [Mariko 1:4-5] Inyuma yaho Yohana atangiye ubutumwa bgo kwihana, abantu bararonse imvura yakera ya Mpwemu Yera mu gihe ca Pentekoti. Na Eliya wo mugihe c’iherezo ariwe wewe na jewe, dutegerezwa kuvuga ubutumwa bwo kwihana no kwamamaza ukugaruka kwa Yesu Kristo. Niho Ishengero rizoca bugufi hanyuma Imvura ya Mpwemu w’Imana izoca igwa kubaremwe bose. Uyu munsi abantu baridegemvya mu bihugu bimwe bimwe bakavuga ubutumwa ku mihora, mu masengero, mu mabarabara n’ahandi ariko ntibugire ikimazi kiboneka kuko bikogwa bakebera ivyaha kandi ababuvuga nabo nyene ni abanyavyaha.
12. Kuzana abantu kuri Yesu Kristo
Abizera mbere n’abatizera barumvise yuko hariho ikanguro ryimirije kuza kandi rizonyiganyiza isi yose. Abizera isezerano igihugu cacu c’Uburundi cahawe, iryo naryo rikaba ari ukuzogira ivugurugwa, umuvyuro n’ikanguro gushika naho iryo kanguro bo nyene bazoritwara kw’isi yose, baraheza bakibaza bati none tuzotwara ubutumwa nyabaki?
Abatari bake baramaze kwigena ngo bazotwara ikanguro batazi n’icarico ikanguro. Bibaza yuko ari kuryohereregwa umunyenga wo kugendera mu ndege no kuja mu bihugu vya rutura. Bamwe muri bo barahava bakibaza yuko ubutumwa bavuga mu migwi y’amasengesho basanzwe barimwo aribwo bazogenda kuvuga mu mahanga. Hariho n’abandi bahahamiye ivyubahiro n’amaronko, bamaze kwumva yuko Eliya na Yohana bamaze kwigisha abantu kwihana no kugaruka ku Mana, nabo baca bagira bati twigishe abantu kwihana no kugarukira ivyagezwe icumi. Barihenda cane kandi ntibazi ico barondera.
Eliya wa kabiri aje gutegura inzira yo kugaruka kwa Yesu Kristo, afise intuntu n’igishika co guhamagarira abantu kwihana neza no kugaruka kuri Yesu Kristo kugira ngo ababera vy’iukuri Umwami n’umukiza w’ubugingi bgabo wenyene ataco bamubangikanije. Niwe bibiliya yose Isezerano rya kera n’isezerano rishasha ihagazeko. Muri Yesu we nyene niho hari ugushitswa kw’ivyagezwe, ukugororoka kwose n’ukwezwa no gutunywa. Niwe itanguriro n’iherezo, uwambere n’uwanyuma, Alapha na Omega. [Ivyahishuriwe Yohana 22:13-14, 1 Abami 18:36, Yohana 1:29]