Ihonyabgoko ryakorewe abahutu ryabereye mu gihugu ca Congo rigakorwa n’ingabo z’Urwanda riravugangwa.

Ubgicanyi bg’ihonyabgoko bgakorewe abahutu b’Abarundi n’Abanyarwanda bugakorwa n’ingabo z’Urwanda inyuma yaho zi tsindiye intambara bgahagurukiwe. Abantu batari bake baratangazwa n’ingene miliyoni zirenga 6 z’abahutu zirwiriyemwo abana n’abakenyezi bokwicwa n’Urwanda amakungu arorera kakaba akamizwe n’ingoma. Amashirahamwe aharanira uburenganzira bga kiremwa muntu mu gihugu c’Urwanda no mu makungu yatanguye kuza arabivugira hejuru, mugihe na ryashirahamwe mpuzamakungu ONU rifise ivyemeza yuko iryo honyabgoko ryakozwe kandi bazi n’abarizoze mugabo bakabinyegeza. Kurikira ico Abanyarwanda babivugako. Ukiri kurashobora guteba ariko kukaja ahabona.