

Ni vyiza ukwikura, ni vyiza no gushikira ubutegetsi uciye mu ntambara canke mu matora. Ukwo nikwo umuntu wese yovuga. Kumara imyaka hafi 60 uronse intahe yo kwikukira, ukamara imyaka 15 wubakisha amashure kandi abanyeshure bakiga ku buntu vyumvikana neza ariko winjiye mw’ishure naho ryoba rimwe gusa mu bihumbi vyinshi urashobora kw’ibaza yuko ivyo vyose twita vyiza vyuzuye amahinyu gusa.
Abana barinze bashika aho biga bicaye hasi nko mu myaka ya mirongo itandatu Uburundi bucikukira bitavuye kw’itunganywa ribi ry’igihugu biba bivuye kubukene butagira uko bungana igihugu kiba kirimwo kandi atakindi co gikiza atari ivugurugwa ryimbitse. Uwoharanira kurongora igihugu yoba atari uwubandiniriza aho bageze ahubgo uwokwubakira igihugu ku rufatiro rushasha. Atari uko Abarundi ntaho twoba tuvuye kandi tugiye.