
Ihanga Ryera ry’Imana ni Ishengero rya Yesu Kristo rikorera mu gihugu c’Uburundi no mu mahanga muri Afrika, muri Aziya, Ostraliya, I Bulaya, muri Amerika no muri Kanada. Ihanga ry’Imana rifise ibicaniro birenga 50 biri mu Burundi mu ntara zose no muri ivyo bihugu tudondaguye. Ivyo bicaniro biguma imbere y’Imana bikurakuranwa iminsi yose igize indwi bisengera igihugu cacu c’Uburundi n’Abarundi. Uretse amasengesho, Ihanga Ryera ry’Imana rirafise ibindi bikogwa rikora vyo kuvuga ubutumwa bgiza bg’umusaraba wa Yesu Kristo bgo kwihana, kwezwa no kwitunganya, hirya no hino mu gihugu no kw’isi; rirakora kandi ibikogwa vy’ukugira neza mu kuraba no gufasha abagwaye n’abapfunzwe, impfuvyi n’abapfakazi, impunzi n’abafise ibibazo bitandukanye.
URUFATIRO
Abisirayeri bamaze gukugwa mu buja n’uburetwa bgo mu gihugu ca Egiputa, nti cabujije yuko bidodombera Mose bamubgira yuko bipfuza gusubira kuja gukoreshwa ku kiboko kuko ngo naho bari inyagano bararonka ibisigazwa vy’inyama n’ivy’ubuki. N’abakristo bamwe bamwe uyu munsi niko bameze. Yesu Kristo yabakuye muri Egiputa y’ivyaha, arabakiza, abereka inzira y’urukundo, imbabazi n’ubuntu bg’Uhoraho Imana ariko bo bagashima kwisubiza mu muruho, umuvumo n’urupfu bituruka ku mico, imigenzo n’ivyagezwe vy’abanyamadini. Baribagira yuko ari abacunguwe. [Abayefeso 1:3-7]
INYIGISHO
Abantu bamwe ntibazi yuko bacunguwe kandi bacungujwe amaraso y’igiciro aho umwana w’Imana Yesu Kristo yitanga agashishagugwa kugira ngo abantu bakire indwara z’umubiri n’izo umutima [Yesaya 53:5] yaritanze gushika ku rupfu rubi rwo kumusaraba kugira ngo adukureko umuvumo n’urupfu bitegwa n’ivyagezwe [Abaroma 8:1-3] Abo bantu ntibazi ubuntu icarico.
Abandi bagerageza gutesha agaciro imbabazi, urukundo n’ibuntu bg’Imana bakoresheje inyigisho z’imico, imigenzo n’ivyagezwe mu kubiremereza abantu. Babashirako imitwaro idakenewe kandi itagira umumaro mu rugendo rwabo ruja mw’ijuru. Izonyigisho nti ziva ku Mana Nyeningabo. [Abaroma 6:23, Abayefeso 2:8-9]
AKAMARO K’UBUNTU BORONKEGWA MURI YESU KRISTO
1. Ubuntu buraducungura bukadukura mu mwiza bukadushira mu muco. Ugucungugwa ni ugusubira kurihirwa. Twaratangiwe incungu y’ikimazi [Abikolosayi 1:13-14, 1 Abikorinto 6:19-20, 1 Petero 1:18-19]
2. Ubuntu buratubohora bukadukura mu vyara n’ingoyi za satani kuko ata muntu n’umwe ashobora kwicunguza ibikogwa mu kwubaha imico, imigenzo n’ivyagezwe ariko twese dukeneye Ubuntu bga Yesu Kristo [Abaroma 6:14]
3. Ubuntu buraduhuza n’Imana kuko budusubiza mu kibaza co gucika abana b’Imana [Abayefeso 2:14]
4. Ubuntu budukurako ugutsindwa n’urubanza twagirizwa n’icaha kuko kubgo Ubuntu duhabga imbabazi maze Imana ikabona yuko tugororotse kubgo amaraso ya Yesu Kristo[Abikolosayi 2:13-14]
5. Ubuntu budushikana kunywa kw’iriba ryo kugiranira imigenderanire myiza n’Uhoraho Imana. Harageze y’uko umuntu wese yisuzuma yumve yuko afise imigenderanire ku giti ciwe n’Imana [Abayefeso 1:7, Abaroma 8:1, Zaburi 1:72]
IVYO MPWEMU YERA AHISHURA
– Hariho abantu batazi ico bari muri Yesu Kristo kandi bitirigwa izina ryiwe. Ivyo bigatuma batwagwa n’inyigisho izarizo zose. Ivyo bibabaza umutima w’Imana.
– Hari abantu badafise uguhishurirwa kuva ku Mana Ihoraho bafata ijambo ry’Imana rivugwa mu Mpwemu kko Imana ari Mpwemu, bakaritwara mu mubiri, bagaheza bakaremereza abizera imico, imigenzo n’ivyagezwe vy’ubgoko bgose.
– Semerere mubgire amahanga yihane, yezwe kandi atunganye ingeso zayo, ahange amaso Yesu Kristo wenyene, kuko hari ico Uhoraho Imana agira yikorere.
IMITWARO TUZOSENGERA
1. Tuzosengera igihugu cacu c’Uburundi ngo ubugombe bg’Imana abe aribgo bukibako kugira ngo isezerano Imana yabuhaye rishike.
2. Tuzosengera Umurongozi mukuru Imana yashinze gutunganya ibikogwa vy’Ihanga Ryera ry’Imana ryose n’abarongozi b’ibicaniro, ibiri mu gihugu n’ibiri mu mahanga; n’abizera bose ngo babe mu kiganza ca Yesu Kristo kandi Imana ibongere Inkomezi.
3. Tuzosengera abizera bariko baraburabuzwa n’inyigisho z’imico n’imigenzo y’amadini, abajuragizwa n’inyigisho z’ibinyoma zasutswe mu bantu n’abariko barajuragizwa n’abarongozi babi.
4. Tuzosengera abana bato bariko baricwa bagize amasanganya yo gutwagwa n’inzuzi, guhitanywa n’imiduga n’inzindi ngwara zitandukanye z’ivyaduka.
5. Tuzosengera ngo abatarakizwa bakizwe, ubutumwa bgiza bukwire imihingo yose y’igihugu Abarundi benshi babohoke bizere Umwami Yesu kristo
6. Tuzosengera imitwaro twama turiko turasengera y’ingo n’imiryango, abagwaye, abapfunzwe, impunzi, impfuvyi n’abapfakazi, abashonje, abari mu mutekano muke n’imitwaro itandukanye iri mu gihugu no mu bantu.
Umwami n’Umukiza wacu Yesu Kristo abane namwe mwese, Amen!