
Ikirindiro c’abasirikare b’Abarundi c’Imarura mu ntara ya Cibitoke mu Kibira gihana urubibi n’igihugu c’Urwanda caratewe mw’ijoro ry’uwa 17/11/ 2019.
Mu basirikare 92 bari kuri ico kirindiro 15 nibo barokotse na 8 bamaze kumenyekana yuko bakomeretse 69 nabo ntawuramenya yuko boba bakiriho. Ariko amakuru dufise n’uko benshi muribo bishwe harimwo major Reverien Ngomirakiza yararongoye ico kirindiro.
Amakuru ashikirizwa n’ababonye abateye abo basirikare b’UBurundi aremeza yuko baje baturuka mu gihugu kibanyi c’Urwanda, bambaye imyambaro ya gisirikare c’Urwanda kandi bavuga ikinyarwanda. Bari kandi bambaye inkofero n’amakoti ntamenwa n’ibisasu n’amarori atuma babona mw’ijoro kuburyo bose bavuga yuko ari abasirikare b’Urwanda bubiriye abasirikare b’Uburundi.