
Muri uru rugendo rw’Ihanga Ryera ry’Imana rwo kugendana n’Imana ku munsi ku munsi twabonye vyinshi. Twarabonye ibimuga bimugururuka, abagwaye indwara za Sida na Kanceri zikira, ingumba zigasama n’ibindi bitangaza vyinshi bikoreka kandi n’ubu tukiriko. Aba mubona ngaha bari kumwe n’uyu mukenyezi baramaze iminsi basengera umutwaro werekeye umugabo yataye umugore wiwe ngo n’uko akijijwe arongongora uwundi. Uwo yarongoye ntivyari gushoboka yuko bavyarana canke ngo banane akaramata kandi hariho uwo Imana yamurobanuriye gushika basubirane. Vyagenze uko ubu barasubiranye kandi bararonse ikibondo aho batuye muri Kenya. Amashimwe k’Uhoraho Imana yacu yumva amasengesho y’abera.
Muntu nawe uri mu kibazo icarico cose. Ico womenya n’uko ku mavi ariho bironkerwa.