
Ni icemezo yafashe kuva mu kwezi kwa 11/ 2015 yavuguruye akakigumizaho mu 2017 na 2018 n’ubu akaba yongeye kuvuga ko cobandanya kwubahirizwa kuva kw’itariki 22/11/2019.
Mu nyandiko iri ku rubuga rw’ibiro vya perezida wa Amerika, Bwana Trump amenyesha inama ati:
« Ibintu mu Burundi vyakomeje kurangwa n’ubwicanyi n’ubundi bugizi bwa nabi ku banyagihugu, gushishikariza ubugizi bwa nabi n’ubugizi bwa nabi bushingiye kuri politiki ».
U Burundi, Ubushinwa n’Uburusiya…inshuti nyanshuti?
Ishurahamwe ONU rivuga yuko Nkurunziza ‘ari we ubazwa ihohotera ribera mu Burundi’
Umubano w’u Burundi n’Uburusiya ushingiye kuki?
Mu gihe gito gishize, ubutegetsi bw’u Burundi bwatangaje mu nama ya (ONU) ko ata bibazo vy’umutekano canke guhohotera uburenganzira bwa kiremwa muntu biri mu Burundi.
Ambassadeur Albert Shingiro uhagarariye u Burundi muri ONU yatangaje ko ibivugwa biba bifise imvo za politiki bigamije kwonona isura y’u Burundi mu mahanga.
Shingiro yatangaje yuko ibibazo vy’u Burundi biraba Abarundi ubwabo kuko ari igihugu cikukiye, ibi bikaba vyaremejwe n’Uburusiya n’Ubushinwa bibanye neza n’u Burundi kurushaho muri ibi bihe.
Bwana Trump we yanditse ko ibihe u Burundi burimwo bishira mu kaga amahoro n’umutekano vy’igihugu n’akarere, ibi kandi ngo bigashira mu kaga umutekano wa Amerika na politiki yayo mpuzamakungu.
Amerika gushira igihugu cacu muri iki c’iciro bigira ingaruka mbi ku butunzi, ingendo z’Abanyamerika mu gihugu n’ingenzi.
Bigumiza kandi igihugu cacu mu kato ko kudahabwa infashanyo y’ibigo bimwe na bimwe mpuzamakungu Amerika ifisemwo ijambo rinini.
Naho kazoza k’Abarundi katari mu maboka ya Amerika canke ikindi gihugu, Abarundi turakwiriye kwikubita agashi tukamenya yuko igihugu cacu atari agasozi kari amarere kandi yuko butari nyamwigendako. Abaserukira igihugu bogira uko bashoboye kwose bakaba abanyabgenge mu vyiyumviro, mu mvygo no mu ngiro; tutibagiye n’Abarundi bose aho bari.