
Imigenderanire y’Urwanda n’Uburundi ntitosekaye uyu munsi kandi si nkugukubita urugohe ica itosogwa. Abasirikare ba Generali Paul Kagame baratojwe kwanka Abarundi kandi nawe nyene aranavyitegurira mu kugira umukuru w’ingabo ziwe Général Major Jean Bosco Kazura, umunyarwanda yakuriye mu ntara ya Cibitoke mu Rugombo, akaja kwiga kuri Saint Albert na Kaminuza y’Uburundi mu congereza akaba anamenyereye igisagara ca Bujumbura kuko yabaye mu Bwiza.
Umukuru w’igihugu c’Urwanda ariko arifashisha kandi ibinyamakuru bitema bigatongora birondera gusambura igihugu bihereye ku gisirikare n’imigambwe harimwo na bishasha nka 1.IYAKURE TV 2. ISHAMI TV 3. M24 TV 4. KIGALI NEWS 5. ISHAMI TV 6.KIGALI INSIDE 7. RWANDA VOICE 8. CNL INYANKAMUGAYO 9.TELEFTX TV 10. KIGALI MEDIA TV 11. IWACU MAGAZINE 12. PILOT RWANDA n’ibindi. Bica biza birasanzaza amakuru y’ibihuha mu gasakisaki kandi iminsi yose kugira ngo abafise imitima ihuha bate bomoke.

Abasirikare biwe bateye Uburundi, naho bari bazi neza igitigiri c’Abasirikare bari mu gahinga ka nyaga nande k’ikibira ko batarenga 92 bagiye ari nkizigekandi bambaye amarori abona mwijoro, bitwaza ibikoho vya rutura kandi bambara ibikofero n’ibikoti ntamenwa ariko ntibasubiye inyuma amarembe nkuko muvyibonera kuri ayo masanamu.
Abo mutuma kwicwa, nabo mutuma kwica mugaheza mukishongora ni abana b’Imana kandi bose muzobabazwa. Ikindi Abarundi barayamaze ngo ruriye mukaso nawe rutakwibagiye.