UMUTUMIRO W’AMASENGESHO Y’IHANGA RYERA RY’IMANA Y’IY’INDWI 25-30/11/2019

UMUTUMIRO W’AMASENGESHO Y’IHANGA RYERA RY’IMANA Y’IY’INDWI 25-30/11/2019

Ihanga Ryera ry’Imana ni Ishengero rya Yesu Kristo rifise ibicaniro birenga 50 biri mu ntara zose z’igihugu cacu c’Uburundi n’ibindi biri mu bihugu duhana imbibe, muri Afrika, Aziya, Australiya, Ubulayi, Amerika na Kanada. Ivyo bicaniro vyose murakurakuranwa iminsi yose mu gusenga gufatanije no kwinginga dusengera igihugu cacu c’Uburundi kandi dusengera n’imitwaro itandukanye y’Abarundi. Iruhande y’igikogwa c’amasensensho turabgira ubutumwa bgiza bga Yesu Kristo abaremwe bose tugakora n’ibikogwa vy’imbabazi n’urukundo ku bagowe, abagwaye, impunzi, abapfunzwe, abageze muzabukuru n’abafise ibibazo bitandukanye.

URUFATIRO

Wibuke ushimire Uhororaho Imana yacu: “Yemwe banyamahanga mwese, ni mushimire Uhoraho; Yemwe mwa moko yose ni mumuhimbaze, kukw’imbabai atugirira ari nyinshi, kand’ukuri kw’Uhoraho kwamah’ibihe bidashira. Haleluya!” [Zaburi 117:1-2]

INYIGISHO

  1. Amashimwe: Twese nk’Ihanga Ryera ry’Imana turafise vyinshi vyo gushima, nawe nk’Umukristo ku giti cawe urafise vyinshi vyo gushimira Imana. Ubidondagure vyose kimwe ku kindi. Ihanga rirashimira Imana yuko:
  2. Twese twaracunguwe n’amaraso ya Yesu Kristo [Abayefeso 1:7, Yesaya 44:22, Abaigalatiya 1:4, Abaheburayo 9:15, 1Abikorinto 1:30-31]
  3. Twahawe Mpwemu Yera wo kuturongora[Abaroma 8:2-6, Abacamanza 3:10-14, Matayo 12:31-33, Luka 24:45-49, Yohana 3:6-8, Ivyakozwe n’Intumwa2:1-5]
  4. Twahawe uguhishurirwa kuvuye k’Uhoraho Imana [ Yesaya 1:15, 45:15, 64:7, Mika 3:4, Yeremiya 4:22, Yohana 4:22, Abigalatiya 4:8, Abayefeso 4:8, Zaburi 119:105]
  5. Twahawe isezerano ry’intahava [ Kuvayo 14:14, 20:12, Yesaya 40:29, 43:2, 54:10, 2Timoteyo 4:7-8, Yeremiya 29:11, Yohana 3:16, 11:25-26, 2Abikorinto 4:14, 1Yohana2:24-25, Yakobo1:2-4.]
  6. Twahawe ivyizigiro n’ubushobozi bgo kuzuka muba pfuye[Yohani 11:25:26, Daniel 12:3, Luka 20:35-36, Abaroma 6: 5, Ivyakozwe n’Intuma 26:23, Abikolosayi 3:4]
  7. Twahawe ubushobozi ku caha, indwara n’ibibi satani ateza[Luka 10:19, Mariko 3:15, Matayo 10:1, Mariko 6:7, Luka 9:1, 1Yohana 2:13, Yakobo 4:7, Abayefeso 4:27]
  8. Twahawe isezerano ryo kuja mw’ijuru[Yesaya 25:8-12, Yohana14:2-4, Matayo 5:17-20, Abikolosayi 3:1-7, Ivyahishuriwe Yohana 7:13-17, 21:4-8, 2Petero 3:13]
  9. Twahawe indagano y’Uburundi bw’isezerano [Itanguriro 12:7, 17:8, Abalewi 20:24, Guharura 14:8, 2Ingoma7:14Daniel 9:18-19, 1Petero2:1-25]
  10. Amasengesho yo gushima:
  11. Mu gushima turatahura icotwahamagariwe no kwegera Imana.
  12. Umuhamagaro wo gutera imbere mu Mpwemu no mu mubiri [Abifilipi 3:12-14]
  13. Umuhamagaro w’ubuntu, urukundo n’imbabazi bga Yesu Kristo [2Timiteyo 1:8-8]
  14. Umuhamagaro w’uko turi ab’ijuru kandi yuko Yesu Kristo ariwe rufatiro [Abaheburayo 3:1]
  15. Mu gushima turatahura ubutunzi twarazwe nk’abera [Yesaya 61:10-11, Matayo 5:6].
  16. Mu gushima turamenya ubushobozi bg’Imana twahawe [Ivyakozwen’intumwa 1:8, Roman 8:11, 2Petero 1:3, 1Yohana 4:4]

IVYO MPWEMU YERA AHISHURA

-Hariho abapfuye bagendagenda kuko batamenye Yesu Kristo. Umuntu aba muzima vy’ukuri iyo yamenye Yesu Kristo akamubera umwami n’umukiza gusa.

– Hariho impumyi zihenda ngo zirabona kandi zigendera mu muzimagiza zikanazimiza abandi, muzirinde.

– Hariho n’abagenda amenya, bambaye ubusa n’ubwambure bgabo bukibonekeza ariko bobo bakihenda ngo barikwije.

– Hariho abavugishwa b’ibinyoma bagenda barabeshera Imana ngo yavuze kandi ari amarangamutima n’ivyiyumviro vya kameemere kabo.

Abo bose ivyaha vyabo barabigendana, bakabivugana ubutumwa, bakabiririmbana, bakabivugishwana, bakabisengana ntibahinduke. Muzobamenyera ku vyiyumviro, amajambo n’ibikogwa vyabo.

IMITWARO YO GUSENGERA

1.         Tuzosengera igihugu cacu c’Uburundi kugira ngo ubugombe bg’Imana bgonyene abe aribgo bukibeko, Imana igishitseko ivyiza vyinshi yasezeraniye igihugu n’abanyagihugu.

2.         Tuzosengera Umurongozi mukuru Imana yashinze gutunganya ibikogwa vy’Ihanga Ryera ry’Imana ryose n’abarongozi b’ibicaniro, ibiri mu gihugu n’ibiri mu mahanga; n’abizera bose ngo babe mu kiganza ca Yesu Kristo kandi Imana ibongere Inkomezi.

3.         Tuzosengera abizera bariko baraburabuzwa n’inyigisho z’imico n’imigenzo y’amadini, abajuragizwa n’inyigisho z’ibinyoma zasutswe mu bantu n’abariko barajuragizwa n’abarongozi babi.

4.         Tuzosengera abana bato bariko baricwa bagize amasanganya yo gutwagwa n’inzuzi, guhitanywa n’imiduga n’inzindi ngwara zitandukanye z’ivyaduka.

5.         Tuzosengera ngo abatarakizwa bakizwe, ubutumwa bgiza bukwire imihingo yose y’igihugu Abarundi benshi babohoke bizere Umwami Yesu kristo

6.         Satani yavyuye ingunza akoresha abantu benshi mubgicanyi akoresheje intambara, ubgicanyi, ishano, uburozi bgo mumuyaga n’ubundi bukozi bg’ikibi. Tuzosenga ngo ikiganza c’Imana kibe ku bayo bose.

7. Tuzosengera imitwaro twama turiko turasengera y’ingo n’imiryango, abagwaye, abapfunzwe, impunzi, impfuvyi n’abapfakazi, abashonje, abari mu mutekano muke n’imitwaro itandukanye iri mugihugu no mu bantu.

IMPANURO KU MUKRISTO

  1. Kirazira kwisuka muvya politike y’imigambwe, imihariri n’iyindi migwi y’igisha urwanko. Mube abagwaneza n’abanyabgenge.
  2. Kirazira kwifatanya n’imigwi y’abambara imyambaro y’imyiyamamazo n’iyindi migwi ivangura abantu.
  3. Mwubahirize amategeko ari mu gihugu murimwo kandi mwirinde muvyo mufungura, abo mugendana n’abo muganira.

Mwame muzirikana yuko muri abana b’Imana, mukunde bose, murengere ibiteranya abantu kandi mwibange cane abantu bose mu kwigisha ubuntu. Umwami n’Umukiza wacu Yesu Kristo abane namwe mwese, Amen!