
Abarundi beshi gushika ubu ntibazi insiguro y’izina Uburundi Niyo ryavuye.
Ariko hari abagize akigoro bararondera kumenya insobanuro yaryo.
Kubwa Gerturuda Kazoviyo umwigisha muri Kaminuza y’uburundi, uburundi risigura umurwi w’ingoma ntonto:
(le regroupement des petits royaumes)
Ijambo UBURUNDI rivuye murivuga kurunda risigura kwegeraniriza hamwe mumurwi umwe.
Ivyo bica vyerekana ko ingoma y’uburundi yabonetse ivuye mumurwi w’ingoma ntonto zoba zegeranirijwe hamwe zigira ingoma imwe. Mbere uyo mwigisha abwita » Uburundo bw’ingoma »
Kazoviyo yerekana ko kuri Ntare Rushatsi Cambarantama,uwo kahise kavuga ko ari we Rufuku rwafukuye igihugu (fondateur du royaumme) nko hagati mukinjana ca 17, uburundi bwari bugizwe n’intara z’ubu arizo: Muramvya, Gitega,Ngozi n’igice ca Rutana. Ataraza ubwo Burundi bwatwarwa n’umutware Nyaburunga (uburundi bwa Nyaburunga).
Rero uburundi bwa Ntare bwari bugizwe n’intara kama ya Mugamba,Kirimiro Bututsi na Nkoma.
Kazoviyo abandanya ati, igihe Ntare yashika yasanze ako karere gatwarwa n’abatware batobato maze umwe umwe akagira akarere yatwara (chefs des petits royaumes : roitelets).
Munyuma Ntare Rushatsi yarabegeranije kugira abagire igihugu kimwe, gutyo Uburundi buba buravutse.
Kubwa Denis Bukuru ,nawe nyene avuga ko izina Uburundi rivuye murivuga kurunda, atari kwegeraniriza hamwe ingoma gusa ahubwo hajamwo no kwegeraniriza hamwe umuryango. » (Rassemblement des clans) Ninaho bivurwa ko uburundi ari ubw’imiryango.
Rero insobanuro y’uburundi ntigarukira gusa kugihugu
iranasobanura abanyagihugu
( le peuple)
kuko bugizwe n’imiryango yegeranirijwe hamwe bavamwo igihugu kimwe, Mwubahwe.