Ndagushimiye bivuye ku mutima.
Waragerageje kwegeranya ingwara zizingamitese abarundi bo mu mice yose.
Uku nukuri gukwije vyose, iyo abantu bavukiye mu rwanko, bakarukuriramwo, barusaziramwo bakaruraga abana babo nabo bakazoruraga ababo, iyo hatabaye ubuntu bwa Kristo, nigihugu cose gishobora kugira abantu b’urwanko gusa maze Satani agahabwa intebe yicubahiro.

Mu kurangiza ngushimiye ko washizemwo kubasengera, ivyo nivyo bikorwa bihesha icubahiro YEHOVA.
Umwami Imana akomeze kuguha Mpwemu Yera kugira ico gikorwa uzogisozere neza gitanga intsinzi, ivyo bisumba kumara umwaka usemerera ngo uriko ukorera Ndiho naho ukorera Satani mu zindi nzira utabizi.
Imigisha ya Kristo Yesu ikururukireko!