Umutumiro w'Amasengesho y'Ihanga ryImana y'iyi indwi

UMUTUMIRO W’AMASENGESHO Y’IY’INDWI 1-7/12/2019Ihanga Ryera ry’Imana ni Abarundi n’Abarundikazi bamenye yuko ari abakunzi b’Uhoraho Imana, batoranijwe bagahabwa isezerano kubera ubuntu, imbabazi n’urukundo rw’Imana. Ihanga ry’Imana rifise ibicaniro birenga 50 biri mu ntara zose zigize igihugu cacu, no mu mahanga mu bihugu vya Afrika, Ubulaya, Australiya, Asiya Canada na America. Abari muri ivyo bicaniro bitanga batiziganya basengera igihugu c’Uburundi n’imitwaro y’abarundi nkuko Uhoraho Imana yabitegetse. Umunsi wose ugize indwi ufise abasenzi baba bariko barasenga. IVYO MPWEMU YERA AHISHURA1. Mu Burundi abantu benshi bafata ivyo Uhoraho Imana nk’ibihunda, ibintu bitagira akamaro. Abandi bakabifata nk’urudandazwa rubazanira ivyubahiro n’amaronko maze ivyo bakora vyose bakaraba inyungu zabo aho kuraba umugambi w’Imana.2. Mu Burundi, abantu benshi barereshejwe kandi bakuriye mu rwanko, ukubesha no kubesheranira, irementanya n’ukwimbana mu mizi kugira ngo abantu ntibatere imbere. Benshi barahiga ngo batukishe, basige iceyi abanda. Baratyozana, baracafuzanya kugira ngo bicire kazoza abandi ngo bapfe ataco wimariye, ivyo vyose bigasutamika urwanko. 3. Mu Burundi hari abanezereregwa amagogwa y’abandi bagaca biva inyuma mu gukora ikibi. Icaha c’urwanko nti kigenda conyene. Gikwega gucanishamwo abandi n’ubgicanyi. Ako kabi karadwebereye no mu miryango, mu bavukana no mu bavuga yuko bakorera Imana. 4. Kubera iyo mbuto mbi satani yabivye mu bantu, benshi bakuze ari impfuvyi, abanda bakura ari impunzi n’abandi bakuze batagira icepfo ca ruguru abana bagakura badafise aho bavoma imico n’imigenzo myiza. Urwanko ruri mu bize n’abatize, abaganza n’abaganzwa, mu bakuru n’abato. Harageze yuko akabi karanduranwa n’Imizi.5. Imana iraje kandi ifise umurndi mu nini wo gutabara abayizeye bose. Kubgivyo semerere abantu bose bihane, bakizwe bahinduke; abari mu mikino y’abajambo, ubuvugishwa no kwizagira bikubite agashi kugira ngo babone ubgiza bg’Imana.
URUFATIRO-Mukundwa, burya uwudakunda mwene se ni umubeshi [1Yohana 4:20] kandi n’uwanka mwenese ni umwicanyi [1Yohana 3:15] Ihanga Ryera ry’Imana rihamagarigwa kwiga no kwisha urukundo ruva ku Mana kugira ngo Abarundi bose bahinduke. Duhamagarira umuntu wese kugira urukundo kuri bosekugira ngo igihugu cacu gikire. – Umuntu wese arakwiriye kumenya ico ari muri Yesu Kristo kugira ngo ntabe ingwizamurongo. Twese turi igikogwa c’Imana, c’iteka, twaremewe gusa n’Imana. [ Yohana 17:23, 2 Abikorinto 13:11, 2 Timoteyo 3:16-17, Abaheburayo 13:20-21, Yeremiya 18:1-6, Yesaya 1:25-26, Malakiya 3:2-3, Tito 2:13-14]INYIGISHO- Abantu benshi barirengagiza n’ibigirankana kuvuga beruye mu kwamamaza imbabazi, ubuntu n’urukundo rwa Yesu Kristo. Abantu baramara iminsi, amayinga, amezi n’imyaka bavuga ibintu vyo gusamaza no kwibagiza abantu URUTONDE n’UMUGAMBI w’Imana wo GUCUNGURA abantu kubwo urukundo, imbabazi n’ubuntu Imana yagiriye abaremwe.-Ushobora kuba uri mu ntambara z’urwanko, ukutumvikana, amazimwe, inzara, ubukene, kubura akazi, amagwara n’ibindi ukaba warabuze ico wokora; ijambo ry’Imana rije rivuga riti ntucike inkokora, ntiwihebure kandi ntiwiyahure, Yesu Kristo aragukunda kandi araje kugutabara. Yesu Kristo niwe soko ryo kunesha.- Umuntu wese ahindure abone kazoza nkuko Imana yabiduhaye, abafise ivyo biyagiriza muri kahize basavye imbabazi bamenye yuko bahariwe kandi yame yibuka intumbero Uhraho Imana imufiseko. [Abayefeso 2:1-10,osayi 3:1-3, Abigalatiya 2:20, Abayefeso 3-12]IBIRANGA URUKUNDO RW’IMANA-Urukundo rw’Imana ntirugira iherezo kandi rwamaho [Yeremiya 31:3, 1Yohana 4:8, 1 Abikorinto 13:13, Abaroma 8:38, Yesaya 54:8, Abayefeso 2:4-5, Matayo 28:20]-Urukundo rw’Imana rurarenze akagero kandi ntco worugereranya [Abaroma 5:5, 1 Abitesaloniki 1:9-1, Yohana 3:16-17, Matayo 5:3-10, Zaburi 136:1-3]Urukundo rw’Imana ntaworudukurako [ Abaroma 8:35-39,]ICO DUKORA KUCEREKEYE URUKUNDO RW’IMANA-Kwemera tudakekeranya yuko turi abakundwa b’Imana [1Yohana 4:16, Abaroma 5:82 Abikorinto 5:18-19, Abayefeso 3:4-5, Tito 3:3-5]-Kureka urukundo rw’Imana ngo rube muri twe [1Yohana 4:17-18, 1Petero5:7, Zaburi 23:1, Abifilipi 4:6-7, Zaburi 91:1-2, Yuda 1:21]-Gukunda abandi nkuko Imana idukunda [Yohana 4:20-21, Abayefeso 4:2, 1 Petero 4:8, Yohana 15:12, Abikolosayi 1:8, Itanguriro 45:15]IMITWARO YO GUSENGERA-Tuzosengera igihugu c’Uburundi ngo Uhoraho Imana igishitseko ivyiza vyinshi yagisezeraniye. Ubugombe bg’Imana bushike.-Tuzosengera abarongozi batandukanye Imana yahaye amabanga yo kurongora Ihanga ryayo,kugira ngo bongegwe uburinzi, ubutwari, inkomezi no kwongegwa inkomezi.- Tuzosengera abakozi b’Imana bo mw’Ihanga Ryera ry’Imana, abari mu mashengero atandukanye mu gishugu cacu no mu mahanga kugira ngo Uhoraho Imana abahe umuco muri ibi bihe isi yinjiyemwo.- Tuzosengera abantu bari mu buzimire bakazimiza abandi. Biha amazina y’ivyubahiro bakigira abakozi b’Imana Isumbavyose maze bakigisha urwanko, bakavugishwa ibinyoma kandi bagakora n’ivyaha bitirimutsa abandi.- Tuzosengera ingwara z’ubgoko bgose, izoroshe n’izihambaye izivurigwa kwa muganga n’izo bavuga yuko zidakira.- Tuzosengera abafise ibisebe vyo mu mutima, abakuriye mu rwanko, abavutse ari intabga, abakuze ari impunzi, abakuze impfuvyi n’abarutse bahamwa, bahahazwa n’akarenganyo.-Tuzosengera abakuze bigishwa kwankana, bigishwa uburyarya, kwiyorobeka no gukora ikibi.-Tuzosengera ya mitwaro yose twama turiko turasengera y’abagwaye, abari mu bukene, abashonje, abari mu ntambara mu ngo zabo, mu mashure, mu kazi, abari mu makambi y’impunzi, abari mu minyorororo itandukanye, abadafise akazi, abari mu mutekano muke n’abadafise aho baba.Umwamu wacu Yesu Kristo abane namwe mwese kandi abahezagire, Amen!