Leta y’uBurundi yafubanye iteka 40 abaguweko n’imisozi kubera imvura nyinshi mu ntara ya Cibitoke

Imana yarahishuye yuko hazogwa imvura nyinshi mu gihugu igahitana abantu n’ibintu ariko abantu benshi ntibabishizeko umutima. Imaze kugwa naho ikica abantu bashika 26 babifata yuko ari impanuka zisanzwe.

Abarundi turakwiriye kwama twumviriza kandi dutegera ijambo ryose rivuzwe no kuri kurikirana tukabikora kugira ngo ntitugende nkimburabgenge. Duteramire igihugu cacu mu mubiri no mu Mpwemu.

Uyu munsi niho hashinguranwa iteka abantu 40 bahitanye n’imvura. Mu bategetsi bitavye uyo muhango habonetsemwo umuhuza Eduwari Nduwimana na Evariste Ndayishimiye.