Umuntu yiyita Dr Katikati Armand Moshe nawe yiyimitse ngo ni Umwami w’Uburundi

Inyuma ya Muhimpundu Lambert yahora aba mu gihugu ca Uganda akiyimika ngo ni Umwami w’Uburundi akaniyita Muyimpundu Yoshuwa akahava anataha mu gihugu mu mpisho ngo agiye gutanguranwa na Nyenicubahiro Petero Nkurunziza , habonetse uwundi agira umunani yitangaje kwiyimikira ingoma y’Uburundi. Uyo Lambert Muhimpundu yaranzwe no kwifatira mu gahanga umukuru w’igihugu n’abamufasha, amadini n’amashengero yose eka n’umuntu wese yibaza yuko adashigikiye ubuzamyi bgiwe. Afata ubuvugishwa bgose yumvise akabgita ubgiwe maze akabuha intumbero ya politique.

Uwo mwubahwa, Armando Katikati asanzwe ari umugamga w’ibitungwa afise aho akorera hafi y’amacuniro mu gisagara ca Bujumbura akaba anavuga yuko afise igicaniro c’amasengesho mu ntara ya Rumonge ari naho yahishuriwe yuko yatoranijwe. Muvyo yigisha, avuga yuko ariwe yatoranirijwe kurongora igihugu c’Uburundi n’isi yose. Kandi akavuga yuko anafise ububasha bgo kubatiza abapfuye bakazoja mw’ijuru.

4 commentaires sur “Umuntu yiyita Dr Katikati Armand Moshe nawe yiyimitse ngo ni Umwami w’Uburundi

  1. A chaque Exode Biblique, Dieu envoie au monde un Prophète, Une Colonne de feu au dessus de lui comme signe, et les élus écoutent sa voix et le suivent. Aussi, à coté de lui, des imitateurs arrivent directement essayant de détourner les élus de vers d’autres orientations.

    1) Du temps de Moise,lors de l’Exode de enfants hébreux vers la terre promise, à coté de Moise, Janès et Jambrès, Coré et Datan, Balaam etc.. se sont élevé pour combattre Moise, se croyant aussi serviteurs de Dieu. C’était lors du Premier Exode.

    2) Lors du 2ème Exode, Paul sur le chemin vers Damas, croisa la même colonne de feu, et eu une commission de faire faire un exode spirituel les élus de Dieu, de la dispensation de la Loi, vers le salut qu’on reçoit par la grâce., des imitateurs comme au temps de Moise sont apparus. Des démas et autres religieux de son époque se sont élevé pour imiter jusqu’aujourd’hui même.

    3) Aujourd’hui, William Branham, avec la même Colonne de feu, afin de faire faire un dernier exode qui est le 3ème des élus de Dieu, des corps mortels au corps immortels, avec un message qui certainement donnera la foi nécessaire aux croyants, pour leur transformation physique et le départ à la rencontre de leur Seigneur Jésus-Christ, Des imitateurs selon Mathieu 24:24 doivent apparaitre. Des William Soto Santiago, Ewald Frank, Baruti, Kacou Philippe, Migurumiko Josué, Ndege Mkali, et pourqoui pas ce Katikati Armand? Mais je pense que les élus ne peuvent et ne pourront en aucun cas être séduits par ces personnages. Pourquoi? presqu’ils ont leur absolu qui est la Parole (Christ Lui même sous formes de lettre pour dire la Bible révélée aux élus).

    J’aime

  2. William Branham (umuntu) niwe Eliya yarungitswe kuburu runganwe rwacu kugirango dusubire turonke Mpwemu Yera (ari nawe Kristo Yesu), nkakumwe ko ku musi wa Pantekoti, nikwo (GUSUBIZWA KWIMITIMA YABANA KUYABASE).

    Ubutumwa bwiwe nabwo, nibwo buduha ukwizera kuduhesha guhindurwa no kuzamurwa gusanganira Umwami wacu muburyo BUGARAGARA iyo mu birere. Kristo ubwiwe,
    Hama mubw’Isirayeri hace hahagurutswa uwujana ubwo butumwa nyene bwari mu mahanga, abushire bamwe 144.000 aho hazoba ari mugihe kigoye c’intambara ya Haramagedoni ariyo ntambara ya 3 y’isi yose. Uno musi, Ntashobora gukandagiza ikirenge ciwe kuriyi si ya none tubako imbere yuko Ishengero rizamurwa, iyi si nayo ikezeshwa umucanwa

    Mu gihe tuzoba turi mumazimano, nibaza ko azomara imyaka 3 n’igice, nukuvuga Ishengero ry’abanyamahanga ritakiri aha kwisi, niho hazoboneka Uwusizwe amavuta ariwe azoba arimwo imigabane 2, umwe wa Eliya uwundi wa Mose. Uwo azoba aje kuba ny’Isirayeli bamwe 144.000,

    IMANA NTIYIGEZE NA RIMWE IKORERA MUB’ISIRAYELI NO MU MAHANGA MUGIHE KIMWE. KUBWIVYO, UMUGENI SHENGERO WA KRISTO NAWE WO MUMAHANGA, NTASHOBORA NAMBA GUHENDWA N’ABANTU BUNTU BIHAGURUTSA NKUKO, UMENGA HARI IKINDI KINTU BAMUZANIYE.

    Abo bategerezwa kubaho kuko Ijambo ry’Imana riravuga ko bazobaho. N’ikimenyamenya ko ataribo, naho birirwa barapfungwa n’abiyisi.
    Ukuza kwambere kwa Kristo, yari Umwagazi. Umwagazi n’igikoko giciye bugufi cane. Uwariwe wese yokubita akagifata uko yigombeye.
    Ukuza kwiwe kwa kabiri, aza ari Intambwe ya Yuda kuganza iyisi n’ububasha bwinshi. Intambwe, n’igikoko citwa Umwami w’ishamba. Kristo ukuza kwiwe ntazopfungwa ahubwo azokwubahwa isi nawe ayuzuze amahoro n’urukundo.

    Uwatoranijwe ari muri wa mubiri wa Kristo, ntawundi mutekamutwe yoshobora kwumviriza namba.

    J’aime

Les commentaires sont fermés.