Abakozi b’Imana bo mw’Ishengero rya Kristo Yesu- Ihanga Ryera ry’Imana barabandanya kunyuragira igihugu cose c’Uburundi bigisha ijambo ry’Imana Nyeningabo. Muri abo, harimwo umuvugabutumwa Golden Bigirimana amaze kugendera amashengero atari make agenda arigisha ubutumwa bgiza bgo kwihana, kwiyeza no gutunganya ingeso kugira ngo abantu bose babone ugutabagwa n’Imana. Aho yari ku Mutambala mu ntara ya Rumonge.