
UMUTUMIRO W’AMASENGESHO Y’IYI NDWI YO KUWA 16-22/12/2019
Ihanga Ryera ry’Imana ni Ishengero rya Yesu Kristo rifise ibicaniro vy’amasengesho birenga 50 hirya no hino mu gihugu cacu c’Uburundi no mu bindi bihugu biri kw’isi muri AFRIKA, AZIYA, UBULAYA, AMERIKA na KANADA. Ivyo bicaniro bimaze imyaka myinshi bisengera igihugu c’Uburundi n’imitwaro y’Abarundi kandi biteramiye Isezerano Uhoraho Imana yahaye Ihanga ry’Abarundi. Ivyo bicaniro nyene nivyo vyaramuye intumwa, abavugabutumwa, abungere, abavugishwa, abaririmvyi n’abandi banyengabire batandukanye. Uwariwe wese arahawe kaze kwifatanya n’ihanga Ryera ry’Imana. Ibisabga ni ukwihana vy’ukuri, ukwezwa no gutunganya ingeso maze twese tukagendana n’Imana.
URUFATIRO
Muri iyi minsi isi yose yibuka ivyuka ry’Umwami n’umukiza wacu Yesu Kristo, hariho abantu bata umwanya n’inkomezi zabo mu bihari bitagira akamaro ngo umunsi w’ukuri w’ivuka ry’Umukiziza si uyu canke uriya; abandi ngo n’abapagani barahimbaza uyo munsi kubgo izindi mana. Ariko tweho ishengero rya Yesu Kristo- ihanga Ryera ry’Imana ntiduhimbaza umunsi canke ikindi kintu. Ntihagire ikidusamaza ariko tugire amahoro n’umunezero kubera yuko haciye imyaka 2000, Uhoraho yihinduye umuntu akavuka, akitwa Emmanuel- Imana muri twebge. [Yesaya 9:6]
INYIGISHO
Muri iyi myaka tumaze dusengera igihugu c’Uburundi n’imitwaro y’Abarundi, Uhoraho Imana yaratwihishuriye yuko yaduhaye isezerano ry’intahava twebge Ihanga ry’Abarundi. Yatugize Ihanga Ryera, inyegu yiwe asezerana kudukureko ivyago vy’intambara, amacakubiri, ubgicanyi, inzara, indwara n’ibibi bibi vyishi maze ikaduha igihugu gitemba amata n’ubuki, amahoro, umutekano n’iterambere ridasanzwe kugira ngo dushobore gutegura gutwara umuvyuro ikanguro mu mahanga. Muri ibi bihe no mu bihe biza mugira amahoro n’umunezero. [Abaheburayo 10:23]
IVYEREKANYWE
Uhoraho Imana yarahishuye ibimenyetso bitari bike kandi bimwe murivyo biramaze gushitswa. Imana ntiyabihishuye kugirango itere ubgoba canke irandure imitima y’Abarundi ahubgo yibira akabanga abasavyi bayo kugira ngo ibemeze yuko ariyo yisidukiye gutabara abo ikunda kubera urukundo, imbabazi n’ubuntu bgayo butangaje. Muvyerekanywe mu Mpwemu no mu mubiri, harimwo yuko:
– Hazogwa imvura nyinshi irimwo imituragaro, imiravyo n’urubura;
– Hazotera inzuki nyinshi hirya no hino mu gihugu no mu mahanga zinumura abantu;
– Habonetse ijwi risemerera mu gihugu cose rivuga yuko Abarundi basesereje umutima w’Imana mu kuja barayerera mu bisagara vyo hanze ngo bariko bararondera amahoro;
– Iryo jwi nyene ryahamagarira Abarundi bose ngo bareke gutungana intoke ngo banaka nibo babi kandi bareke no gushorana mu makungu;
– Harerekanywe yuko Abarundi banse kwihana, umwicanyi azotumwa uwundi mw’icanyi;
– Harerekanywe yuko Abarundi banse kwumvira Imana ngo bahebe amacakubiri n’akarenganyo, abajejwe umutekano bazocanamwo basubiranemwo kandi n’abansi babo bazova hanze baze kubafasha kwicana habe imigwi itatu kandi bose yuko ataco bazoshikako;
– Harerekanywe kandi yuko hazozamwo n’indege zitagira abazitwara (abapilote) zizoza guhiga abantu zivuye mu bicu;
– Herekanywe impfu z’abantu bahambaye zizotuma Uburundi bginjira mu bihe bigoye;
– Muri ico gihe igihugu kizocura umwiza aho ivyuma vyo gutumatumanko amakuru bizohagarara ntushobore guhamagara canke kwakira ubutumwa, ata whatsapp, facebook na Youtube. Ivyo ni ibihe vyo kwegera Imana cane no gusumba ibindi bihe vyose. Inyuma yivyo ivyasezeranywe vyose bizoca bishika.
IVYO KUZIRIKANA
Kenshi dukora ikosa ryo kureka ubgoba bukadutekera mu bihe ducamwo canke igihe ibigeragezo bije. Umunezero wacu ntukwiriye guhungabana kubera ivyo ducamwo kuko uva kandi ushimikiye kuri Yesu Kristo. [Yohana15: 11] Umunezero wanyu ube uwuzuye.
IMITWARO
1. Ihanga Ryera ry’Imana ryose ryifatanije n’abaKristo bose aho bari bazosengera igihugu c’Uburundi kugira ngo Uhoraho Imana Nyeninkomezi kugira ngo ubugombe bgayo bube, ishitse isezerano.
2. Ihanga Ryera ry’Imana ryose rizosengera imboneza, abo Uhoraho Yehova yirobanuriye kurongora Ihanga ryiwe n’ababafasha bose, abakuru b’ibicanoro vy’Ihanga Ryera n’abakozi b’Imana batandukanye, abavugabutumwa n’abana b’Imana bose.
3. Ihanga Ryera ry’Imana, rizosengera amasengesho yumwihariko adasanzwe yo kurangiza uyu mwaka ihanga rigiye kwinjiramw kugira ngo Imana iziyerekane.
4. Tuzosengera Impfuvyi n’abapfakazi, abapfunzwe n’impunzi, abagwaye n’abagendana ubumuga, abana bato n’abageze muzabukuru.
Umwami wacu Yesu Kristo abahezegire mwese, Amen!