Igihugu c’Ubufaransa co kimwe n’ibindi bihugu vya Bulaya biragirizwa guhungabanya ibihugu vyo muri Afrika.

Uyu munsi mu gihugu ca Burkina Faso bafashe ibigwanisho birimwo inkoho nshasha zidasanzwe vyari biri mu vyikorezi mudahangagwa kuko biba biriko ikidodo ca diplomasiya. Kandi si ubgambere ubufaransa burungika ibikoresho vya rutura bigenewe abagwanyi hanyuma bigagatwa.

Hagati aho mu bagwanyi bagisibije mu gihugu ca Mali, mu Sahel, hafashwemwo abazungu bab’Abafaransa babiri mubona kw’isanamu bari mu migwi yirigwa irica abanyagihugu bo muri ako karere.

Ivyo abantu bita infashanyo n’ivyo bita imigenderanire myiza n’ibindi bihugu kenshi bigenda bikwegana n’ibindi bibi vyinshi nk’ubusuma, ubgicanyi n’ayandi mabi.