Amasengesho arangiza umwaka wa 2019 atwinjiza muri 2020, Amen!

UMUTUMIRO W’AMASENGESHO Y’IHANGA RY’IMANA WO KUVA 23-30/12/2019

Ihanga Ryera ry’Imana ni Ishengero rya Yesu Kristo rifise ibicaniro vy’amasengesho birenga 50 hirya no hino mu gihugu cacu c’Uburundi no mu bindi bihugu biri kw’isi muri AFRIKA, AZIYA, UBULAYA, AMERIKA na KANADA. Ivyo bicaniro bimaze imyaka myinshi bisengera igihugu c’Uburundi n’imitwaro y’Abarundi kandi biteramiye Isezerano Uhoraho Imana yahaye Ihanga ry’Abarundi. Ivyo bicaniro nyene nivyo vyaramuye intumwa, abavugabutumwa, abungere, abavugishwa, abaririmvyi n’abandi banyengabire batandukanye. Uwariwe wese arahawe kaze kwifatanya n’ihanga Ryera ry’Imana. Ibisabga ni ukwihana vy’ukuri, ukwezwa no gutunganya ingeso maze twese tukagendana n’Imana.

URUFATIRO

Ihanga Ryera ry’Imana risenga rishimira Imana yuko yamye ishitsa ivyo yasezeranye kuva isi ikiremwa. Iyo dusenga dusambuza imigabo ya satani ntituvuguruza ikintu nakimwe Imana yashinze yuk kigiye gushika. Ihanga ry’Imana rishinze imizi mu vyizigiro vy’umuzima budashira, mu kuzuka kw’abapfuye, mu munezero wo gucungugwa kuko Imana yigize umuntu ikavuka nkumwana maze ikadukiza umuvumo w’icaha cerekanywe n’icangezwe; no guhabga igihugu c’amahoro, umutekano n’iterambere kugira ngo dutegure urugendo rushikana benshi muri siyoni yo mw’ijuru. [Yesaya 11:1]

INYIGISHO

Gushingira imico n’imigenzo yacu mu vyizigiro Uhoraho Imana yaduhaye

1. Ubuvugishshwa bganditswe imyaka 700 imbere yuku Umwami Yesu avuka brarashikijwe aho isi yaronka umukiza.

– Kenshi turasoma ubuvugishwa mugabo ntitwinjire mugushishoza neza ngo tumenye uko vyagenze. Turakwiriye kubona yuko Imana isezerana igashitsa duhereye ku karorero kivuka rya Yesu Kristo.

– Muri ibi bihe isi yibuka ivuka ry’Umwami n’umukiza wacu Yesu Kristo, harageze yuko twicara tukaraba uko Yesu yavugishijwe ko, ingene yavutse ivyo yigishije, ivyo yakoze n’ivyo yashikije mu buzima bgacu.

[Abaheburayo 6:19, Abaroma 8:24]

2. Ivyizigiro vyacu bikwiriye gutuma dushikama tugashira amanga mu kwezwa ku gororoka no gutungana cane kugira ngo twitegurire gukoreshwa n’Imana ivyo ubuhizi.

-Kuzana benshi ku gakiza, bakihana bagahinduka, bakabatizwa kandi tugafatanya urugendo ruja mw’Ijuru.

-Kujana ubutumwa bgiza bg’umuvyuro n’ikanguro bgo kugaruka kwa Yesu Kristo mu gihugu cacu cose no mu mahanga yose.

-Guteramira igihugu c’Uburundi bg’isezerano nkuko Uhoraho Imana yakidusezeraniye kugira ngo tubashe gutegura urugendo ruja mw’Ijuru.

– Gukundisha umuntu wese ukuri no kugororoka mugutegura urugendo rw’amasinzi y’abantu kugira ngo uwova mu mubiri canke igihe Yesu azogaruka ku bicu uwariwe wese aronke ubuzima budahera kuko ingero y’icaha ari urupfu. [Abaroma 6:23].

IVYO KUZIRIKANA

-Nkuko Imana yatoyeko Mariya atwara inda idasobanutse mu maso y’abantu, bikaba vyateye Yosefu amakenga ni nako Imana yatoye yuko Yesu avukira mu gisogororo agapfukwa utwahi tw’umwana ari mu rugendo, kandi akongera agahungira mu mahanga kubera ubgicanyi bg’umwami Herodi, niko Imana ireka ibintu vyishi tudatahura bishika.

-Nkuko Imana yatumye Mose kuja kubgira Pharawo ati reka abantu banje bagende kandi yongera igakomantaza umutima wa farawo gushika naho babonye ivyago cumi harimwo urupfu rw’abana b’impfura ni nako mushobora kubona ibidatahuritse kandi muri vyose kugira ngo Imana ihabge icubahiro.

-Nkuko Imana ikora ibintu kandi ikabicisha mu nzira zigoye niko namwe muzobona ibintu biteye ubgoba n’agahinda ariko ivyizigiro vyanyu muco Imana yasezeranye bitume mushikama mu bihe bigoye. Nkuko Imizi ari igihimba c’igiti tutabonesha amaso mwame mwibuka iyo mubonye igiti gihagaze cananiye imiyaga yose umenya yuko munsi gifise imizi igihagaritse naho muba mutayibona.

Imizi y’Ihanga Ryera ry’Imana ni ukwizera izina rya Yesu Kristo. Ushinze imizi mu vyagenze uba ufatiye ku rufatiro rwiza mugabo rw’igihe gito kuko ivyagezwe birasendwa ariko amaraso ya Yesu Kristo ni iriba ry’ubugingo.

IMITWARO

1. Ihanga ry’Imana ryose rirafise amasengesho yo mw’ibanga aho kumagenekerezo ya 26, 27 na 28 twese tuzoja mu masengesho yo mu cumba co hejuru dushima Imana kubgo 2019 no kwiragiza Imana muri 2020.

2. Ihanga Ryera ry’Imana ryose ryifatanije n’abaKristo bose aho bari bazosengera igihugu c’Uburundi kugira ngo Uhoraho Imana Nyeninkomezi kugira ngo ubugombe bgayo bube, ishitse isezerano.

3. Ihanga Ryera ry’Imana ryose rizosengera imboneza, abo Uhoraho Yehova yirobanuriye kurongora Ihanga ryiwe n’ababafasha bose, abakuru b’ibicanoro vy’Ihanga Ryera n’abakozi b’Imana batandukanye, abavugabutumwa n’abana b’Imana bose.

4. Tuzosengera Impfuvyi n’abapfakazi, abapfunzwe n’impunzi, abagwaye n’abagendana ubumuga, abana bato n’abageze muzabukuru.

Umwami wacu Yesu Kristo abahezegire mwese, Amen!