
Ihanga ry’Imana rigizwe n’Abarundi bari kumwe n’abanyamahanga baturuka mu mpande zine z’isi rifise ibicaniro birenga 50 bimwe biri mu gihugu cacu, ibindi biri mu mahanga muri Afrika, Aziya, Amerika, Australia, Kanada n’ahandi; ririko rirasozera amasengesho rimazemwo iminsi itatu.
Muri iyo minsi, Uhoraho Imana yarururutse avugana natwe, atwereka urukundo adukunda twebge nk’Ihanga yirobanuriye. Yaratubgiye urutonde rw’ibihe uko bizogenda bikurikirana kandi idutuma kubandanya dusengera Uburundi n’abarundi.
Kuri uyu munsi dufise umunezero ntangere wo gushimira Imana yacu kubgo urukundo n’ubuntu butangaje yatuzigamishije muri uwu mwaka turangije no kwiragiza Imana muri uyu mwaka wa 2020 tugira dutangure.
Ihanga Ryera ry’Imana riripfurije Abarundi bose n’abanyamahanga umwaka muhire wa 2020. Muzigamwe mwese!