Amazi akomeje kuba kimwe mu bimenyetso bihambaye vy’ibihe igihugu kigezemwo

Nkuko twabimenyesheje Abarundi n’abanyamahanga hashize imyaka ishika kuri itandatu, Uburundi ni igihugu Imana yatoranije. Ni igihugu gifise Isezerano twasoboye kubabgira ido n’ido ibirigize. Kugira ngo Isezerano rishike, twarababgiye ibimenyetso bizobanza gushika harimwo imvura izotera imyuzure, imvura ivanze n’amabuye mu mvugo mpanuzi.

Kandi naho mubona imyuzure hirya no hino ntiharagera. Hariho ibindi bice vy’igisagara harimwo uduce turimwo amazu y’abategetsi nka kiriri na Gasekebuye hazoshikigwa. Ivyo ni ivyavuye mu b’ubuvugishwa butandukanye.