Intambara n’impuha z’intambara ni bimwe mu bimenyetso vyerekana ukugaruka kwa Yesu Kristo

Ingene indege yitwa Drone yarashe umusirikare mukuru wo muri Iraki

Abantu benshi barumviriza ingene ibinyamakuru bimwe bimwe bikwiragiza impuha, ibinyoma bivuga yuko ibintu bicika mu Burundi kandi ari Amakuru y’ibinyoma. Abandi baribonera uko ibintu biriko biragenda kw’isi: Intambara, imiduga iraswa, indege zikorogwa n’amatati y’amahanga adateze gutoregwa umuti uyu munsi. Vyose birerekana yuko ari ibimenyetso vy’iminsi tugezewo.

Twebwe nk’Ihanga Ryera duhamagarira abantu bose kwihana, bakezwa kuko ntawuzi umunsi n’isaha.