Umutumiro w'Ihanga Ryera ry'Imana w'iyi ndwi

UMUTUMIRO W’AMASENGESHO WO KUVA KUWA 6-12/1/2020

Ihanga Ryera ry’Imana ni Ishengero rya Yesu Kristo, rifise ibicaniro birenga 50 mu ntara zose z’igihugu c’Uburundi no mu bindi bihugu vya Afrika, Canada, Amerika, Australia, Ubulaya na Aziya. Ivyo bicaniro vy’Ihanga Ryera vyose nta kindi bikora atari ugusengera amasezerano Uhoraho Imana yahaye igihugu c’Uburundi, gusengera imitwaro itandukanye, kwigisha ubutumwa bgiza bga Yesu Kristo no kuramura abanyengabire batandukanye. Iryo shengero rya Yesu Kristo rikaba n’Ihanga ry’Imana rikora ku mugaragaro ryemewe n’amategeko mu bihugu biteye imbere cane 2 no mu bihugu biri mu nzira y’amajambere 3 n’igihugu cacu c’Uburundi kirimwo. Umurundi wese afise ico Uhoraho Nyeningabo yamuhishuriye kw’Ihanga Ryera ry’Imana canke ugomba kurimenya arahawe kaze kwifatanya urugendo rugana mw’ijuru n’Ihanga Ryera. Twandikire kuri ihangaryimana@gmail.com canke whatsapp: +25761404181.

URUFATIRO RW’AMASENGESHO

Mu Burundi no kw’isi hagiye kuza ibihe bigoye. UmuKristo wese asabwe gushikama agashira amanga kugira no kwihane, kwezwe kugira ngo yambikwe inkomezi n’uburinzi. Muri Yesu Kristo honyene niho hari ubukiriro kandi Yesu we nyene niwe nzira n’ukuri n’ubugingo mu bihe vyose. [Yohani 14:6]

IVYO MPWEMU YERA AHISHURA

1. Imvura yahishuwe mu bihe biheze ntirarangira kandi izokurikigwa n’inzara ivanze n’indwara zivyaduka.

2. Uko Umwami Yesu Kristo yihamagarira akikwegerako abakira agakiza gashitse benshi niko na satani nawe yinyegeza mu mirongo y’ijambo ry’Imana kugira ngo azimize abandi.

INYIGISHO

1. Abakuru b’ibicaniro basabwa kwigisha ijambo ry’Imana nkuko bazorongogwa vyiyongera kuvyo bahawe bakurikije urutonde n’inyigisho abo barongoye bakeneye kugira ngo bakuzwe kandi bakomezwe mu gakiza. Ibicaniro vyose bihawe urutonde rwo kwigisha urukundo rushitse [1Abikorinto 13:7-13]

2. Hariho ibikoresho vya satani vyikinga agahumbezi kugira ngo babibe urwamfu mu buro bakigisha ngo Ihanga Ryera ry’Imana ni irihagarara ku vyagezwe 10. Nti bazi yuko ya madini yirigwa ariha inkumbi yigisha iryinyo kurindi n’ijisho kurindi yobatwenga kuko arakurikiza ivyagezwe kubarusha. Kuvuga ngo ivyagezwe ivyagezwe vyumvikana neza ariko ni ikinyoma ca satani. Yesu Kristo niwe ntango n’iherezo [Ivyahishuriwe Yohana 22:13]

– Ihanga Ryera rirongogwa n’Imana yo nyene kuko abana b’Imana ni abarongogwa na Mpwemu Yera. Ivyagezwe ntibisumba uwavyanditse. Ivyagezwe nti vyumva, ntibibona kandi imvugo yavyo ni mubambe gusa. [2Abikorinto 3:4-6] Ariko muri Yesu niho hari isoko y’ubugingo. [Imigani 14:21]

– Ihanga ry’Imana ni Ishengero rya Yesu Kristo. Mwene Ishengero niwe nyene arirongora. Yesu Kristo yararikunze, araripfira urupfu rubi, yavuye amaro ku musaraba, araribambigwa kugira ngo aricungure. Ntitwacunguwe n’ivyagezwe kandi nta muntu n’umwe ivyagezwe vyakunze ngo bimubambigwe, bimukize kandi bimweze ahubgo bizana, umuvumo n’urubanza rw’iteka. [Abigalatiya 3:10-13]

– Ihanga ry’Imana rirubahiriza ivyagezwe vyose atanakimwe kivuyemwo mu gukunda Imana n’imitima yacu yose no gukunda bagenzi bacu nkuko twikunda kuko Uhoraho yavyanditse mu mitima yacu. [Abaroma 2:15-16] Ivyagezwe 10 vyari vyiza iyo Yesu Kristo ataza kubaho. None uwanditse ivyo vyagezwe niwe yihinduye umuntu aba Yesu Kristo aza kuducungura. Kumurutisha inyuguti ni uguhemuka, ni ubuzimire n’ikinyoma ca satani. [Abikolosayi 1: 15]

3. UmuKristo wese, umuryango canke igicaniro, musabge inyuma y’ibi bihe vy’imvura nyinshi yahitanye abantu, imirima n’ibitungwa n’amazu; guca muja mu mirima kurima canke. Abadafise aho barima bakoteshe abatabishoboye begere abarongozi bo mw’Ihanga Ryera babibafashemwo. Abari ku bicaniro mu bihugu biteye imbere basabge kubifashamwo abari mu gihugu. Kuko ukwizera kutagira ibikogwa kuba gupfuye [Yakobo 2:14-26]

4. UmuKristo wese, umuryango canke igicaniro bazorondere kandi bazigame iminti ya nkenegwa ivura ingwara za malariya, ingwara zo gucibgwamwo, ingwara z’ibiturika, ibihute, ibiguma n’utundi duti tuvura mu nda n’utwo kuvura abana n’abakuze. Abari ku bicaniro vy’abari mu mahanga hateye imbere bisabwe gufasha abari mu gihugu. Imbere yuko wubaka ubanza kwicara hasi ugaharura neza [Luka 14:28]

IMITWARO

– Dukurikije urutonde rw’amasengesho twahawe n’ijuru, umwanya ku mwanya tuzosenga ngo ubugombe bg’Imana bube ku gihugu cacu c’Uburundi.

– Tuzosengera umurongozi Imana yashize imbere mw’Ihanga ryayo, abo bakorana bose bari mu gihugu no kumpande zine z’isi, abakuru b’ibicaniro, abakozi b’Imana bose hamwe n’Ihanga Ryera ryose.

-Tuzosengera abari mu buzimire bg’amadini canke inyigisho z’uruvange ngo ab’Imana ibihishurire, abanyavyaha benshi ngo bakizwe n’abagerereye kure y’Imana ngo bagaruke ku gakiza kugira ngo bose binjire mw’Ihanga Ryera ry’Imana, begere umusaraba kandi baramirize mu rugendo ruja mw’ijuru.

– Tuzosengera impfuvyi, abapfakazi, abageze muzabukuru, abapfunzwe, abahunze, abagendana ubumuga, abagwaye, abashonje, abatagira aho baba, abari mu mutekano muke, n’iyindi mitwaro itandukanye.Umwami n’Umukiza wacu Yesu Kristo abahezagire mwese, amen!