Ubuvugishwa bukuru bukuru bgashikirijwe n'abasenzi kuva mu mwaka wa 1995

TBIBUTSE BUMWE MU BUVUGISWA BGAVUYE MU NZOZI N’IYEREKWA KU BURUNDI

1* Mu mwaka w’1995 imigwi y’abasenzi batandukanye babwiwe ivy’ikivange vyariko vyinjira mu mashengero, bongera babgigwa n’ivy’amasezerano y’Imana akomeye cane ku gihugu, mbere bivanye n’uko babona k’umengo birahejeje gushika, abenshi cane baciye bava mu madini basengeramwo bitwa abasohoke.

Abasohoke baciye biyita Ihanga Ryera ry’Imana canke ishengero ry’Imana ritagira irindi zina kuko bari babgiwe yuko Ihanga ry’Imana ariryo rizotwara ikanguro mu gihugu no mw’isi. Kuko igihe kitari bgagere, ntiborohewe bitewe n’uko abarongozi bahoranye mu madini baciye bifatanya n’abajejwe intwaro hamwe n’abajejwe umutekano, barabatoteza bakubitwa inkoni banapfungwa agasakisaki bibatera benshi guhahamuka no gusanzara bamwe baca basubira mu madini.

2* Mu mwaka w’1996 mu bihe vy’intambara, abasenzi bahishurigwa inyuma y’intambara yariko iraba hazoba iyindi ntambara izomara umwanya mutoya cane, ariko igahitana abantu benshi cane; mugabo amahoro y’umusesekara akazoca aboneka.

3* Mu mwaka w’1999 umukozi w’Imana Beba ava muri Congo yeretswe uruzi runiniya cane rutemba ruva mu mitumba ihanamiye igisagara ca Bujumbura, ngo abona rutembera mw’itanganyika ngo ruca rukwira isi yose. Yavuga ikanguro.

4* Mu mwaka w’2000 hagaragaye satani asutse impwemu mbi mu mashengero no mu bakozi b’Imana, kugira ngo bacanemwo, bivange na politiques n’imigambge, bongere bagwize n’ubudumbidumbi bw’amadini. Ivyo birahari uyu munsi.

5* Mu mwaka w’2002 abasenzi bongeye kwerekwa ivy’amasezerano y’Imana ku gihugu c’Uburundi, bavugako Intwaro yagira ijeho izokundwa cane mugabo yuko abategetsi bazohava bacanamwo cane, ariko ngo inyuma yayo hazoza ubundi butware buvuye ku Mana. Ico nico Abarundi barindiriye uyu munsi muri 2020.

6* Mu mwaka w’ 2005 abasenzi babgiwe yuko hazoba imvura nyinshi izokwica abantu ikonona imirima igaca ikurikigwa n’ibiza, inzara, uruzuba, abandi babwigwa imvura nyinshi.

7* Mu mwaka w’ 2008 abasenzi babgiwe yuko mu Burundi hazoba Umwami yubaha Imana, hazoba ubutunzi bwinshi cane murico gihe, yuko kwinjira canke kuba mu Burundi bizoba bigoye, yuko hazoba umuvyuro n’ikanguro ukomeye cane mbere hakabaho n’ishengero rimwe rishwara igihugu cose kandi rikwire no mahanga yose yo mw’isi, yuko indimiro zizosubira kumera  n’ukwimbuka cane, yuko hazoba amabarabara y’indarayi hamwe n’indege nyinshi, kandi yuko Uburundi buzotera imbere gusumba ibihugu vyimbura ibitoro.