
UMUTUMIRO W’AMASENGESHO YO KUVA 13-20/1/2020
Ihanga Ryera ry’Imana ni Ishengero rya Yesu Kristo, rifise ibicaniro birenga 50 mu ntara zose z’igihugu c’Uburundi no mu bindi bihugu vya Afrika, Canada, Amerika, Australia, Ubulaya na Aziya. Ivyo bicaniro vy’Ihanga Ryera vyose nta kindi bikora atari ugusengera amasezerano Uhoraho Imana yahaye igihugu c’Uburundi vyamenyekanye biciye mu buvugishwa butandukanye, gusengera imitwaro itandukanye, kwigisha ubutumwa bgiza bga Yesu Kristo no kuramura abanyengabire batandukanye. Iri shengero rya Yesu Kristo ariryo Ihanga ry’Imana rikora ku mugaragaro ryemewe n’amategeko mu bihugu biteye imbere cane 2 no mu bihugu biri mu nzira y’amajambere 3 n’igihugu cacu c’Uburundi kirimwo. Umurundi wese afise ico Uhoraho Nyeningabo yamuhishuriye kw’Ihanga Ryera ry’Imana canke ugomba kumenya Ishengero rya Yesu Kristo, arahawe kaze kwifatanya urugendo rugana mw’ijuru n’Ihanga Ryera ruciye mu bikogwa vy’Ikanguro rizotwagwa n’Uburundi Bushasha bg’Isezerano. Uragomba gusengegwa, uragomba inyigisho, uragomba kubatizwa canke ubundi bufasha, uragomba gukora imirimo y’Imana mu kugororoka, Twandikire kuri ihangaryimana@gmail.com canke whatsapp: +257- 61404181.
URUFATIRO
Muri uru rugendo ruja mw’ijuru, harimwo abantu benshi bihamagaye n’abandi bahagurukijwe no gusamaza abari mu rugendo. Abakozi b’Imana bavuga ubutumwa bgiza bg’Umusaraba wa Yesu Kristo, bakigisha abantu ukwihana, ukwiyeza no guhinduka kugira kugira ngo abantu bitegurire ukugaruka kwa Yesu Kristo. Abasamaza ubgoko bg’Imana nabo bavuga ivyo Imana umurenzako bakabivanga n’inyigisho z’ugutandukanya abantu bitwaje ngo aba basenga ibikoko, ngo bariya bokejwe ivyapa vya 666, ngo abandi basenga iminsi itariyo, ngo ivyagenzwe n’imigenzo n’ibindi vyinshi vyo gutesha umwanya n’intumbero ubgoko bg’Imana. Mwiyubare abadahamagarira Ihanga ry’Imana gutumbera umusaraba wa Yesu Kristo wonyene. [1 Petero 2: 9, Ivyahishuriwe Yohana 5: 11-14, 1 Timoteyo 6:16, 1Abikorinto 12:4-7, Abifilipi 2:1-5, Abifilipi 2:5-17, Abaroma 6:4, Abaheburayo 5:12-15]
IVYEREKANYWE
- Abari ku bicaniro vy’ishengero rya Yesu Kristo – Ihanga ry’Imana bose basabge kutivanga n’imugambge no gutagira ibiyago vya politike.
- Imvura ihitana abantu n’ibintu iracagwa kandi inyuma yayo hazoba indwara z’ivyaduka, inzara n’ubukene biziyongera. Musabge guteganye imiti, infungugwa.
INYIGISHO
– Twahamagariwe kwamamaza no kumenyekanisha ubuntu, imbabazi n’urukundo rw’umukiza, umwami n’umuremyi w’ivyaremwe vyose.
– Twahagurukirijwe guhamagarira amahanga yose kwihana, kwiyeza no guhinduka kugira Uhoraho Imana mu kwizera Umwami n’umukiza Yesu Kristono kurongongwa na Mpwemu w’Imana mu buzima bg’iminsi yose.
– Twese dutegerezwa kumenya intumbero n’umuhamagaro umwe wese yahawe muri uru rugendo ruja mw’Ijuru.
– Abantu benshi birabagora kuva ku binyoma bigishijwe ngo bagaruke mu kuri, abandi bikabagora kuva kuco bamaze imyaka bigisha bavyita ukuri. Uko biri kwose, mweho mubabgire ukuri kandi muguhagararire, Mpwemu Yera azobatahuza ku mwanya wabo. [Isaie 6:5]
– Nkuko Adamu na Eva baguye mu mutego wo gushaka gusa nk’Imana. N’ubu abantu b’ibi bihe bagwa mu dutego two gushaka kuba abategetsi, abarongozi, kwitwa iki na kiriya. Weho ni wibere ico Imana yakugize: igitwazi c’Ubutumwa bgiza bg’umusaraba wa Yesu Kristo.
– Uko umuntu ashira ivyiyumviro vyiwe ku ngorane niko nya ngorane zica zimwamako. Kandi uko ushira umutima wawe kubitagenda, ibikogwa vya satani, ivyo nivyo bica vyuzura imitima wawe. Ariko Tweho Ihanga ry’Imana, nkuko turi ishengero rya Yesu Kristo dushire umutima kuri we kandi abe ariwe wenyene twiyumvira, tuvuga, dukorera kandi twamamaza. [Psalms 73:25-26]
– Dutegerezwa gukora ikintu cose kugira ngo Yesu Kristo ahabge icubahiro. [Matayo 6:23, 16: 25]
Reka turondere ubgambere na mbere ubwami bg’ijuru ibindi vyose bizoba inyongera.
IMITWARO
– Dukurikije urutonde rw’amasengesho twahawe n’ijuru, umwanya ku mwanya tuzosenga ngo ubugombe bg’Imana bube ku gihugu cacu c’Uburundi.
– Tuzosengera umurongozi Imana yashize imbere mw’Ihanga ryayo, abo bakorana bose bari mu gihugu no kumpande zine z’isi, abakuru b’ibicaniro, abakozi b’Imana bose hamwe n’Ihanga Ryera ryose.
-Tuzosengera abari mu buzimire bg’amadini canke inyigisho z’uruvange ngo ab’Imana ibihishurire, abanyavyaha benshi ngo bakizwe n’abagerereye kure y’Imana ngo bagaruke ku gakiza kugira ngo bose binjire mw’Ihanga Ryera ry’Imana, begere umusaraba kandi baramirize mu rugendo ruja mw’ijuru.
– Tuzosengera impfuvyi, abapfakazi, abageze muzabukuru, abapfunzwe, abahunze, abagendana ubumuga, abagwaye, abashonje, abatagira aho baba, abari mu mutekano muke, n’iyindi mitwaro itandukanye.
Umwami n’Umukiza wacu Yesu Kristo abahezagire mwese, amen!