Umutumiro w'amasengesho y'Ihanga Ry'Imana

UMUTUMIRO W’AMASENGESHO YO KUVA 20-27/1/2020
Ihanga Ryera ry’Imana ni Ishengero rya Yesu Kristo, rishinze imizi mu ntara zose z’igihugu c’Uburundi no mu bindi bihugu vya Afrika, Canada, Amerika, Australia, Ubulaya na Aziya. Rifise ibicaniro vy’Ihanga Ryera atakindi bikora atari ugusengera amasezerano Uhoraho Imana yahaye igihugu c’Uburundi yamenyekanye biciye mu buvugishwa butandukanye. Abasenzi b’Ihanga ry’Imana baguma basengera imitwaro itandukanye, abarongozi bo mw’Ihanga nabo baguma bigisha ubutumwa bgiza bga Yesu Kristo bakanaramura abanyengabire batandukanye (Abavugabutumwa, abasenzi, abaririmvyi, abavugishwa, abungere…). Iri shengero rya Yesu Kristo- Ihanga ry’Imana rikora ku mugaragaro ryemewe n’amategeko mu bihugu biteye imbere cane no mu bihugu biri mu nzira y’amajambere, n’igihugu cacu c’Uburundi kirimwo. Umuntu wese afise ico Uhoraho Nyeningabo yamuhishuriye kw’Ihanga Ryera ry’Imana canke ugomba kumenya Ishengero rya Yesu Kristo- Ihanga ry”Imana, arahawe kaze kwifatanya urugendo rugana aho kuba heza kuri iy’isi yacu kugira ngo dutegure urugendo rugana mw’ijuru. Urwo rugendo ni ibikogwa vy’Ikanguro ry’indirimbo nsha y’abatoranijwe. Uragomba gusengegwa, uragomba inyigisho, uragomba kubatizwa, uragomba kumenya ico Uhoraho Imana yagutoranirije canke ubundi bufasha, uragomba gukora imirimo y’Imana mu kugororoka, Twandikire kuri ihangaryimana@gmail.com canke whatsapp: +257 61404181.
URUFATIRO
Harageze yuko umuntu wese yihana ivyaha vyose, akitandukanya n’ikintu cose cotosekaza imigenderanire yiwe n’Imana, maze agacika umukristo w’ukuri. Harageze yuko Abakristo bashikama bagashira amanga bakerekana kandi bagahagararira ukuri kwose kw’Ijambo ry’Imana. Harageze yuko intwari zihaguruka zigasemerera kugira ngo amahanga aronke umuco. Harageze yuko abantu bihana kandi bagaruke ku kuri kugira ngo amasinzi yitegurire umuzo wa Yesu Kristo. [2 Timoteyo 2:26, Luka 4:18, Yesaya 61:1Yohana 8:36, Abaroma 6:18]
IVYEREKANYWE
1. Abari ku bicaniro vy’ishengero rya Yesu Kristo – Ihanga ry’Imana bose basabge kutisuka mu bikogwa vy’imugambge no kutisuka mu biyago n’impari za politike. Bahamagariwe gusenga urudaca kugira ngo Imana yiyerekane mu gihugu iwacu no kw’isi.
2. Imvura ihitana abantu n’ibintu iracagwa kandi inyuma yayo hazoba indwara z’ivyaduka, inzara n’ubukene biziyongera. Musabge guteganye imiti, infungugwa n’utundi twa nkenegwa dufasha mu bihe bigoye.
3. Abasenzi b’abinginzi bazokwitaza baje mu cumba co hejuru, abandi baje ku misozi ya kure baje gusenga ukwabonyene binginga Imana ngo ishitse ico yabasezeraniye.
INYIGISHO
– Ibihe vyo gukura ibinyoma mu nyigisho z’ijambo ry’Imana vyageze. Umuntu wese akubite agatima mpembero yibuke ukuri yigishijwe kandi arabe ingene yabangiwe maze atandukanye ukuri n’ikinyoma muvyo yizera.
– Twahamagariwe kwamamaza no kumenyekanisha ubuntu, imbabazi n’urukundo rw’umukiza, umwami n’umuremyi w’ivyaremwe vyose, Yesu Kristo. [Yohani 1:1-17]
– Twahagurukirijwe guhamagarira amahanga yose kwihana, kwiyeza no guhinduka kugira Uhoraho Imana mu kwizera Umwami n’umukiza Yesu Kristo no kurongongwa na Mpwemu w’Imana mu buzima bg’iminsi yose. [Yesaya 61:1-3, Luka 4:14-21Abaroma 8:14]
*Umuntu wese ategerezwa kumenya intumbero n’umuhamagaro yahawe muri uru rugendo ruja mw’Ijuru. Umwungere aragire intama, umuvugabutumwa avuge ubutumwa, umuririmvyi aririmbe, umuhanuzi ahanure, umusenzi asenge, uwahawe Ingabire zo gusengera abagwayi abikore maze Ingabire zose z’uzuzanye.
– Abantu benshi birabagora kuva ku binyoma bigishijwe ngo bagaruke mu kuri, abandi bikabagora kuva kuco bamaze imyaka bigisha bavyita ukuri kuko satani aguma abakiranya kugira ngo ntibidegemvye, [Yohani 8:32]. Uko biri kwose, mweho mubabgire ukuri kandi muguhagararire, Mpwemu Yera azobatahuza ku mwanya wabo. [Isaie 6:5]
– Nkuko Satani yishize hejuru ngo y’inganishe n’Imana [Ivyahishuriwe Yohani 12:7-9] niko Adamu na Eva baguye mu mutego wo gushaka gusa nk’Imana. [Yesaya 14:12-14] N’ubu abantu b’ibi bihe bagwa mu dutego two gushaka kuba abami, abategetsi, abarongozi, kwitwa iki na kiriya. Weho ni wibere ico Imana yakugize: igitwazi c’Ubutumwa bgiza bg’umusaraba wa Yesu Kristo. Ntimukemerere uwabazanamwo ibiyago bitagira ukuri. [Abayefeso 5:9-13]
– Uko umuntu ashira ivyiyumviro vyiwe ku ngorane niko nya ngorane zica zimwamako. Kandi uko ushira umutima wawe kubitagenda neza, ibikogwa vya satani, ivyo nivyo bica vyuzura imitima wawe akaba arivyo ubona gusa. [Zakariya 10:2, Umusiguzi 5:7] Ariko Tweho Ihanga ry’Imana, nkuko turi ishengero rya Yesu Kristo dushire umutima kuri Yesu wenyene kandi abe ariwe wenyene twiyumvira, tuvuga, dukorera kandi twamamaza. [Psalms 73:25-26, 37:4]
– Ntitukagire ibintu bidukura mu buntu, imbabazi n’urukundo rw’Imana birangwa hagati muri twebge. Ntitukifatanye n’abanyakibi. Dutegerezwa gukora ikintu cose kugira ngo Yesu Kristo ahabge icubahiro. [Matayo 6:23, 16: 25]
Reka turondere ubgambere na mbere ubwami bg’ijuru no kugororoka ibindi vyose bizoba inyongera. [Matayo 6:33]
IMITWARO
– Dukurikije urutonde rw’amasengesho twahawe n’ijuru, ya myanya ku mwanya tuzosenga kugira ngo umugambi w’Imana uranguke ku gihugu cacu c’Uburundi. Abarundi bararuhijwe n’ubgicanyi, akarenganyo, ubukene, inzara n’ibibi vyinshi vy’urutavanako vyagumye vyikurikiranya mu gihugu kandi mw’ijururu dufise Imana y’ubushobozi. Harageze yuko ababorozi, abinginzi n’abantu bose basemerera binginga Imana ngo itabare igihugu cacu ishitse amasezerano. [2 Ingoma 7:14]
– Ihanga ry’Imana ryose rizosengera umurongozi Imana yarishize imbere, abo bakorana imirimo yo gutunganya urugendo bose, abari mu gihugu n’abari mu mahanga kumpande zine z’isi. Abakuru b’ibicaniro bazosengegwa bavugwa amazina umwe kuwundi, abakozi b’Imana bose hamwe n’Ihanga Ryera ryose rizosengegwa ngo Uhoraho Imana ibazigame, ibongere inkomezi, ubutwari no kugororroka.
-Tuzosengera abantu bari mu buzimire bg’amadini n’inyigisho z’uruvange tubavuga amazina n’aho bari kugirango ngo ab’Imana ibihishurire maze ibahindukize. Tuzosengera abanyavyaha ngo bakizwe n’abagerereye kure y’Imana ngo bagaruke ku gakiza kugira ngo bose binjire mu rugendo ruja mw’ijuru Ihanga Ryera ry’Imana ririmwo.
– Tuzosengera impfuvyi, abapfakazi, abageze muza bukuru, abapfunzwe, abahunze, abagendana ubumuga, abagwaye, abashonje, abatagira aho baba, abari mu mutekano muke, n’iyindi mitwaro itandukanye iri aho duherereye.
Umwami n’Umukiza wacu Yesu Kristo abahezagire mwese, amen!
Ihanga ry’Imana.