ABARUNDI TUGIYE GUTWARA INDIRIMBO NSHA Y’ABATORANIJWE KW’ISI YOSE.

“ABARUNDI TUGIYE GUTWARA INDIRIMBO NSHA Y’ABATORANIJWE KW’ISI YOSE.” Agatabo kanditswe na Dr Rukundo Levi

Mu Kirundi ivugurugwa, umuvyuro n’ikanguro ni amajambo abantu benshi batamenyereye kandi afise ivyitiranwa. Uvuze impemburo, kuvyura, umuvyutso, kugira muzima, gusubuzamwo intege, gukanguka canke ayandi majambo yerekeza ku bintu vy’imfungugwa bitanga intege uba uriko uravuga ikanguro. Nico kuwe no gukora ikintu gituma umuntu aboneka yuko yagizwe muzima, akanura, atahura kandi afise ishaka ryo gutungana, kugororoka no gutumbera ukuri, uba uriko aravuga ikanguro mu majambo atandukanye 

Ikanguro riba igihe umuntu, abantu, igihugu, ibihugu, ihanga canke isi yose iba yavuye mu buntu ikagwa. Riba igihe umuntu canke abantu baba bahezemwo intege bakagwa isari, bakaraba bagira bahwere. Iyo barabutse, haba habaye ikanguro. Ikanguro riraba mu muzima bga misi yose mugabo aha turivuga muvyerekeye ukubaho muvyerekeye ubugingo bg’ Impwemu. Iryo kanguro riba mu gihe abantu baba bidibamiye mu vyaha vyabo; nico kimwe niyo baba batwawe akayombekere n’imiruho, amagogwa, intambara, ubgicanyi, akarenganyo n’ibindi bibi bigatuma bagerera kure y’Imana. Iyo bikubise agashi bakava ibuzimu bakaja I buntu bakagarukira ukuri n’inzira Imana yabaciriye haba habaye ikanguro.  

Haravugwa ikanguro kandi iyo Imana yo nyene kubera ibihe isi iba yimirije gucamwo, ihagurutsa umuntu canke abantu ikabakoresha kugira ngo isuke ivugurugwa, umuvyuro n’ikanguro mwishengero, mu ntara, mu gihugu, mu bihugu canke kw’isi yose. Uko nikwotubona hari ibikorane n’amakanguro atandukanye kuva mu gihe ca kera gushika mu gihe kiza.

Tugira tubacire ku mayange ikanguro ry’umukogote, iry’umuriro, iry’umutsima n’amazi, iry’ubuki n’ikanguro ry’indirimbo. Ni muri ayo makanguro tubona abantu bagize uruhara mu bikogwa vy’Imana bitandukanye vyazanye ivugurugwa, umuvyuro n’ikanguro mu bihe bitandukanye kw’isi.