
Ibinogo 3 vyafuruwe. Basanzemwo abantu bashika 2700. Ikinogo kimwe cari kinini caaane. Bagikuyemwo impuzu nyinshi. Amashapule. Karangamuntu zisomeka nabi. Imishipi y’abigeme. Ibisigarira vy’amasasu.
Hariho umukenyezi azwi nk’umukristo aba muri Leta zunze ubumwe za Amerika, yasomye igitabo canditswe na Dr Rukundo Levi citwa “ Uburundi bgafashwe n’umutego w’ububeshi, irementanya n’ibitenga vy’amaraso” ico gitabo kiri mu rurimi rw’icongereza kuko cagenewe ishirahamwe mpuzamakungu ONU, abategetsi ba Amerika, ubulayi, uburusiya, ubushinwa n’Abarundi bose. Ico gitabo kidonda amabi yakorewe Abarundi kuva kera na cane cane ihonyabgoko ryo 1972 kigasaba Abarundi kwikubita agashi.

Uwo mukenyezi w’umwubahwa amaze imyaka 70 y’amavuka, yarifatiye mugahanga uyo mwanditsi ngo nta muKristo yokwandika ivyo. UmuKristo akijijwe neza ahubgo niwe akwiriye kumenya ukuri kwose akanakumenyesha abandi atariye umunwa. Abarundi ni bige guhagararira ukuri badahengamiye ku moko, intara, imigambge canke ikindi cose. Kubera iki iki gikogwa co kwerekana ukuri cafashe umwanya munini…!

Ukuri ni ukwa bose kandi ukuri kurabohora.