UBURUNDI SI ISIRAYELI YA KABIRI, ABARUNDI NI IHANGA RY'IMANA UKWARO

Hariho imvugo ngereranyo yakwiragijwe mu bantu cane cane mu bavugishwa. Iyo bumvise yuko Uhoraho Imana yatoranije igihugu c’Uburundi nikagiha amasezerano, na cane cane twiteze mu minsi ya vuba cace, baca bahanahana udukuru two ku munwa mu munezero nta ngere ngo UBURUNDI NI ISIRAYELI YA KABIRI. Abavuga gutyo ni abantu batazi kuvangura ivyo ibihugu n’ivyo ubuvugishwa.

Uburundi ni Uburundi, Abarundi ni Ihanga ryatoranijwe n’Imana. Si ubwoko kandi si intara ni abarundi bose mu bumwe n’ubutandukane bgabo bemeye kwakira Yesu Kristo nk’Umwami n’umukiza wabo kandi batoranijwe. Abo nibo IHANGA ry’Imana nibo bgoko bg’Imana kandi ni nabo bagiye kubona ubgiza bg’Imana. Abandi nabo nyene bari mw’ihanga ry’Abaraundi kandi Uhoraho Imana arabakunda kandi azobagirira neza kubgo abatoranijwe.

Abavuga yuko uburundi ari isirayeli ya kabiri ni babihagarike. Botuma bagira bati abarundi batoranijwe nkuko ihanga rya isirayeli ryatoranijwe. Naho bidasa kandi ataho bahuriye, kubera yuko Imana ari imwe yatoranije kandi igatanga isezerano naho Atari rimwe bokwibaza uko. Ntihagire uzosubira kuvuga yuko Uburundi ari Isirayeli ya kabiri sivyo. Azoba ariko aravuga ibinyoma.