Hariho abantu bakora ivyaha bibakwegera umuvumo na satani araba akagira ati ububisha bgabo burarenze.

Felix Bibonimana yandika amarementanya agakwiragiza ku mbuga nkurukana bumenyi.
Amasanamu y’abiciwe muri bujumbura nini
Celestin Manirakiza arongoye umuhari ABISEZERANO uvuga yuko urwanya leta.
Ifoto ya Felix Bibonimana aguma yandika amanyembga ku bantu atazi ngo banse kumuha amahera.

Hariho abantu bakora ibintu bibi n’abadayimoni baraba bagatwenga ngo ububisha bg’abantu bubakoresha ivyaha bibakwegera imivumo. Bamwe bicisha ibigwanisho, abandi bakicisha ururimi bose ni bamwe kandi ni abicanyi. Uyu Felix Bibonimana aturuka muri Bujumbura nini, yahungiye hanze akiraza adasinziriye ariko akura amafoto y’abantu kuri Facebook kandi akabandikako irementanya. Ivyo abigira uko umwaka utashe akabgira abantu ngo ni bamuhe amafaranga canke abakorere inteba ishishe. Yibagira yuko ikinyoma kimara impinga kitamara umunsi. Umwaka uheze yanditse amateshwa ngo akagohe kawe arakwiragiza hirya no hino, uyu mwaka asubiyemwo ayandi manyembga ngo amatohoza yimbitse. Ivyo avyandika yiyita umukozi w’Imana kandi yarasohoye indirimbo ngo aririmba indirimbo z’Imama. Igihe cose abonye agatabo k’Imana gasohotse impwemu mbi imukubagura ica iduga ikamutera kwandika amarementanya ngo agerageze kwambika iceyi n’urubga na cane cane ku bantu bava aho mu ntara y’iwabo. Aho ubgicanyi bubereye muri bujumbura yaciye akwiragiza ubu buhumvyi bukurikira:

“AMATOHOZA YIMBITSE KU MURWI W’ABITWAJE IBIRWANISHO UHERUTSE KUBONEKANA MU NTARA YA BUJUMBURA
Kuva habonekanye umurwi witwaje ibirwanisho muri komine Isare y’intara ya Bujumbura ku wa 19/2/2020 hafi y’isaha zine zo mu gitondo atawuzi iyo wari uje uzananye, ntivyoroshe kumenya uko uwo murwi witwa na rirya utigeze wivuga ngo hamenyekane n’abawurongoye.
Amatohoza yimbitse yakozwe umwanya utari muto yerekanye ko uwo murwi witwa « ABISEZERANO », ukaba urongowe n’uwitwa RUKUNDO Levis yahoze mu muhari PALIPEHUTU-FNL, ubu akaba aba muri Reta zunze Ubumwe za Amerika. Uwu mugabo RUKUNDO Levis yarabaye umukozi w’iperereza ku ntwaro ya NTARYAMIRA, ajejwe iperereza ryo hagati mu gihugu(documentation intérieure). Ku batamuzi, niwe yama ariko arandika kuri facebook ibijanye n’intwaro ya Tehokarasi mu Burundi (la Théocratie au Burundi). RUKUNDO Levis ni incuti ya hafi cane ya Petero NKURUNZIZA, akaba kandi yari acuditse cane n’umuhisi NSHIMIRIMANA Adolphe, aho bakoranye ibikorwa vyinshi bigayitse harimwo no gusesa amaraso. Uwo Levis kandi arakorana cana na Dénise NKURUNZIZA mu kumuronderera infashanyo zitandukanye zimwe zitirirwa urusengero rwiwe, izindi ishirahamwe ryiwe ryitwa BUNTU. Muri uwo muhari wiwe « ABISEZERANO », mu kwegeranya abitwa abarwanyi akoresha mu migambi mibisha bahurirako n’ubutegetsi bwa CNDD-FDD abifashwamwo n’uwitwa NIYONZIMA Cyprien na wene yahoze mu muhari PALIPEHUTU-FNL, avuka ku mutumba Muyange, Zone RUBIRIZI muri komine MUTIMBUZI, mu ntara ya BUJUMBURA. Kugira ngo ico gikorwa agikore neza, umuryango wiwe yabanje kuwuhungishiriza mw’ikambi y’i Nakivale ahitwa Kashojwe B mu gihugu ca Uganda. Iruhande yo gukorana n’iperereza rya Petero NKURUNZIZA, uwo murwi urakorana kandi n’umugambwe CNDD-FDD muri vyinshi. Mu ntumbero yo kuronka aho uwo mugambwe CNDD-FDD uhera mu kwikurako abatavuga rumwe na wo bari mu migambwe itandukanye ikorera mu ntara ya Bujumbura imbere y’uko ivyitwa amatora yawo biba muri Rusama uwu mwaka, waciye wikora ku bitwa ABISEZERANO, aba nabo baca bihutira kwegeranya urwaruka rwo mu makomine atandukanye yo muri iyo ntara baruhenze ko hubutse igikorwa kizoruzanira amahera atubutse, ntirwamenya ko rushowe ku risongoye. Mu gutegura uwo mugambi mubi, intumwa z’uwo muhari ABISEZERANO zakoranye na bamwe bamwe bo mw’iperereza hamwe n’abategetsi bamwe baturuka mu ntara ya Bujumbura, abashoboye kumenyekana akaba ari Zenon NDARUVUKANYE yahoze ari Buramatari w’iyo ntara, Gacuti Nadine arongoye iyo ntara muri kino gihe, Abashingamateka NKUNZIMANA Emmanuel na NTAHONZIGAMIYE Pascal, NIBIGIRA Ezechiel, uwutwara umugambwe mu ntara ya Bujumbura NKESHIMANA Emmanuel hamwe na ba musitanteri b’amakomine ya Isare, Mubimbi, Kanyosha, Nyabiraba na Mutambu. Ubutegetsi bwa Petero NKURUNZIZA bukunda gukoresha uwo muhari kuko abawugize batazwi cane, ari nabo bakoreshwa mu kunyuruza abantu mu ntara zitandukanye ntihamenyekane abakoze iryo bara.
Kuri uno musi w’Imana, abanyarumonge bogaba cane kuko umugambi mubi nk’uwo ugiye gutegurirwa muri iyo ntara. Abagiye gutegurirayo ayo marorerwa ni aba bakurikira: Sénégalais, yahoze yegereye cane Agathon rwasa muri PALIPEHUTU-FNL, uwitwa Somalie na wene yahoze muri PALIPEHUTU-FNl hamwe n’umukozi w’iperereza yagiye abarongoye yitwa RUMPU Diomède.
Mu kurangize dufashe aka kanya ngo gukebura abatavuga rumwe n’ubutegetsi bwa CNDD-FDD bavuka cane cane mu ntara ya Bujumbura , n’abatazoja mu nkinamico y’amatora ko batokwijajara kuko uruhigi kuri bo rubandanya. Bamwe bose babandanye ibikowa vyabo barikanuye’” Turabishize ku rubiga ngo bizomubere icagirizi.

Yahisemwo kugwanya leta y’UBurundi n’umugambge uri kubutegetsi yobikora atarinze kwikorera izo yambaye ngo ariko aratangaza ibinyoma yise amatohoza. Yihaye gukora amatohoza naho yoyakora agatanga umuco akareka kwama yongereza uburozi bg’urwanko n’inzigo biri mu mutima wiwe mugusabisha amafaranga iterabgoba. Tuzokwama tumusengera turabe kumbure haraho Imana yomugirira ubuntu akabohoka.