


Abasavye ako gatabo gatuma impwemu zihumanye zidedemba, kari mu rukurikirane tw’utundi dutabo twinshi twanditse mu kirundi coroshe kandi cumvikana, tubunza abantu gukurikira inyigisho z’ibinyoma, kwinyegeza muvyo Imana kandi ari inkozi z’ikibi n’ibindi bitukisha bituma abantu babura inzira y’ukuri kuko baba abiyitirira Imana canke abakorera satani co kimwe n’abatazi Imana bose bafise ibikorwa bisa.
Intangamarara yako gatabo igira iti:
INTANGAMARARA
Mu buzima bga minsi yose, harabaho abantu banezerererwa ibintu bidafashe, bakabona yuko vyose bigenda neza kandi atakigenda. Baza kumenya yuko bari bubakiye ku musenyi aruko babonye ibintu biyangaye. Utereye akajisho hirya no hino mu gihugu cacu, usanga abantu batamba bagatarika biremesha ngo ibintu bimeze neza kandi hariho abarara batariye, abitwa ngo bafunguye nabo baraririye intica ntikize. Hariho abafatwa n’ingwara bagapfa kubera babuze uburyo bgo kwivuza. Har’aho ushika maze ubonye uko abantu bambara, aho bakika umusaya n’ingene babayeho, agahinda kakagufata kuko uca utahura ubukene buzura inzara kandi yuko inzara ibica bigacika mu karere kacu.
Ubukene si uguca bugufi kugira ngo Imana ishigwe hejuru kandi ubukene si umunyamahanga yabudusutsemo, ubukene n’inzara ni umuvumo twebge nyene twikwegeye. Umuvumo nawo ni ubushobozi burengeye inkomezi z’abantu buturuka ku majambo n’ibikogwa abantu bagenderamwo. Ugendana n’icaha c’amaraso, ubgicanyi, gusenga ibigigwamana, ubushakanyi bg’ishano, uburozi, ukugunga, ikinyoma n’ayandi mabi.
Wohava ukibaza ikigutuma abantu bizera Uhoraho Imana yo mw’ijuru bagendera munsi y’umuvumo, imyaka n’imyaka. Bakama mu bgicanyi, mu bukene mu nzara no kutabona kazoza mugabo bakaguma biremesha ngo ni ibisanzwe. Abarundi bizera Uhoraho Imana yo mw’ijuru ni benshi. Bama mu masengero no mu vyumba vy’amasengesho, batunze Bibiliya kandi barazisoma ariko bama mu magwara, ubukene, inzara, inzankano n’impfu. Winjiye mu mashengero yizera Kristo Yesu, ukaraba neza usanga hariho abantu benshi bahawe ingabire za Mpwemu Yera n’impano z’Imana nyinshi, ariko igitangaje n’uko benshi baguma mu kutamenya, hariho abatazi yuko bafise izo ngabire n’impano n’abandi zibonekeza mugabo bakazikoresha nabi.
Mu bisanzwe, kubera ingabire n’impano Imana yasutse mw’Ishengero, aba-Kristo bihanye ivyaha bakuzuzwa Mpwemu Yera bategerezwa kuba aribo batunze, bafise amagara meza, babayeho neza kandi barongora igihugu bakanahindura ibintu n’abantu. Ariko siko biri uyu munsi.
Ingabire n’impano z’Imana ni ubushobozi budasanzwe bgo mu buryo bg’impwemu no mu mubiri bgo gukora ibitangaza arivyo bintu bidasanzwe kandi bisiga ubgennge bg’abantu. Gushika uyu munsi aba-Kristo bapfishije ubusa izo ngabire n’impano bahawe n’Imana. Abakoresha icenge, amayeri n’ububeshi baciye banesha maze bicara hejuru y’abafise Ingabire z’Imana. Ivyo bitegerzwa guhinduka, aba-Kristo tukivyukiranya agatiro twashizwemwo n’ubushobozi bga satani.
1 Satani yadusamburanye ingo, imiryango, Ishengero n’amaleta yacu. Abanyaha nibo bahawe ubushobozi bgo gusanzaza ingeso mbi z’ubuhumbu, urwanko, ubgicanyi, igiturire, irementanya n’ubundi bugizi bga nabi bakoresheje itangazamakuru, ukwidagadura n’ubukorikori, ubutunzi n’indero. Barabikora bikinana.
AbaKristo bibagiye yuko Imana yavuze yuko ni “bayisaba izobaha amahanga ku babera umwandu n’impera z’isi kubabera ishamvu” [zaburi 2:8]. Igihugu cacu coba mu vyanyuma kw’isi gute kandi abarenga 86% tuvuga yuko aba abakristo! Tukizizigwa n’urwanko, amacakubiri, ubukene, inzara, indwara n’ayandi mabi kandi dufise Bibiliyamu minwe twita ijambo ry’Imana; nayo ikaba itomorera neza yuko ataco tuzobura. “Ntamukene azoba muri mwebge”[Gusubiramuvyagezwe 15:4] “Ntamukene yari muri bo …”[ Ivyakozwen’Intumwa 4:34] Vyomera gute ngo aya majambo ntagire ikimazi mu ba-Kristo b’Abarundi n’abandi ba-Kristo bari hirya no hino kw’isi kandi Imana isanzwe yaraduhaye iryo sezerano ikongerako ingabire nyinshi zayo zidasanzwe!
Imihezagira Imana yo mw’ijuru yaduhezagije, ikoranye n’ingabire Imana yaduhaye zishobora ku vumura abantu bose n’igihugu cacu ico dukozeko cose kigacika umugisha. Kugira ngo dutahure neza aho abizera Imana batereye intumbero bigatuma ab’isi aribo bameregwa neza, icaha kigasakara hirya no hino, ingabire z’Imana bakazitesha agaciro; reka turabire hamwe Ingabire za Mpwemu Yera zikorera mu rusengero, izikora mu buzima bga minsi yose n’ impano Imana yahaye abantu bose; Turaheza turabe ingene Ingabire n’impano zose zizokoreshwa imiryango, ishengero n’igihu bibe mu migisha, amahoro n’umunezero.
Useranguye muri Bibiliya Yera kugira ngo ugire urutonde rw’izo ngabire, usanga harimwo Ingabire za Mpwemu zirenga 20. Abo mu mashure ya Bibiliya bamwe baharura 18, abanda bakavuga yuko ari 21 n’abandi bicaye basanga ni 27. Kugira ngo dutahukigwe twazigabuyemwo imice itatu y’ingabire za Mpwemu zikora mu mashengero, izikora mu buzima bga minsi yose hamwe n’impano abantu bavukana mbere n’abatizera ugasanga barazifise nkuko izuba ry’Imana rirasira ababi n’abeza, n’imvura yayo ihembura bose.
I. INGABIRE ZA MPWEMU ZO MW’ISHENGERO RY’IMANA
Abera bose bo mw’ishengero rya Kristo Yesu bashobora kuronka ingabire za Mpwemu. Zitangwa hakurikijwe ico ishengero rikeneye kandi umuntu wese ku giti ciwe akaronka iyo bakwiranye, ashobora gutwara no gukoresha ku neza y’umurimo w’Imana kubera ibango yahawe n’uko ashobora kuritwara. Izo ngabire tuzisanga muri [1 Abikorinto 12:4-11, Mariko 16:17-18]
2 Ingabire zose hamwe zama ziriko zirakora mw’ishengero ni icenda zikaba zigabuye mu migwi itatu. Umugwi wa mbere ugizwe n’ingabire za Mpwemu zo kumenya: Kugira ijambo ry’ubgenge, kugira ijambo ry’ubumenyi no kumenya gusesa impwemu. Umugwi ugira kabiri ugizwe n’ingabire za Mpwemu z’ibikogwa: ingabire yo kwizera gukora ibitangaza, ingabire yo gukiza ingwara n’ubumuga, n’ingabire y’ibikogwa vy’ubushobozi. Umugwi wa gatatu ugizwe n’ingabire za Mpwemu zo kuvuga: Hariho ukuvuga indimi zitamenyekana, ingabire yo gusobanura indimi zitamenyekana n’ingabire yo kuvugishwa canke kwerekwa. Izo ngabire nizo zama ziriko zirakora mw’ishengero rya Yesu Kristo [1 Abikorinto 12:1-11] Ihihe ubona ishengero ridafise izo ngabire canke riziburabuza, wogira amakenga yuko atari idini ritwaye abantu mu nzira idashika.
Mu ngabire zo guhishurigwa dusangamwo:
- Ijambory’ubgengeniuguhishurigwabidasanzwenokumenyaibinyegejwe mu bugombe n’intumbero y’Imana. Ijambo ry’ubgenge rikunda gutangwa na Mpwemu w’Imana kugira ngo atorere inyishu ibibazo bidasanzwe biba vyubutse.
- Ijambo ry’ubumenyi naryo nyene riza nk’ihishurigwa ridasanzwe rivuye ku Mana rikerekana umugambi wayo. Abantu bagaheza bakamenya ivyo batari bazi kandi atawundi yobibigisha atari Mpwemu we nyene.
33. Ingabire yo gusesangura impwemu nayo nyene ni uguhishurigwa kudasanzwe mu buryo bg’impwemu gutuma abantu bamenya kandi bagatandukanya imigambi no gusoma ivyiyumviro vy’abantu n’impwemu zibakoresha.
Mu ngabire zo kuvugishwa naho dusangamwo: - Kuvuga indimi zitameyekana ni ugukoresha ururimi ukavuga indimi zitamenyekana uriko uravuga amabanga yo mw’ijiru. Nta bgenge uba uriko urakoresha kandi ntuba uzi ivyo uriko uravuga mugabo ugasanga uriko urivugira.
- Gusigura indimi zitamenyekana ni aho uwundi muntu canke uwazivugishijwe ahabga kuzisobanura mu majambo yumvikana kugira ngo abantu basigurigwe ivyavugishijwe.
- Kuvuga ubuhanuzi ni ukuvuga ico wabariwe na Mpwemu Yera kugira ngo aburire ishengero, aryubake, arikomeze kandi rimenye uko rikwiriye kugenda.
Mu Mpano z’ubushobozi dusangamwo: - Ingabire yo kwizera. Ukwizera ni ingabire idasanzwe ituma umuntu agira ukwizera kutagiramwo ugukekeranya kw’umwana w’umuntu, ukutizera canke ivyiyumviro vy’abantu.
- Ingabireyogukiza,izanaubushobozibgogukizaingwarazosen’ubumuga bgose hakireshejwe ubushobozi bg’Imana ata buvuzi bugiyemwo canke ubumenyi bg’umuntu.
- Ingabire yo gukora ibitangaza ni ubushobozi budasanzwe buza gukora ibitangaza. Ibitangaza biza bikoreka abantu bose bagatangara kandi ivyo bantu bose basanzwe bazi yuko arigwo rutonde bagenderako bigahinduka.
Ishengero ryose utazobonamwo izo ngabire icenda uzomenye yuko haricot rihajije. Ivyanditswe biratumenyesha yuko izo ngabire za Mpwemu Yera zose zizobandanya gukorera mu ba-kristo gushika Yesu agarutse gutora Ishengero. [Luka 10:19]
Iyo ishengero rirongogwa na Mpwemu Yera, abaririmwo bose bakamwumvira hariho imero umwe wese ahabga. Iyo mero y’ubuntu ntahandi ushobora kuyisanga atari mu bagiraniye ubumwe n’Imana. Aho niho duca tubona ivyamwa vya Mpwemu Yera. Mu bisanzwe, ivyamwa vya Mpwemu Yera ni ingabire za Mpwemu Yera zibonekera mu kubaho kw’abantu kwa minsi yose. Iyo ivyo vyamwa ubibona mu bizera, ni ikimenyetso ntakekeranywa yuko Mpemu w’Imana ari muri bo n’akaranga kiwe kose.