Ukuri n’uko ico ukeneye ubgambere atari ibitangaza, si ugukira ingwara, si uguhezagogwa kandi si ukuvugishwako mugabo ni ukwihana ugakizwa kugira ngo ugororokere Imana.
Muntu ukoreshwa ibitangaza canke ufise ingabire zitandukanye nko kuvugishwa, kwerekwa, gukiza n’izindi ngabire. Witubare kuko kugira ingabire sikwo gukizwa kandi siko kugororoka. Kugira ingabire utagira urukundo ni ubusa gusa naho abantu bo gushira hejuru nawe ukumva yuko wabaye agahambaye ntaco bimanaze kiretse izina ryawe ryanditse mu gitabo c’ubugingo.