
HANGA RYERA RY’IMANA, IVYEREKEYE CORONAVIRUS (COVID-19)
Benshi muri mwebge mwaramaze kwumva ivyerekeye ikiza c’ingwara yiswe Coronavirus (COVID19). Uyo mugera watanguriye mu gihugu c’ubushinwa mugabo ubu ukaba uriko urakwiragira isi yose. Twibajije yuko ari ivyo ingenzi tubababariye uko mwokwifata ntimujane n’amajambo menshi ariko arakwiragizwa ku mihora ngurukana bumenyi itandukanye.
Twebge nk’ishengero rya Yesu Kristo, Ihanga Ryera ry’Imana, turazi yuko Data wacu afise ibintu vyosemu minwe. Murazi yuko umuntu wese mu kubaho kwiwe, akeneye impwemu ica mu mazuru ikinjira mu mahaha yiwe kugira ngo abe muzima. Kandi ntakintu na kimwe wokora kugira ngo zinjire kandi zisohohe muri mwebge atari ubuntu bga Yesu Kristo. Niwe afise mu minwe ubuzima bganyu n’ububasha bgo bgo kubabeshaho.
Muri Matayo 10:29-31: (29) Mbega utunyoni tubiri ntitugurwa ikuta? Ariko muri two nta na kamwe gakorokera hasi, So atabizi. (30) Ariko n’umushatsi wanyu wose wo ku mutwe waraharuwe. (31) N’uko ntimutinye mwebge muruta utunyoni twinshi.
Uhoraho Imana yo mw’ijuru niwe ahitamwo yuko akanyoni gakoroka kavuye mu kirere kagapfa; kandi murazi yuko Data wacu ari mw’ijuru atubabaye kandi atwitaho kuko twebge abana biwe turuta inyoni zo mu kirere. Imana irashobora kureka ico kiza c’ingwara, nkuko n’ibindi biza bisanzwe bihari, kigakwiragira mu micungararo, kigafata abantu bamwe, mugabo mwokwama muzirikana yuko Data wacu atubona kandi yiteze ku dukingira. Nk’abana b’abantu turashobora kudatahura igituma ibintu bimwe bishika, mugabo mwomenya yuko na Yobu atigeze amenya igituma amagogwa yamushikiye mugabo wewe yaramenye yuko mw’ijuru hari Imana imukunda kandi imwitayeho gushika yogoroye mu bimugerageza. [Yobu 38-42]
Twebge nk’Ihanga Ryera ry’Imana, turagomba yuko umuntu wese amenya ivyerekeye iyo ngwara kandi akamenya neza uko ashobora kwikingira mu kugabanya amayira yo kuyanduriramwo. Burya Imana iradusaba kwama tubungabonga ingabire y’ubuzima yaduhaye.
IBIMENYETSO VYA COVID-19
•Ingwara ibabaza yo guhema nabi
•Ubushuhe bg’umubiri
•Ugukorora
•Guhemagurika no guhezera.
Hanga ry’Imana, twebge nk’ishenero rya Yesu Kristo kandi tukaba umuryango w’Abera, twibukanye ivyo umuntu wese ategerezwa gukora hakiri kare:
- Ababishoboye bategekanye uburyo bg’amafaranga canke ingungugwa babiringikire abapfunzwe, abagwariye mu mihana yabo, impfuvyi, abapfakazi, abageze muzabukuru n’abatishoboye ibindi bavyiyegereze.
- Mwame mwumvira impanuro muhabga n’abajejwe amagara y’abantu bo mu turere n’ibihugu mutuyemwo kandi muzikurikize mu kuzishira mu ngiro imwe ku yindi.
Nk’ishengero rigira amakoraniro n’amasengesho umuntu wese azogume muhira iwe kugira ngo aruhuke iyo:
• Wumva udafise amagara meza, urushe, udendebukiwe mu mubiri, wumva udahema neza canke ufise ubushuhe.
• Waragendeye mu bihugu nko mu Bushinwa, mu Butaliyano, muri Irani, mu bufaransa, muri Koreya yepfo canke utundi turere two kw’isi na Afika tuvugwamwo iyo ndwara, wo guma mu hira indwi zibiri zigahera ukabona kuja mu makoraniro.
Hamwe iyi ngwara yobandanya isanzara mu bihugu abantu bakurikira bokwiyubara cane kuko nibo ikunda guhitana ubuzima bgabo:
• Uwufise imyaka 70 y’amavuka cake iyirenga.
• Umuvyeyi yibungenze.
• Abana bari munsi y’amezi 6.
• Abantu basanganywe ingwara zamaho canke amagara make harimwo no gufungura nabi.
Kubera yuko atawuzi aho ingwara iza ituruka canke ngo uwayanduye amenyekane iminsi 14 itarahera, abantu baja mu vyumba vy’amasengesho, amakoraniro yo kw’isabato n’iyindi minsi abantu bahura bakagira amanama canke baja mw’isoko mu tuguriro; mwomenya yuko isuku rishemeye ariwo muti wa mbere wo kugwanya no kubuza ingwara ya COVID-19 kwiha inkumbi:
•Kwama ukaraba amazi ashushe n’isabune nk’amasegonde 20 nkenshi imbere yo kwijira canke gusohoka inzu.
•Kwama usiga ibiganza vyawe yamavuta arimwo umuti wica imigera iyo wahanye akayambu canke yasezeye ukoresha ikiganza n’abantu, iyo wuguruye urugi winjira canke usohoka mu nzu, canke wakoze ku bintu bitandukanye.
•Uyubare ntiwikore ku maso, ku zuru no mu munwa.
•Gusukura no gusiga umuti ibibanza vyose abantu bakunda gukorako nk’intebe, imeza, I telephone, umwango, …
Muri iki gihe nta muti n’umwe uhari uvura COVID-19, abafashwe n’iyo ngwara baronswa imiti yo gupfupfahaza mu kuvura ibimenyetso vyayo. Umuntu wese yibaza yuko yoba yaranduye iyo ngwara mu nzira imwe cane iyindi, icambere yokora kwoba kwihutira kuja kwa muganga. Mwomenya yuko mu bantu bafungura neza kandi bari munsi y’imyaka 65 y’amavuka kenshi iyo ngwara ntaco ibagira kuko kubamaze kuyandura hapyuye ibice biri munsi ya 0.2%
Hanga ry’Imana, Barundi Barundikazi, aho muri hose mu gihugu cacu no mu mahanga, ni mube ishoko ry’amahoro no kwirura abandi bari hafi yanyu. Mubereke umugenzo mwiza wo kwikingira no gukingira abandi ingwara zose ziva kw’isukuri rike n’ingwara zivyaduka nka COVID-19 zishaka yuko umuntu aguma akaraba amazi yakazuyazi n’agasabune umwanya wose yakoze ku kintu abandi bakozeko. Mube umuco mu duce muherereyemwo ahari ubgoba, umubabaro, ingwara n’urupfu muremeshe abantu mu kwigisha ubuntu ubushobozi bga Yesu Kristo kuko niwe wenyene yanesheje rupfu na kuzimu aho yabambga ku musaraba agapfa hanyuma ku munsi ugira gatatu akazukana intsinzi.
“Ewe Uhoraho we, ubukuru n’ubushobozi n’icubahiro n’inganji n’igitinyiro ni ivyawe; kuko ibiri mw’ijuru no mw’isi ari ivyawe, ubgami n’ubgawe, ewe Uhoraho, kandi ni wewe ushizwe hejuru ngo ube usumbe vyose.” Amen! [1 Abami 29:11]