Inyigisho twokura ku mugera wa KORONA.

INYIGISHO TWOKURA KU UMUGERA WA CORONA VIRUS
Burya nta kintu na kimwe kibera ubusa ngaha munsi y’izuba. Ihweze uko umugera CONV-19 wakwiragiye isi yose mukanya gatoya ukica abantu kandi ata muti wawo uhari. IYI NI IKARATA Y’ISI YOSE YEREKANA AHARI ABANTU BANDUYE UMUGERA CONV-19 (13-03-2020)Ibihugu bitunze nivyo vyasinzikajwe n’uyo mugera kuko abantu baba murivyo nibo biyunguruza n’indege cane bawukura iyo uri bakawujana mu turere dushasha. Uduce utaregerezamwo ni uduce tw’ubugaragwa ata bantu bahaba wokurikira canke ahashushe cane nyamugera uca ubura uko ubaho.-Kubona hariyadukije umugera witwa KORONA mu gihugu c’Ubushinwa hanyuma ukaba uriko urakwira isiyose ni ikimenyetso kitari ico kwirengagiza.-Kubona ubuhinga bgararwiriye mw’isi ku buryo abantu bose bamenya ibiriko birabera hose mu kanya isase no kumenya ingene ico kiza kiriko kirakwiragizwa si ivyo ubusa.Abantu bokwibaza igituma muri kahise haje ibindi biza nk’umugera wa SIDA, umugera wa EBOLA, umugera wa INFLUENZA n’inzindi ngwara ziza nkivyago zigahinda mugabo zikaguma zigenda zirahera bukebike; Ni kubera yuko ubushakashatsi, ubuhinga bg’ubuganga n’ubuhinga bgo gutumanatumanako no kwigisha abantu bgateye imbere. Ukwo ni ukuri kandi hariho inyigisho twohakura. -Abari kw’isi bose bomenya yuko Imana yo mw’ijuru ariyo yasutse Mpwemu wayo w’ubgenge mu baremwe, uwo Mpwemu akaba ariwe atuma ubuhinga bg’ukuvura, ubuhinga bgo gutumatumanako amakuru n’ubundi bugwira kandi bugakora ibihambaye. [Yesaya 11:2]- Abaremwe bose bomenya yuko isi yose iri mu kiganza c’Imana kandi yuko mu kanya gato, iyo Mana nyene ibishatse, ishobora kurekura icago kigakwira isi yose atagitabara nkuko yabigize muri Egiputa mu kinjana ca 5 imbere yuko Umwami Yesu aza kw’isi. [Kuvayo 10:1-20]-Twomenya yuko burya abantu bose bangana imbere y’Imana kandi yuko bose basangiye ugupfa no gukira. Yuko impwemu bahema muri America na Kanada, muri Aziya na Oseyaniya ari nazo bahema muri Afrika kandi yuko ahari ubuzima ari naho hari n’urupfu rwabo. [Itanguriro 2:7-25]-Iki cago citiriwe KORONA-19, kirerekana yuko Imana ibigomvye, abo bose bigira abahambaye bakabuza ijambo ry’Imana kandi bagahama abanyagihugu babo bamamaza ubutumwa bgiza bga Yesu Kristo, ari ubusa kandi yuko twese dukwiriye kwihana kwiyeza no gutungana. [Matayo 4:17]-Icago ca KORONA-19 ni ikimenyetso gihamagarira abantu gutinya Imana, kwihana no kwiyeza mu kubibutsa yuko ngaha munsi y’izuba atari iwabo kuko umwanya wose abaremwe bose bashobora guca mu rupfu. [1 Abikorinto 15:51-52, Abitesalonike 4:13-18]- Icago ca KORONA -19 ni ikimenyetso kiri mubindi biri kw’isi nkitambara n’impuha, imiyaga, imyuzure, nyamugigima hamwe n’ibindi vyago bishobora gushika umwanya n’umwanya, vyose bitwibutsa ibimenyetso vy’ibihe yuko turiko turegereza umuhero w’isi. [Matayo 24:3-33, Luka 12:56, 21:25]- Iki cago KORONA ya 19, ni akagohe ijuru rikubitiye uwaremwe wese ngo yikebuke aheze yikubite agashi kuko ubuzima ari nk’amazi aseseka ntibayore. Uwufise ubgenge wese yokwubahiriza ubuzima bg’abandi [Kuvayo 20:13, Gusubiramuvyagezwe 5:17]Ntitworangiza tutabibukije yuko ibimenyetso vya covid-19:•Ingwara ibabaza yo guhema nabi•Ubushuhe bg’umubiri•Ugukorora•Guhemagurika no guhezera.Hanga ry’Imana, twebge nk’ishenero rya Yesu Kristo kandi tukaba umuryango w’Abera, twibukanye ivyo umuntu wese ategerezwa gukora hakiri kare:1. Ababishoboye bategekanye uburyo bg’amafaranga canke ingungugwa babiringikire abapfunzwe, abagwariye mu mihana yabo, impfuvyi, abapfakazi, abageze muzabukuru n’abatishoboye ibindi bavyiyegereze.2. Mwame mwumvira impanuro muhabga n’abajejwe amagara y’abantu bo mu turere n’ibihugu mutuyemwo kandi muzikurikize mu kuzishira mu ngiro imwe ku yindi.Nk’ishengero rigira amakoraniro n’amasengesho umuntu wese azogume muhira iwe kugira ngo aruhuke iyo:• Wumva udafise amagara meza, urushe, udendebukiwe mu mubiri, wumva udahema neza canke ufise ubushuhe.• Waragendeye mu turere two kw’isi tuvugwamwo iyo ndwara, wo guma mu hira indwi zibiri zigahera ukabona kuja mu makoraniro. Hari ibihugu amakoraniro yahagaritswe.Hamwe iyi ngwara yobandanya isanzara mu bihugu abantu bakurikira bokwiyubara cane kuko nibo ikunda guhitana ubuzima bgabo:• Uwufise imyaka 70 y’amavuka cake iyirenga.• Umuvyeyi yibungenze.• Abana bari munsi y’amezi 6. • Abantu basanganywe ingwara zamaho canke amagara make harimwo no gufungura nabi. Mwomenya yuko isuku rishemeye ariwo muti wa mbere wo kugwanya no kubuza ingwara ya COVID-19 kwiha inkumbi:•Kwama ukaraba amazi ashushe n’isabune nk’amasegonde 20 nkenshi imbere yo kwijira canke gusohoka inzu.•Kwama usiga ibiganza vyawe yamavuta arimwo umuti wica imigera iyo wahanye akayambu canke yasezeye ukoresha ikiganza n’abantu, iyo wuguruye urugi winjira canke usohoka mu nzu, canke wakoze ku bintu bitandukanye.•Uyubare ntiwikore ku maso, ku zuru no mu munwa.•Gusukura no gusiga umuti ibibanza vyose abantu bakunda gukorako.Ishengero rya Yesu Kristo-Ihanga ry’Imana mwese mureme kandi muremeshe abantu bose bari aho muherereye kuko ukuboko kw’Uhoraho Imana Nyeningabo kuri hejuru yacu twese. Amen!