Urutonde n'umutumiro w'amasengesho yo gusengera Ihanga Ryera ry'Imana, Imana ikinge.

URUTONDE RW’AMASENGESHO Y’INDWI YO KUVA KU 15/3- 21/3/2020ISHENGERO RYA YESU KRISTO – IHANGA RY’IMANA. Rifise ibicaniro mu ntara zose z’igihugu c’Uburundi no mu bindi bihugu vya Afrika, Canada, Amerika, Australia, Ubulaya na Aziya. Ihanga ry’Imana rimaze imyaka myishi atakindi rikora atari ugusengera amasezerano Uhoraho Imana yahaye igihugu c’Uburundi, gusengera imitwaro itandukanye, kwigisha ubutumwa bgiza bga Yesu Kristo no kuramura abanyengabire batandukanye. Mwese murahawe kaze kwifatanya n’Ihanga ry’Imana muri aya masengesho no mu rugendo rugana aho Imana yadusezeraniye kuba.URUFATIRO RW’AMASENGESHOMuri iki gihe isi yose yugarijwe n’icago ca KORONAVIRUS, havugwa vyinshi bishobora kujuragiza abantu. Hamwe iyi ngwara yoshika mu gihugu cacu co kimwe n’ibindi bihugu vya AFRIKA atacakozwe, yomara abantu kubera amagara abatari bake basanganywe. Tuzomara iyi ndwi ku munsi ku munsi dusenga twugaza ngo ikiganza c’Imana gikingire Ihanga ry’Imana, Abarundi n’abanya Afrika. [Zaburi 5:11, Imigani 2:11, 2Abitesalonike 3:3]INYIGISHOI. Abantu bomenya ingene yandugwa n’ibimenyetso:-Kuva kera inzego z’ubutasi bg’ibihugu biteye imbere zaramenye yuko hazobaho iki kiza kizoza kivuye mu bikoko mugabo zozo zibaza yuko kizoshika mu mwaka wa 2025. Izo nzego zaragereranya yuko kizoza giturutse mu gihugu c’Ubushinwa kigakwiragizwa isi yose n’ingezi ziyunguruza n’indege.-KORONA VIRUS ni ingwara y’amahaha itafise umuti, ifata nka grippe isanzwe mugabo mu mwanya muto igaca icika Pnemoniya yica ningonga.- ibimenyetso bikuru bikuru ni:•Ingwara yo guhema nabi•Ubushuhe bg’umubiri•Ugukorora•Guhemagurika no guhezera.
II. Abantu bomenya ingene bakwiriye kwikingira1. Mu Burundi no muri Afrika kubera ingene abantu babayeho hariho abogira ibibazo gusumba abandi:- Abarengeje imyaka 50 y’amavuka-Abavyeyi bibungenze n’utuyoya- Abagwaye diyabeti- Abagendana ingwara z’umutima- Abafise indwara zisanzwe zigoye nka kanceri, sida n’izindi.- Abanywa itabi n’abanywa inzoga nyinshi. 2. Ukwikigira:•Kwama ukaraba amazi ashushe n’isabune nk’amasegonde 20 nkenshi imbere yo kwijira canke gusohoka inzu.•Kwama usiga ibiganza vyawe yamavuta arimwo umuti wica imigera iyo wahanye akayambu canke yasezeye ukoresha ikiganza n’abantu, iyo wuguruye urugi winjira canke usohoka mu nzu, canke wakoze ku bintu bitandukanye.•Uyubare ntiwikore ku maso, ku zuru no mu munwa.•Gusukura no gusiga umuti ibibanza vyose abantu bakunda gukorako nk’intebe, imeza, I telephone, umwango, …
III. Impanuro zisanzwe:1. Mwigishe abanywa itabi kuriheba burundu2. Mwigishe abanywa inzoga kuzigabanya canke kuziheba burundu.3. Ababishoboye bagire imyimenyerezo y’umubiri yo kwinonora imitsi na cane cane imyimenyerezo y’impwemu mu mkwihana, ukwizera no kugororokera Imana.4. Abafise ishari, inzigo n’urwanko muribo bavyiyambure ba babariranire kuko burya iyo ngwara ije mu mubiri ikahasanga uyo mururazi irawusinzikaza mbere ikanatwara ubuzima.5. Abakunda gusenga bisonzesheje kira kundwi babihagarike, kiretse iyo ari Uhoraho abibategetse, mugerageze gufungura neza mu gusenga.6. Naho hari ibihuha biva hirya no hino bidahumuriza, ubukene n’urwanko mu bantu, mugerageze munezeregwe, mutwenge kandi mutwenze n’abandi.7. Ababishoboye mu babana n’abageze muzabukuru, abibungenze, utuyoya n’abasanganywe ingwara nkigituntu, kanseri, asima, sida, diabétique…mwirinde kuja mu bibanza bikoranigwamwo n’abantu benshi kandi mu kurikiza za ngingo z’isuku.
IV. Abantu boremeshwa yuko Imana iri ku ruhande rwacu.-Abari kw’isi bose bomenya yuko Imana yo mw’ijuru ariyo yasutse Mpwemu wayo w’ubgenge mu baremwe, uwo Mpwemu akaba ariwe atuma ubuhinga bg’ukuvura, ubuhinga bgo gutumatumanako amakuru n’ubundi bugwira kandi bugakora ibihambaye. [Yesaya 11:2]- Abaremwe bose bomenya yuko isi yose iri mu kiganza c’Imana kandi yuko mu kanya gato, iyo Mana nyene ibishatse, ishobora kurekura icago kigakwira isi yose atagitabara nkuko yabigize muri Egiputa mu kinjana ca 5 imbere yuko Umwami Yesu aza kw’isi. [Kuvayo 10:1-20]-Twomenya yuko burya abantu bose bangana imbere y’Imana kandi yuko bose basangiye ugupfa no gukira. Yuko impwemu bahema muri America na Kanada, muri Aziya na Oseyaniya ari nazo bahema muri Afrika kandi yuko ahari ubuzima ari naho hari n’urupfu rwabo. [Itanguriro 2:7-25]-Iki cago citiriwe KORONA-19, kirerekana yuko Imana ibigomvye, abo bose bigira abahambaye bakabuza ijambo ry’Imana kandi bagahama abanyagihugu babo bamamaza ubutumwa bgiza bga Yesu Kristo, ari ubusa kandi yuko twese dukwiriye kwihana kwiyeza no gutungana. [Matayo 4:17]-Icago ca KORONA-19 ni ikimenyetso gihamagarira abantu gutinya Imana, kwihana no kwiyeza mu kubibutsa yuko ngaha munsi y’izuba atari iwabo kuko umwanya wose abaremwe bose bashobora guca mu rupfu. [1 Abikorinto 15:51-52, Abitesalonike 4:13-18]- Icago ca KORONA -19 ni ikimenyetso kiri mubindi biri kw’isi nkitambara n’impuha, imiyaga, imyuzure, nyamugigima hamwe n’ibindi vyago bishobora gushika umwanya n’umwanya, vyose bitwibutsa ibimenyetso vy’ibihe yuko turiko turegereza umuhero w’isi. [Matayo 24:3-33, Luka 12:56, 21:25]- Iki cago KORONA ya 19, ni akagohe ijuru rikubitiye uwaremwe wese ngo yikebuke aheze yikubite agashi kuko ubuzima ari nk’amazi aseseka ntibayore. Uwufise ubgenge wese yokwubahiriza ubuzima bg’abandi [Kuvayo 20:13, Gusubiramuvyagezwe 5:17]- Imana iri ku ruhande rwacu, dukomeze kwihana, kwiyeza, gusenga no kuvuga ubutumwa bgiza bg’umusaraba wa Yesu Kristo Umwami Yesu akomeze kubaja imbere no kubakingira mwese!