Mu Burundi Hariho ibisamaza vyinshi vyitwa amasengesho no kwizera

Hanga ry’Imana Isumba Vyose. Ni vyiza yuko dusenga kandi tugira ukwizera. Ni vyiza kandi yuko dusengera Imana ku misozi miremire no mu myonga n’amasumo yose akabimenya. Mugabo muri vyose tukamenya ubugombe bg’Imana Ihoraho n’ingene igomba yuko tuyisenga. Mwarabonye uwagendesheje amavi mwibarabara akaja kw’isiga ibishanga binuka. Abandi bagatora imishatsi yabo ya vungukiye muri Bibiliya bakayirya ngo ni umuti wavuye ku Mana. Hariho vyinshi bikorwa vyatumwe n’abadayimoni. Murabona abariko baraja mu masumo gusengerayo ngo banke Korona mu Burundi kandi murumva vyinshi. Nobasaba yuko mutosamara canke ngo musamazwe n’ibirori vy’abavuga yuko bariko barasenga. Mwibuke ba bavugishwa amajana ba Yezeberi basenga Bayali bakoze ibitengeye ivyo tubona uyu munsi mugabo ntacabaye. Ariko Eliya yavuze ijambo rimwe gusa umuriro uca uratibuka uvuye mw’ijuru k’Uhoraho[1Abami 28:38] Mwibuke kwiyeza, Kwizera no gusengera muri Mpwemu.