Tumaze iminsi hari ibiziga vy’abantu biza biratogwa hirya no hino mu gihugu cacu. Ivyo bikerekana yuko hariho ububisha buteye ubgoba mu Barundi. Iyo atari ku mvo z’indyane z’imigambge, ni ubgicanyi bufatiye ku nzankano zo mu miryango amatongo n’ibindi.


Mu bihugu vyose vyo kw’isi turazi yuko habaho ubgicanyi bene ubgo buhagarara ahanini kubadandaza ibiyovyabgenge, amashari yo mu miryango n’ibindi. Ariko ababukora barafatwa kandi bagahanwa. Ivyo nivyo bituma ibgicanyi nkubgo bugabanuka.

Ibihugu vya Afrika vyovyo vyarimonogoje mu bgicanyi aho amareta yica abantu indiri bakabazikisha ibimashini vya rusenyura imisozi kakaba akamizwe n’ingoma kuko bavuga ngo ni abamenja maze rikijana. Akarorero kari mu vyabaye i Burundi, muri Congo no mu Rwanda ahatwegereye. Aha tuvuze hafi mugabo za Sudani , za Kameruni, za libiya, Afrika Yepfo ibara ryaraguye. Wokwiyumvira ingene mu mwaka wi 1972 mu Burundi, reta yari ihari yishe Abarundi bababa ibihumbi amajana atatu (300.000) mu minsi ijana (100) harimwo umwami, abashikiranganji, abashingamateka, abihebeye Imana, abaganga,…..gushika ku bana bakiri mu mashure mato bakabata mu binogo rusangi bakabarenza imisozi maze imyaka n’iyindi ikarengana, bamwe bakubaka amazi kuri utwo tuburi abandi bakahagira indimiro maze bigaherera aho.


Mu Burundi haciye vyinshi vyasinzikaje imitima bigasiga impfuvyi nyinshi kandi bikijana ni navyo vyasesereje abantu bigatuma benshi biroha mu bgicanyi. Harageze yuko imitima ikira, harageze yuko ukuri kuja ahabona umuntu wese akoze ikibi akagihanirwa maze ubgicanyi bugahagarara. Ukuzimanganya ukiremwa muntu bisigaye bisa n’ibintu bisanzwe kuko abantu babaye inyamaswa. Ivyo si abashikira ubutegetsi baciye mu matora y’ibigambge canke abatera igihugu biraba, si kandi n’abavuga yuko baserukira agateka ka muntu bazobikora. Guhindura ibintu biraba cane cane uwemera Imana wese, uwizeye Yesu Kristo yahawe umutima wo guhagararira ukuri. Imana itabare igihugu cacu c’Uburundi.